Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Once again Jesus entered the synagogue, and a man with a withered hand was there. Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko.
2 They watched closely to see if he'd heal the man on the Sabbath, to accuse Jesus. Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko barondera ico bofatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.
3 Jesus said to the man with the withered hand, "Stand up and come forward." Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’aba bantu bose.”
4 Then he asked them, "Is it lawful on the Sabbath to do good or to do harm, to save life or to kill?" But they stayed silent. Arababaza ati: “Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?” Ntihagira n’umwe amwishura.
5 He looked around at them in anger, grieved by their hardness of heart, and told the man, "Stretch out your hand." He stretched it out, and his hand was restored. Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Maze aca abwira uwo muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.
6 Then the Pharisees went out and immediately began plotting with the Herodians how they might destroy him. Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, y’ingene bokwica Yesu.
7 Jesus withdrew with his disciples to the sea; a large crowd from Galilee followed, and from Judea, Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga, maze abantu isinzi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,
8 from Jerusalem, Idumea, beyond the Jordan, and the region around Tyre and Sidon—hearing all he was doing, a great crowd came to him. i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya y’uruzi Yorodani no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni. Abo bose bamukurikiye kuko bumvise ibitangaza yakoze.
9 He told his disciples to keep a small boat ready, because of the crowd, so they wouldn't crush him. Nuko abwira abigishwa biwe ngo bamutegurire ubwato kugira ngo abantu ntibamugunde,
10 For he had healed so many that all who had diseases were pressing forward to touch him. kuko yari yakijije abantu benshi bituma abagwaye bandi barondera kumukorako.
11 Whenever the unclean spirits saw him, they fell before him, shouting, "You are the Son of God!" Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!”
12 But he firmly warned them not to reveal him. Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.
13 Jesus went up the mountain and called those he wanted; they came to him. Hanyuma Yesu aduga ku musozi ahamagara abo agomvye, na bo baza aho ari.
14 He appointed twelve, named apostles, so they could be with him and he could send them out to preach, Maze atoranyamwo cumi na babiri, abita intumwa, kugira ngo babane na we yongere abatume kuvuga Ubutumwa Bwiza;
15 and to have authority to drive out demons. abaha n’ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
16 These are the twelve he appointed: Simon, to whom he gave the name Peter; Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije: Simoni (uwo yise Petero);
17 James son of Zebedee, and John his brother, whom he named Boanerges, meaning Sons of Thunder; Yakobo na Yohana bene Zebedayo (na bo abita Bowanerige, bisigura “abana b’inkuba”),
18 Andrew, Philip, Bartholomew, Matthew, Thomas, James son of Alphaeus, Thaddaeus, Simon the Zealot, Andereya, Filipo, Baruteremi, Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni Umuzelote,
19 and Judas Iscariot, who betrayed him. na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
20 He went home; the crowd gathered again, so he and his disciples couldn't even eat. Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura.
21 When his family heard, they went out to restrain him, for they said, "He's out of his mind." Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bavuga bati: “Yasaze.”
22 The scribes who came down from Jerusalem said, "He has Beelzebul," and, "By the prince of demons he drives out demons." Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
23 So Jesus called them to him and spoke in parables: "How can Satan drive out Satan? Yesu arabahamagara ababwira mu migani ati: “Mbega Satani yokwirukana Satani gute?
24 If a kingdom is divided against itself, that kingdom cannot stand. Iyo ubwami bwiciyemwo ibice, buba bugiye gusenyuka.
25 And if a house is divided against itself, that house will not be able to stand. Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice, ntushobora kurama.
26 And if Satan opposes himself and is divided, he cannot stand; his end has come. Iyo Satani yigwanije akicamwo ibice, ntashobora guhagarara, ivyiwe biba biheze.
27 No one can enter a strong man's house and take his goods without first tying up the strong man—then he can plunder the house. Nta muntu yokwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha. Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe.
28 Truly I tell you, all sins and insults against God will be forgiven children of mankind, whatever they say, Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa.
29 but whoever blasphemes against the Holy Spirit never has forgiveness; they are guilty of an eternal sin," Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abiharirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira.”
30 for they were saying, "He has an unclean spirit." Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.
31 His mother and brothers arrived and, standing outside, sent to him, calling him. Nyina wa Yesu na bene nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara.
32 A crowd sat around him and said to him, "Look, your mother and your brothers are outside, asking for you." Abantu bari bamukikije baramubwira bati: “Nyoko na bene nyoko bari hanze kandi barakurondera.”
33 He answered them, "Who are my mother and my brothers?" Arababaza ati: “Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?”
34 Looking around at those sitting in a circle around him, he said, "Here are my mother and my brothers! Nuko yihweza abari bamukikije, avuga ati: “Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama.
35 Whoever does the will of our Father is my brother and sister and mother." Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]