Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 They came to the other side of the sea, to the region of the Gerasenes. Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene.
2 As Jesus left the boat, a man with an unclean spirit met him at once, from the tombs. Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu mbi aza guhura na we avuye mu mva.
3 He lived among the tombs, and no one could bind him anymore, not even with a chain. Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo.
4 For he'd often been bound with shackles and chains, but tore the chains apart and shattered the shackles—no one had strength to subdue him. Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza.
5 Night and day, among the tombs and on the mountains, he cried out constantly, cutting himself with stones. Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.
6 And when he saw Jesus from a distance, he ran and fell down before him. Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe.
7 Shouting loudly, he said, "What do you want with me, Jesus, Son of the Most High God? I beg you by God, don't torment me!" Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”
8 For Jesus had been saying to him, "Come out of the man, you unclean spirit!" Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuyibwira ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”
9 Jesus asked, "What is your name?" "Legion," he said, "we are many." Yesu arayibaza ati: “Witwa nde?” Na yo iramwishura iti: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.”
10 He kept begging him not to send them out of the region. Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.
11 Now a great herd of pigs was feeding there on the hillside. Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi.
12 And they begged him, "Send us to the pigs; let us enter them." Abo badayimoni binginga Yesu bati: “Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.”
13 He gave permission. The unclean spirits came out and entered the pigs; the herd—about 2,000—rushed down the cliff into the sea and drowned in the sea. Nuko Yesu arazemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.
14 The herders fled and told it in town and country; people came to see what happened. Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye.
15 They came to Jesus and saw the man who had been possessed by the demons, the one who'd had the legion, sitting there, dressed and thinking clearly—and they were afraid. Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni benshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba.
16 Eyewitnesses told them what had happened to the demon-possessed man, and about the pigs. Ababonye uko vyagenze baca babiganira ivyabaye kuri wa muntu yari aboshwe n’abadayimoni no kuri za ngurube.
17 And they began to beg Jesus to leave their region. Maze abo bantu binginga Yesu ngo abavire mu ntara.
18 As he was getting into the boat, the once-possessed man begged to be with him. Yesu ariko arurira mu bwato, wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni aramwinginga ngo bajane.
19 But Jesus refused, telling him instead, "Go home to your own people and tell them how much our Father has done for you, and how he has had mercy on you." Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: “Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi.”
20 He went and began proclaiming in the Decapolis all Jesus had done for him, and everyone was amazed. Wa muntu aca arataha ageze i Dekapolisi, atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.
21 When Jesus crossed again by boat to the other side, a large crowd gathered around him by the sea. Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari.
22 One of the synagogue leaders, named Jairus, came, saw Jesus, and fell at his feet, Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe,
23 and begged him urgently, "My little daughter is dying. Come, lay your hands on her, so she may be healed and live." aramutakambira ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.”
24 So Jesus went with him. And a great crowd followed him and pressed around him. Nuko Yesu ajana na we. Kandi hari abantu benshi bari bamukurikiye, bamubanda.
25 And there was a woman with a discharge of blood that had gone on for twelve years. Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso.
26 She had suffered much under many doctors, spent all she owned, gained nothing, and only grew worse. Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba.
27 Hearing about Jesus, she came up behind him in the crowd and touched his cloak. Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe,
28 For she kept saying, "If I just touch his garments, I will be made well." kuko yibwira ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”
29 Her flow of blood dried up instantly, and she felt in her body that she was healed of her suffering. Ubwo nyene kwa kuva amaraso kurahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.
30 At once Jesus, aware that power had left him, turned around in the crowd and asked, "Who touched my clothes?" Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje?”
31 His disciples said to him, "You see the crowd crushing you, yet you ask, 'Who touched me?'" Abigishwa biwe baramwishura bati: “Abantu bariko barakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: ‘Ni nde ankozeko?’ ”
32 And he looked around to see who had done it. Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko.
33 But the woman, afraid and trembling, knowing what had happened to her, came, fell before him, and told him the whole truth. Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose.
34 He told her, "Daughter, your faith made you well. Go in peace, healed of your suffering." Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”
35 While he was still speaking, people came from the synagogue leader's house, saying, "Your daughter has died. Why bother the Teacher any longer?" Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, bamubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”
36 But Jesus overheard what they said and told the synagogue leader, "Don't fear, only believe." Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, wizere gusa.”
37 And he allowed no one to follow him except Peter, James, and John the brother of James. Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.
38 They came to the synagogue leader's house and Jesus saw chaos—people weeping, wailing loudly. Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bakoma induru n’ijwi rirenga.
39 Entering, he said to them, "Why this commotion and crying? The child isn't dead, just asleep." Nuko arinjira, ababwira ati: “Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye.”
40 They laughed at him. But he sent them all out, took the child's father and mother and his companions, and entered where the child was. Ba bantu baramutwenga. Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari.
41 He took her hand and said to her, "Talitha koum," which means, "Little girl, I say to you, get up!" Amufata ukuboko amubwira ati: “Talita kumi!” bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”
42 At once the girl got up and walked—for she was twelve—and they were instantly overwhelmed with great amazement. Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda; yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri. Babonye ibibaye, bose baratangara cane.
43 He strictly ordered them to tell no one of this, and said to give her something to eat. Maze Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]