Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days Caesar Augustus issued a decree to register the whole inhabited world. Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.
2 This was the first registration, when Quirinius was governor of Syria. Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kiriniyusi yatwara intara ya Siriya.
3 Everyone went to be registered, each to his own town. Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.
4 Joseph too went up from Galilee, from the town of Nazareth, to Judea, to the city of David called Bethlehem, since he belonged to David's house and family, Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi.
5 to be registered with Mary, his fiancée, who was expecting a child. Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze.
6 While they were there, the time came for her to give birth. Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera,
7 She gave birth to her firstborn son, wrapped him in cloths, and laid him in a manger, because the inn had no place for them. maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.
8 Shepherds were in that same region, staying out in the fields, keeping watch over their flock by night. Muri ako karere hari abungere bama barara mu gahinga baraririye imikuku y’ibitungwa vyabo.
9 An angel of our Father stood before them; the glory of our Father shone around them, and great fear seized them. Umumarayika w’Umwami Imana arabiyereka, ubwiza bw’Umwami Imana bubakayanganira impande zose, na bo baterwa n’ubwoba bwinshi cane.
10 The angel told them, "Don't be afraid—I bring good news of great joy for everyone: Uwo mumarayika aca ababwira ati: “Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose.
11 Today in the city of David, a Savior was born to you—Christ the Lord. Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.
12 This is your sign: you'll find a baby wrapped in cloths, lying in a manger." Iki ni co kizobabera ikimenyetso: muzosanga uruyoya ruzingiriweko impuzu, ruryamitswe mu bwato inka ziriramwo.”
13 Suddenly there was with the angel a multitude of the heavenly host, praising our Father and saying, Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi cane zo mw’ijuru zifatanya n’uwo mumarayika, zihimbaza Imana ziti:
14 "Glory to our Father in the highest, and on earth peace among those with whom he is pleased!" “Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”
15 When the angels left them for heaven, the shepherds said to each other, "Let's go straight to Bethlehem and see this thing that has happened, which our Father has made known to us." Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: “Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye.”
16 They hurried off and found Mary and Joseph, and the baby lying in the manger. Baca bagenda bihuta, basangaho Mariya na Yosefu, n’umwana aryamye mu bwato inka ziriramwo.
17 When they saw him, they made known what had been told them about this child. Bamubonye baca babwira bose ivyo babwiwe kuri uwo mwana,
18 All who heard were amazed at what the shepherds told them. kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane.
19 But Mary treasured up all these things, pondering them in her heart. Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane.
20 The shepherds returned, glorifying and praising our Father for all they'd heard and seen, just as they were told. Ba bungere na bo basubira inyuma bahimbaza Imana bongera bayitazira kubera ivyo bumvise n’ivyo babonye, kuko basanze bimeze nk’uko bari babibwiwe.
21 When eight days for his circumcision were complete, he was named Jesus, the name the angel gave before he was conceived in the womb. Ku musi ugira umunani, bahejeje gukeba uwo mwana, bamwita Yesu, nk’uko umumarayika yari yarabwiye Mariya imbere y’uko asama inda yiwe.
22 When their days of purification under the Law of Moses ended, they brought him up to Jerusalem to present him to our Father, Igihe c’imigenzo yo guhumanurwa kigeze, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabitegekanya, Yosefu na Mariya badugana Yesu i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana.
23 (as it is written in our Father's Law, "Every firstborn male will be called holy to our Father"), Nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho, “Umuhungu wese w’imfura yategerezwa kwegurirwa Uhoraho”.
24 and to offer a sacrifice as the Law of our Father says: a pair of turtledoves or two young pigeons. Nuko Yosefu na Mariya baca batanga ikimazi nk’uko ivyo Vyagezwe vy’Uhoraho vyabitegekanya: “inyoni zitwa intunguru zibiri canke inuma zikiri nto zibiri.”
25 In Jerusalem lived a man named Simeon, righteous and devout, waiting for Israel's comfort, with the Holy Spirit on him. I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.
26 The Holy Spirit had revealed to him he wouldn't die before seeing our Father's Christ. Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo yasezeranywe n’Umwami Imana.
27 Prompted by the Spirit, he entered the temple. As the parents brought in the child Jesus to do for him what the Law required, Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we,
28 Simeon took him up in his arms and blessed our Father, saying, Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati:
29 "Sovereign Father, now you are letting your servant depart in peace, according to your word. “Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye, urasezeye umusavyi wawe amahoro.
30 For my eyes have seen your salvation, Kuko amaso yanje yiboneye agakiza,
31 which you have prepared in the presence of all peoples: ako wateguriye amahanga yose.
32 a light for revelation to the Gentiles, and for glory to your people Israel." Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”
33 His father and mother were amazed at what was said about him. Abavyeyi b’uwo mwana batangazwa cane n’ayo majambo amuvuzeko.
34 And Simeon blessed them and told Mary, his mother, "This child is appointed for the fall and rising of many in Israel, and to be a sign that is opposed, Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya.
35 and a sword will pierce through your own soul also—so that thoughts from many hearts may be revealed." Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi na wewe nyene, inkota izogusogota mu mutima.”
36 Also there was Anna, a woman prophet, daughter of Phanuel of Asher's tribe, very old, having lived with her husband seven years after her virginity, Hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa,
37 and a widow until eighty-four, never leaving the temple, worshiping with fasting and prayer night and day. akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.
38 Coming up at that same hour, she gave thanks to our Father and spoke of the child to all awaiting Jerusalem's redemption. Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana.
39 When they finished everything required by our Father's Law, they returned to Galilee, to their own town of Nazareth. Yosefu na Mariya bahejeje gukora ibitegekanijwe n’Ivyagezwe vy’Uhoraho, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti.
40 The child grew, becoming strong, filled with wisdom, and our Father's favor was on him. Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we.
41 Now his parents went to Jerusalem every year at the Feast of Passover. Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.
42 When he was twelve years old, they went up according to the custom of the feast. Yesu amaze imyaka cumi n’ibiri, ajana na bo muri iyo misi mikuru nk’uko vyari bisanzwe.
43 When the festival ended and they left for home, the boy Jesus stayed behind in Jerusalem, unknown to his parents. Imisi mikuru irangiye, abavyeyi biwe barataha, ariko uwo mwana Yesu asigara i Yerusalemu, yamara abavyeyi biwe ntibabimenya.
44 Thinking he was in the group, they traveled a day's journey, then searched for him among relatives and acquaintances. Nuko bamara umusi wose bagenda, bibaza ko umwana yoba ari mu bandi bari bafatanije urugendo. Mu nyuma batangura kumuronderera mu ncuti n’abagenzi.
45 When they did not find him, they returned to Jerusalem, searching for him. Bamubuze, basubira i Yerusalemu kumurondererayo.
46 After three days they found him in the temple, sitting among the teachers, listening to them and asking them questions. Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.
47 All who heard him were amazed at his understanding and his answers. Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.
48 When his parents saw him, they were astonished. His mother said, "Child, why have you done this to us? Look, your father and I have been anguished, searching for you." Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.”
49 He said to them, "Why were you searching for me? Didn't you know I must be in my Father's house?" Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?”
50 But they did not understand the saying that he spoke to them. Ariko ntibatahura ico ababwiye.
51 Then he went down with them and came to Nazareth, remaining obedient to them. His mother kept all these things in her heart. Maze baca basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.
52 Jesus increased in wisdom and stature and in favor with our Father and with people. Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]