Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Since many have undertaken to compile an ordered account of what has been accomplished among us. Abantu benshi baragerageje kwandika inkuru z’ivyabereye hagati muri twebwe,
2 Just as eyewitnesses from the beginning and servants of the word handed these accounts to us, nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza.
3 I too, having traced everything accurately from the start, decided to write it in order for you, most excellent Theophilus, Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,
4 so that you may know the certainty of the things you have been taught. kugira ngo umenye udakekeranya ko inyigisho wakiriye ari iz’ukuri.
5 In the days of Herod, king of Judea, a priest named Zechariah was in Abijah's priestly division. His wife Elizabeth descended from Aaron. Igihe Herode yari umwami w’i Yudaya, hari umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi w’abaherezi bitirirwa Abiya. Umugore wiwe yitwa Elizabeti, na we akaba yakomoka mu muryango wa Aroni.
6 They were both righteous before our Father, walking blamelessly in all his commandments and ordinances. Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.
7 But they had no child, because Elizabeth was barren, and both were very old. Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti atavyara, kandi bompi bari bashaje cane.
8 Now while he was serving as priest before our Father when his division was on duty, Umusi umwe, Zakariya yariko arakora igikorwa ciwe c’ubuherezi mu Ngoro y’Imana, kuko umugwi wiwe ari wo wari uramukiwe.
9 by priestly custom, lot chose him to enter his sanctuary and burn incense. Yari yatowe hakoreshejwe ubupfindo nk’uko umugenzo w’ubuherezi wabitegekanya mu guhitamwo uwinjira mu rusengero rw’Umwami Imana guturira ibimota neza.
10 And the whole crowd of the people were praying outside at the hour of incense. Igihe co guturira ivyo bimota neza kigeze, abari ngaho bose bariko basengera hanze.
11 Then an angel of our Father appeared to him, standing at the right of the altar of incense. Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro baturirirako ibimota neza.
12 Zechariah was shaken when he saw him, and fear came over him. Zakariya amubonye afatwa n’ubwoba bwinshi.
13 The angel said to him, "Don't be afraid, Zechariah—your prayer has been heard. Your wife Elizabeth will bear you a son; name him John. Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.
14 You will have joy and gladness; many will rejoice at his birth. Uwo mwana azogutera kunezerwa no guhimbarwa, kandi ivuka ryiwe rizonezereza benshi,
15 He will be great before our Father, must never drink wine or other alcoholic drinks, and he will be filled with the Holy Spirit even from his mother's womb. kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.
16 And he will turn many of the children of Israel back to their Father. Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.
17 He will go before our Father in Elijah's spirit and power, turning fathers' hearts to their children, and the disobedient to the wisdom of the righteous, to prepare a people ready for our Father." Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”
18 Zechariah said to the angel, "How will I know this? I'm old, and my wife is well along in years." Zakariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”
19 The angel answered him, "I am Gabriel, who stands in our Father's presence, sent to speak to you and bring you this good news. Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza.
20 And now you will be silent, unable to speak, until the day these things happen, because you did not believe my words, which will come true in their time." Kuva ubu, ugiye kuba ikiragi, ntuzosubira kuvuga kugeza uwo mwana avutse, kuko utizeye ivyo ndakubwiye. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze.”
21 Meanwhile the people waited for Zechariah, wondering why he stayed so long in the sanctuary. Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye akamara mu rusengero umwanya munini.
22 When he came out, he could not speak to them, and they knew he had seen a vision in the sanctuary. He kept motioning to them and stayed mute. Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.
23 And when his days of service were ended, he went home. Ikiringo c’ibikorwa vyiwe vy’ubuherezi kirangiye, asubira i muhira.
24 After these days his wife Elizabeth became pregnant, and for five months she kept herself hidden, saying, Haheze imisi, umugore wiwe Elizabeti asama inda, aca amara amezi atanu ataja ahabona. Avuga ati:
25 "This is what our Father did for me, in the days he looked on me, to remove my disgrace among people." “Ehe ivyiza Umwami Imana yankoreye! Muri iki gihe, yangiriye ubuntu ankurako ibiteterwe mu bantu.”
26 In month six our Father sent the angel Gabriel to a Galilee town called Nazareth, Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti,
27 to a virgin engaged to a man named Joseph, of the house of David; the virgin's name was Mary. ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi.
28 And he came to her and said, "Greetings, favored one! Our Father is with you." Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: “Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we.”
29 But she was greatly troubled by his words, and wondered what kind of greeting this might be. Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura.
30 The angel said to her, "Don't be afraid, Mary, for you have found favor with our Father. Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: “Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana.
31 You will conceive in your womb and bear a son, and you will call his name Jesus. Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.
32 He will be great and called Son of the Most High, and our Father will give him the throne of his father David, Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi,
33 and he will reign over Jacob's house forever; his kingdom will never end." kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”
34 And Mary said to the angel, "How will this be, since I am a virgin?" Mariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?”
35 The angel answered her, "The Holy Spirit will come over you, and the Most High's power will shadow you; so the holy child born will be called the Son of our Father. Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.
36 Look, your relative Elizabeth has also conceived a son in her old age—this is the sixth month for her called barren. Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze,
37 For nothing will be impossible with our Father." kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha.”
38 Mary said, "I am the servant of our Father; let it happen to me as you said." Then the angel left her. Mariya aramwishura ati: “Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze.” Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.
39 In those days Mary got up and hurried to the hill country, to a town in Judah, Muri iyo misi, Mariya aritegura, aduga yihuta aja mu misozi y’i Yudaya, mu gisagara,
40 and she entered the house of Zechariah and greeted Elizabeth. Zakariya yabamwo. Ashitse, aramutsa umugore wiwe Elizabeti.
41 When Elizabeth heard Mary's greeting, her baby leaped in her womb, and she was filled with the Holy Spirit. Na we yumvise indamukanyo ya Mariya, umwana yari mu nda yiwe ariginagura. Elizabeti aca yuzuzwa Mpwemu Yera,
42 She cried out with a loud voice, "Blessed are you among women, blessed is the fruit of your womb! avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe.
43 And why is this granted to me, that the mother of my Lord should come to me? Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere?
44 For the moment I heard your greeting, the baby in my womb leaped for joy. Nabaye ncumva indamukanyo yawe, umwana ari mu nda aca ariginagura kubera umunezero.
45 Blessed is she who believed that there would be a fulfillment of what our Father spoke to her." Urahiriwe kuko wizeye ko ivyo Umwami Imana yavuze bizoshika.”
46 And Mary said, "My soul magnifies our Father, Mariya aravuga ati: “Umutima wanje urahimbaza Umwami Imana,
47 and my spirit rejoices in our Father, my Savior, kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,
48 for he has looked on the humble estate of his servant. For from now on all generations will call me blessed; kuko yibutse umusavyikazi wayo muto. Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,
49 for the Mighty One has done great things for me, and holy is his name. kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye, izina ryayo ni iryera.
50 And his mercy is for those who fear him from generation to generation. Igirira imbabazi abayubaha, uko uruganwe rukurikirana n’urundi.
51 He has shown strength with his arm; he has scattered the proud in the thoughts of their hearts; Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi; yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.
52 he has brought down the mighty from their thrones and lifted up the humble; Yakuye abatware ku ntebe z’inganji, ishira hejuru abaciye bugufi.
53 he has filled the hungry with good things, and the rich he has sent away empty. Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.
54 He has helped his servant Israel, in remembrance of his mercy, Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli, yibuka kugirira imbabazi
55 just as he spoke to our fathers, to Abraham and to his offspring forever." Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose, nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza.”
56 And Mary remained with her about three months and then returned to her home. Nuko Mariya amarana na Elizabeti amezi nk’atatu, araheza arataha.
57 Now the time came for Elizabeth to give birth, and she bore a son. Igihe ciwe co kwibaruka kigeze, Elizabeti yibaruka umwana w’umuhungu.
58 Her neighbors and relatives heard our Father had shown her great mercy, and rejoiced with her. Incuti n’ababanyi bumvise ko Umwami Imana yamugiriye ubuntu, banezeranwa na we.
59 On the eighth day they came to circumcise the child, and were going to call him Zechariah after his father, Umwana amaze imisi umunani, bamujana kumukeba. Bagira bamwite izina rya se Zakariya,
60 but his mother answered, "No; he will be called John." nyina arahakana, avuga ati: “Oya, izina ryiwe ni Yohana.”
61 And they said to her, "None of your relatives is called by this name." Na bo baramubwira bati: “None ko ata n’umwe wo mu muryango wanyu yitwa iryo zina!”
62 And they made signs to his father, asking what Zechariah wanted the child to be called. Baca babaza se bakoresheje ibimenyetso ngo ababwire izina ashaka ko bita umwana wiwe.
63 He asked for a tablet and wrote, "His name is John." And everyone was amazed. Zakariya aca asaba ico kwandikako, yandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.” Bose baratangara.
64 And immediately his mouth was opened and his tongue loosed, and he spoke, blessing our Father. Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana.
65 Fear fell on all their neighbors, and all these things were talked about throughout Judea's hill country. Abari aho bose bafatwa n’ubwoba, kandi iyo nkuru yamamara mu misozi yose y’i Yudaya.
66 And all who heard kept these things in their hearts, saying, "What then will this child become?" For our Father's hand was with him. Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko vyaraboneka ko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.
67 And his father Zechariah was filled with the Holy Spirit and prophesied, saying, Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:
68 "Blessed be our Father of Israel, for he has visited and redeemed his people, “Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.
69 and has raised up a mighty Savior for us in the house of his servant David, Iduhagurukirije Umukiza ahambaye mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo
70 as he spoke through the mouth of his holy prophets long ago, nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera,
71 that we should be saved from our enemies and from the hand of all who hate us; izodukiza abansi bacu, iturokore no mu maboko y’abatwanka.
72 to show the mercy promised to our fathers and to remember his holy covenant, Yagiriye imbabazi ba sogokuruza, yibuka isezerano ryayo ryera,
73 the oath that he swore to our father Abraham, to grant us, ari yo ndahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu;
74 that we, being delivered from the hand of our enemies, might serve him without fear, ko izodukiza agahahazo k’abansi bacu, ikadushoboza kuyikorera ata bwoba,
75 in holiness and righteousness before him all our days. mu kwera no mu kuyigororokera imisi yose yo kubaho kwacu.
76 And you, child, will be called the prophet of the Most High; for you will go before the Lord to prepare his ways, Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.
77 to give his people the knowledge of salvation through the forgiveness of their sins, Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza kava mu guharirwa ivyaha vyabo.
78 because of the tender mercy of our Father, by which the sunrise from on high will visit us, Kubw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu, umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,
79 to give light to those who sit in darkness and in the shadow of death, to guide our feet into the way of peace." kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”
80 The child grew, became strong in spirit, and lived in the wilderness until the day he appeared publicly to Israel. Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]