Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The beginning of the gospel of Jesus Christ, the Son of our Father. Iyi ni yo ntango y’Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w’Imana.
2 As written in Isaiah the prophet: "Look, I send my messenger ahead of you, who will prepare your way. Bwatanguye nk’uko vyari vyaranditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya ngo: “Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe, igutegurire inzira”:
3 A voice calling out in the wilderness: 'Prepare the way of the Lord, make his paths straight.'" Uwo ni “Ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’ ”
4 John appeared, baptizing in the wilderness and proclaiming a baptism of repentance for the forgiveness of sins. Uko ni ko Yohana Umubatizi yaserutse mu bugaragwa yigisha umubatizo wo kwihana ngo abantu baharirwe ivyaha.
5 All Judea and everyone in Jerusalem went out to him, and he baptized them in the Jordan River as they confessed their sins. Abantu benshi baragenda bavuye mu ntara ya Yudaya no mu gisagara ca Yerusalemu bakaja iyo ari. Bamaze kwatura ivyaha vyabo, yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.
6 John was dressed in camel's hair, with a leather belt around his waist, eating locusts and wild honey. Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.
7 He announced: "After me comes one stronger than I; I'm not worthy to stoop and untie his sandal strap. Yigisha avuga ati: “Uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi ku buryo bitanambereye kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’ibirato vyiwe.
8 I have baptized you with water, but he will baptize you with the Holy Spirit." Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera.”
9 In those days Jesus came from Nazareth of Galilee and was baptized by John in the Jordan. Muri ico gihe, Yesu ava i Nazareti mu ntara y’i Galilaya, aja ku ruzi Yorodani, abatizwa na Yohana.
10 Immediately, as he came up out of the water, he saw the heavens split open and the Holy Spirit come down on him like a dove. Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.
11 And a voice came from heaven: "You are my beloved Son; in you I delight." Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, akampimbara.”
12 And immediately the Holy Spirit drove him out into the wilderness. Muri ako kanya nyene, Mpwemu Yera aca ajana Yesu mu bugaragwa,
13 He was in the wilderness forty days, tempted by Satan, with the wild animals, and the angels served him. ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Yabana n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi abamarayika bakaza bakamukorera.
14 Now after John was arrested, Jesus came into Galilee, proclaiming the gospel of our Father, Yohana amaze gutabwa mw’ibohero, Yesu aca aja i Galilaya avuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,
15 and saying, "The time is fulfilled, and our Father's kingdom is near; repent and believe the good news." ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”
16 Passing the Sea of Galilee, he saw Simon and his brother Andrew casting a net in the sea, for they were fishermen. Umusi umwe, Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, abona Simoni na mwene nyina Andereya, bariko baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi.
17 And Jesus said to them, "Follow me, and I will make you become fishers of people." Arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.”
18 And immediately they left their nets and followed him. Ubwo nyene baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
19 Going a little farther, he saw James son of Zebedee and John his brother in their boat, mending the nets. Yigiye imbere gato, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo bariko barasana insenga zabo mu bwato.
20 At once he called them; leaving their father Zebedee in the boat with the hired hands, they followed him. Ubwo nyene aca arabahamagara, na bo basiga se Zebedayo n’abakozi biwe mu bwato baramukurikira.
21 They went to Capernaum. At once, on the Sabbath, he entered the synagogue and began teaching. Nuko Yesu ajana na bo i Kaperinawumu. Umusi w’Isabato ushitse, yinjira mw’isinagogi arigisha.
22 They were amazed at his teaching, for he taught them with authority, not like the scribes. Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe.
23 And immediately there was in their synagogue a man with an unclean spirit, and he cried out. Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati:
24 Why meddle with us, Jesus of Nazareth? Have you come to destroy us? I know who you are—God's Holy One! “Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”
25 But Jesus rebuked him, saying, "Be silent, and come out of him!" Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!”
26 And the unclean spirit, convulsing him and crying out with a loud voice, came out of him. Ya mpwemu mbi ica iramujegeza hanyuma imuvamwo ivuza induru nyinshi.
27 All were amazed, and they questioned each other: "What is this? A new teaching with authority - he commands even the unclean spirits, and they obey him!" Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”
28 And at once his fame spread everywhere throughout all the surrounding region of Galilee. Maze inkuru ziwe zica zikwira mu ntara yose ya Galilaya.
29 Immediately he left the synagogue and went to Simon and Andrew's house, with James and John. Bavuye mw’isinagogi, Yesu aca ajana na Yakobo na Yohana i muhira kwa Simoni na Andereya.
30 Now Simon's mother-in-law lay sick with a fever, and immediately they told him about her. Bahashitse, baca babwira Yesu ko inabukwe wa Simoni ari ku buriri, agwaye kandi ashushe cane.
31 He came, took her hand, raised her up. The fever left her, and she served them. Nuko Yesu yegera aho ari, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.
32 That evening, when the sun set, they brought him all who were sick and those oppressed by demons. Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abagwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni.
33 And the whole city was gathered together at the door. Abantu bose bo muri ico gisagara bakoranira imbere y’umuryango yari arimwo.
34 He healed many sick with various diseases and drove out many demons, not letting the demons speak, since they knew him. Nuko Yesu akiza abantu benshi bari bagwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.
35 Long before dawn, while still dark, he got up, went out to a deserted place, and prayed there. Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera ahantu hiherereye.
36 And Simon and those who were with him searched for him, Maze Simoni n’abari kumwe na we baja kumurondera.
37 and they found him and said to him, "Everyone is looking for you." Bamubonye baramubwira bati: “Abantu bose bariko barakurondera.”
38 He said, "Let us go elsewhere, to the neighboring towns, so I can preach there too, for that is why I came." Na we arabishura ati: “Nimuze tuje mu yindi mihana yo hafi nje kwigishayo, kuko ari co canzanye.”
39 And he went throughout all Galilee, preaching in their synagogues and casting out demons. Nuko agendagenda mu ntara yose ya Galilaya, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.
40 A man with leprosy came, knelt, and begged him, "If you're willing, you can make me clean." Umuntu agwaye imibembe araza apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: “Ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”
41 Moved with deep compassion, he stretched out his hand, touched him, and said to him, "I am willing; be clean." Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!”
42 And immediately the leprosy left him, and he was made clean. Ubwo nyene ya mibembe ica iramuvako arahumanuka.
43 Sternly warning him, he sent him away at once, Yesu aca aramurungika, aramwihanikiriza ati:
44 and told him, "Make sure you tell no one—but go, show yourself to the priest, and offer what Moses commanded for your cleansing, as proof to the people." “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
45 But he went out, proclaiming it freely and spreading the news, so Jesus could no longer enter a town openly, but stayed in lonely places. Yet people came to him from everywhere. Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro, ahubwo aca aguma inyuma yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]