Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Tiberius Caesar's fifteenth year, when Pontius Pilate was governor of Judea, Herod was tetrarch of Galilee, his brother Philip of the region of Ituraea and Trachonitis, and Lysanias of Abilene, Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato na we ari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa akaba umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana yitwa Filipo na we agatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, hanyuma uwundi yitwa Lusaniya na we agatwara intara ya Abilene,
2 under high priests Annas and Caiaphas, our Father's word came to John son of Zechariah in the wilderness. Anasi na Kayafa na bo bakaba ari abaherezi bakuru. Ico gihe ni ho ijambo ry’Imana ryaza kuri Yohana mwene Zakariya ari mu bugaragwa.
3 He went through the whole Jordan region, preaching a baptism of repentance for the forgiveness of sins, Nuko Yohana aja mu turere twose two hakurya no hakuno y’uruzi Yorodani, yigisha abantu umubatizo wo kwihana kugira ngo baharirwe ivyaha vyabo.
4 as it is written in the book of the words of Isaiah the prophet: "A voice of one calling in the wilderness: Prepare the way for the Lord, make his paths straight. Ivyo vyari vyaranditswe mu gitabu c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, aho yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo!
5 Every valley will be filled in, and every mountain and hill made low. The crooked roads will become straight, and the rough ways smooth, Imyonga yose izokwuzuzwa iringanire, imisozi n’udutumba vyose bizosenwa. Amabarabara atagororotse azogororwa, n’inzira zisivye zizosiburwa, ziringanizwe.
6 and all flesh will see the salvation of our Father." Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”
7 John said then to the crowds coming to be baptized by him: "You brood of vipers! Who warned you to flee the coming wrath? Maze abantu benshi baja iyo Yohana ari ngo ababatize. Arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?
8 So produce fruit worthy of repentance. Don't start telling yourselves, 'We have Abraham as our father.' For I tell you, our Father can raise up children for Abraham from these stones. Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.
9 Already the axe lies at the root of the trees; every tree not bearing good fruit is cut down and thrown into the fire." Mbere incabiti ibanguriwe kw’imerero ry’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.”
10 And the crowds asked him, "What then should we do?" Abantu benshi bari ngaho baramubaza bati: “None dukore iki?”
11 He replied, "Whoever has two shirts, share with the one who has none; whoever has food, do the same." Yohana arabishura ati: “Uwufise imyambaro ibiri y’impuzu, nahe umwambaro umwe uwudafise n’umwe, n’uwufise ivyokurya nagire gutyo nyene.”
12 Tax collectors also came to be baptized, and they said to him, "Teacher, what should we do?" Abatozakori na bo baraza ngo ababatize. Baramubaza bati: “Mwigisha, dukore iki?”
13 "Collect no more than you are required to," he told them. Arabishura ati: “Ntimugatoze ibirengeye ivyemewe n’amategeko.”
14 Soldiers also asked him, "And us—what should we do?" He said to them, "Don't extort anyone by force or false charges; be satisfied with your wages." Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”
15 The people were expectant, all wondering in their hearts whether John himself might be the Christ. Kubera abantu bari biteze cane ukuza kwa Kristo, bagumye bibaza mu mitima ku vyerekeye Yohana ko yoba ari we Kristo.
16 John answered them all, "I baptize you with water. But one stronger than I is coming—I'm not worthy to untie his sandal strap. He will baptize you with the Holy Spirit and fire. Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.
17 Winnowing fork in hand, he will clear his threshing floor, gather the wheat into his barn, but burn the chaff with fire that can't be put out." Afise urutaro rwo kugosora mu minwe. Azokubura ikibanza co gusekuriramwo, ahejeje kugosora, azokwegeraniriza ingano mu kigega, umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”
18 And with many other words of exhortation, John proclaimed the good news to the people. Nuko Yohana abandanya abwira abantu Ubutumwa Bwiza burimwo amajambo menshi yo kubatera intege.
19 But John confronted Herod the tetrarch about Herodias, his brother's wife, and about all the evil Herod had done, Ariko Yohana amaze kwagiriza ku mugaragaro Herode Antipa icaha co kurongora Herodiya, kandi yari asanzwe ari umugore w’uwo bavukana, akavuga n’ibindi bibi vyinshi yakoze,
20 Herod added this to all the rest: he locked John up in prison. Herode yaciye yongerako ikindi caha co gushira Yohana mw’ibohero.
21 When all the people were baptized, Jesus was baptized too. As he prayed, heaven opened, Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,
22 and the Holy Spirit descended on him in bodily form like a dove. And a voice came from heaven: "You are my beloved Son; in you I delight." Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda akampimbara.”
23 Jesus was about thirty when he began his ministry, the son—so it was thought—of Joseph, son of Heli, Igihe Yesu yatangura igikorwa ciwe yari amaze hafi imyaka mirongo itatu. Abantu benshi bibaza ko Yesu ari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,
24 the son of Matthat, the son of Levi, the son of Melchi, the son of Jannai, the son of Joseph, Heli mwene Matati, Matati mwene Lewi, Lewi mwene Meliki, Meliki mwene Yanayi, Yanayi mwene Yosefu,
25 the son of Mattathias, the son of Amos, the son of Nahum, the son of Esli, the son of Naggai, Yosefu mwene Matatiya, Matatiya mwene Amosi, Amosi mwene Nahumu, Nahumu mwene Esili, Esili mwene Nagayi,
26 the son of Maath, the son of Mattathias, the son of Semein, the son of Josech, the son of Joda, Nagayi mwene Mayati, Mayati mwene Matatiya, Matatiya mwene Semeyini, Semeyini mwene Yoseki, Yoseki mwene Yoda,
27 the son of Joanan, the son of Rhesa, the son of Zerubbabel, the son of Shealtiel, the son of Neri, Yoda mwene Yohanani, Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri,
28 the son of Melchi, the son of Addi, the son of Cosam, the son of Elmadam, the son of Er, Neri mwene Meliki, Meliki mwene Hadi, Hadi mwene Kosamu, Kosamu mwene Elumadamu, Elumadamu mwene Eri,
29 the son of Joshua, the son of Eliezer, the son of Jorim, the son of Matthat, the son of Levi, Eri mwene Yosuwa, Yosuwa mwene Eliyazeri, Eliyazeri mwene Yorimu, Yorimu mwene Matati, Matati mwene Lewi,
30 the son of Simeon, the son of Judah, the son of Joseph, the son of Jonam, the son of Eliakim, Lewi mwene Simeyoni, Simeyoni mwene Yuda, Yuda mwene Yosefu, Yosefu mwene Yonamu, Yonamu mwene Eliyakimu,
31 the son of Melea, the son of Menna, the son of Mattatha, the son of Nathan, the son of David, Eliyakimu mwene Meleya, Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi,
32 the son of Jesse, the son of Obed, the son of Boaz, the son of Salmon, the son of Nahshon, Dawidi mwene Isayi, Isayi mwene Obedi, Obedi mwene Bowazi, Bowazi mwene Salumoni, Salumoni mwene Nahashoni,
33 the son of Amminadab, the son of Admin, the son of Arni, the son of Hezron, the son of Perez, the son of Judah, Nahashoni mwene Aminadabu, Aminadabu mwene Ramu, Ramu mwene Hezironi, Hezironi mwene Peresi, Peresi mwene Yuda,
34 the son of Jacob, the son of Isaac, the son of Abraham, the son of Terah, the son of Nahor, Yuda mwene Yakobo, Yakobo mwene Isaka, Isaka mwene Aburahamu, Aburahamu mwene Tera, Tera mwene Nahori,
35 the son of Serug, the son of Reu, the son of Peleg, the son of Eber, the son of Shelah, Nahori mwene Serugi, Serugi mwene Reyu, Reyu mwene Pelegi, Pelegi mwene Eberi, Eberi mwene Shela,
36 the son of Cainan, the son of Arphaxad, the son of Shem, the son of Noah, the son of Lamech, Shela mwene Kayinani, Kayinani mwene Arupakisadi, Arupakisadi mwene Shemu, Shemu mwene Nowa, Nowa mwene Lameki,
37 the son of Methuselah, the son of Enoch, the son of Jared, the son of Mahalalel, the son of Cainan, Lameki mwene Metusela, Metusela mwene Enoki, Enoki mwene Yeredi, Yeredi mwene Mahalaleli, Mahalaleli mwene Kenani,
38 the son of Enosh, the son of Seth, the son of Adam, the son of our Father. Kenani mwene Enoshi, Enoshi mwene Seti, Seti mwene Adamu, Adamu akomoka ku Mana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]