Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A few days later, when Jesus came back to Capernaum, word spread that he was home. Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira.
2 So many gathered that there was no room left, not even at the door, and he was speaking the word to them. Abantu benshi bakoranira aho hantu haruzura ku buryo n’imbere y’umuryango ata kibanza cari kihasigaye.
3 Then some men came, bringing to him a paralyzed man carried by four of them. Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye.
4 Unable to bring him to Jesus because of the crowd, they removed the roof over him, dug through it, and lowered the mat the paralyzed man lay on. Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Baca basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko.
5 When Jesus saw their faith, he said to the paralyzed man, "Son, your sins are forgiven." Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
6 Now some of the scribes were sitting there, reasoning in their hearts, Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati:
7 "Why does this man speak this way? He is blaspheming! Who can forgive sins but God alone?" “Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?”
8 Immediately Jesus knew in his spirit they were reasoning this way within themselves, and said to them, "Why are you reasoning these things in your hearts? Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?
9 Which is easier—telling the paralyzed man, 'Your sins are forgiven,' or, 'Get up, take your mat, and walk'? Mbega icoroshe ni uko nobwira uwu muntu amugaye nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’?
10 But so you'll know the Son of Man has authority on earth to forgive sins"—he told the paralyzed man, Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko aca abwira uwo muntu ati:
11 "I say to you, get up, take your mat, and go home." “Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire.”
12 He got up, immediately took his mat, and went out before them all, so that everyone was amazed and praised our Father, saying, "We've never seen anything like this." Wa muntu aca arahaguruka, aterura inderuzo yiwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”
13 Jesus went out beside the sea again; the whole crowd came to him, and he taught them. Yesu yongera kuja ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya. Nuko abantu benshi baza aho ari na we atangura kubigisha.
14 Passing by, he saw Levi son of Alphaeus sitting at the tax booth and said, "Follow me." He got up and followed him. Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
15 While Jesus reclined at the table in Levi's house, many tax collectors and sinners reclined with Jesus and his disciples, since many were following him. Maze Yesu acicaye mu nzu kwa Lewi ngo bamuzimane, haza abatozakori n’abanyavyaha benshi basangira na Yesu n’abigishwa biwe; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo.
16 Seeing him eat with sinners and tax collectors, the Pharisees' scribes asked his disciples, "Why does he eat with tax collectors and sinners?" Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
17 Hearing this, Jesus said to them, "The healthy don't need a doctor, but the sick do. I didn't come to call the righteous, but sinners." Yesu avyumvise, abishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abanyavyaha.”
18 John's disciples and the Pharisees were fasting. They came and asked him, "Why do John's disciples and the Pharisees' disciples fast, but yours don't?" Ikindi gihe, abigishwa ba Yohana n’Abafarisayo bari bisonzesheje. Maze abantu baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana Umubatizi n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
19 Jesus said to them, "Can wedding guests fast while the bridegroom is with them? As long as they have the bridegroom with them, they cannot fast. Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!
20 But days will come when the bridegroom is taken from them; then, on that day, they will fast. Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe bazoheza bisonzeshe.
21 No one sews unshrunk cloth on an old garment; otherwise the new patch tears away from the old, and the tear worsens. Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose.
22 No one puts new wine into old wineskins; the wine bursts the skins, and both are ruined. New wine goes into new wineskins." Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma wa muntu akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.”
23 One Sabbath, he walked through the grainfields, and as they went, his disciples began picking heads of grain. Umusi umwe, ku musi w’Isabato, Yesu yariko aca mu mirima y’ingano ari kumwe n’abigishwa biwe. Bariko bararengana, abigishwa biwe bagenda baraca imitwe y’ingano zeze.
24 The Pharisees said to him, "Look, why are they doing what's not lawful on the Sabbath?" Abafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa bawe bakora ikizira ku musi w’Isabato?”
25 And he said to them, "Have you never read what David did when he was in need and hungry, he and those with him, Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje, ata co kurya bafise?
26 how he entered the house of our Father in the days of Abiathar the high priest, ate the bread of the Presence—which only priests may eat—and gave some to those with him?" Yinjiye mu nzu y’Imana, mu gihe c’umuherezi mukuru Abiyatari, arya imikate yashikaniwe Imana; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya; yongera ahako n’abari kumwe na we.”
27 And he said to them, "The Sabbath was made for people, not man for the Sabbath. Yesu aca arababwira ati: “Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo,
28 So the Son of Man is Lord even of the Sabbath." ni co gituma Umwana w’Umuntu ari na we Mwami w’Isabato.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]