Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
2 "If anyone sins, unfaithful to your Father, by deceiving his neighbor about a deposit, a pledge, or stolen goods, or by cheating him, “Umuntu niyacumura k’Uhoraho mu guhemukira umubanyi wiwe, nk’akarorero akabesha ku vyerekeye ikintu yamugwatirije, yamutijije, yamwivye canke yamurenganije,
3 or if he finds lost property and lies about it, swearing falsely—any such act by which a person sins. canke agatora ivyatakaye hanyuma ntamubwize ukuri ariko akarahira abesha, canke na ho agakora icaha co kuba icabona c’ibinyoma aho kuvugisha ukuri, canke agakora icaha ico ari co cose gisa n’ivyo;
4 When he sins and is guilty, he must return what he stole, or extorted, or the deposit entrusted to him, or the lost item he found, niyacumura mu buryo na bumwe muri ubwo, azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza. Aze asubize ico yivye canke yatwaye ku karenganyo, canke yari yagwatirijwe canke icari catakaye yatoye,
5 or whatever he swore falsely about, he must repay it in full, add a fifth to it, and give it to its owner on the day he admits his guilt. canke ico yari yarahiriye ibinyoma. Aze agisubize nyene co cose gikwiye, yongereko ica gatanu c’igiciro caco. Azogitange ku musi wo gutangirako ikimazi co gutunganya.
6 He must bring his guilt offering to your Father: a ram without defect from the flock, at your valuation, as a guilt offering, to the priest. Mu gutanga ico kimazi c’indishi k’Uhoraho, aze ashire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembwa ivuye mu mukuku kandi ifise igiciro gikwiranye n’iyo ndishi.
7 The priest will atone for him before your Father, and he'll be forgiven for whatever he did that made him guilty." Uko azobe ari ko umuherezi amutangira ikimazi imbere y’Uhoraho, na we azobabarirwa ku co yakoze catumye aba uwo gutsindwa n’urubanza.”
8 Then our Father spoke to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
9 "Command Aaron and his sons: This is the law for the burnt offering. It stays on the altar's hearth all night until morning, and the altar fire must keep burning on it. “Barira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Aya ni yo mabwirizwa agenga ibimazi vyo guturirwa: Ikimazi co guturirwa kize kigume ku gicaniro ijoro ryose gushika mu gitondo, kandi umuriro uze ugume waka ku gicaniro.
10 The priest is to wear his linen garment, with linen undergarments against his skin, then remove the ashes left after the fire consumes the burnt offering on the altar, and place them beside the altar. Umuherezi aze yambare impuzu ziwe zera, n’impuzu zo musi zera, hanyuma akure umunyota w’ico kimazi camaze guturirwa n’umuriro ku gicaniro awushire i ruhande y’igicaniro.
11 Then he removes his garments, puts on others, and carries the ashes outside the camp to a clean place. Maze azoce akura za mpuzu yambare izindi, hanyuma asohore wa munyota awujane inyuma y’aho mucumbitse awushire mu kibanza kidahumanye.
12 The altar fire must keep burning; it must not go out. Every morning the priest adds wood on it, arranges the burnt offering on it, and burns the fat of the peace offerings on it. Umuriro wo ku gicaniro uze ugume waka, ntuze uzime. Mu gitondo umuherezi aze yame yongerako inkwi yongere ashireko ikimazi co guturirwa, aturire n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe.
13 The fire must be kept burning on the altar continually; it must not go out. Umuriro uze ugume waka ku gicaniro, ntuze uzime.
14 "This is the law of the grain offering: Aaron's sons must bring it before your Father, in front of the altar. Ibi ni vyo vyashinzwe ngo bigenge ishikanwa ry’ivyimburwa bivamwo ifu: Aroni n’abahungu biwe baze barishikanire Uhoraho imbere y’igicaniro.
15 The priest takes a handful of the grain offering's fine flour and oil, with all its frankincense, and burns this memorial portion on the altar as a pleasing aroma to your Father. Umuherezi aze ayore urushi rw’ifu inoze neza ayivange n’amavuta ya elayo hamwe n’ibimota neza, abijane ku gicaniro, hanyuma aturirire ku gicaniro ako gace kugira ngo kabe icibutso, ubumote bwiza bunezera Uhoraho.
16 Aaron and his sons eat what remains; it must be eaten without yeast in a holy place, eaten in the courtyard of the tent of meeting. Aroni n’abahungu biwe baze barye iyisigaye, ariko baze bayirye batayivanze n’umwambiro kandi bayirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’Ihema ry’Ibonaniro.
17 Do not bake it with yeast. I've given it as their share of my food offerings, like the sin and guilt offerings; it is most holy. Ntize ikaranganwe n’umwambiro. Ndayibahaye nk’umugabane wabo kuri ayo mashikanwa banshikanira. Nk’uko biri ku kimazi c’ivyaha n’ikimazi c’indishi, ico kimazi kizoba icejejwe cane.
18 Every male of Aaron's descendants may eat it—a lasting portion through your generations from your Father's food offerings. Whatever touches them becomes holy." Umuhungu wese ava mu ruvyaro rwa Aroni ashobora kukiryako. Uwo ni umugabane wiwe w’imisi yose ku mashikanwa yo guturirwa ashikaniwe Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. Ikintu cose kizokora kuri iryo shikanwa kizoba cerejwe Uhoraho.’ ”
19 Our Father said to Moses: Uhoraho yongera kubwira Mose ati:
20 "This is Aaron and his sons' offering to your Father on the day he is anointed: about two quarts of fine flour as a regular grain offering, half in the morning, half in the evening. “Iri rize ribe ishikanwa Aroni n’abahungu biwe bazoshikanira Uhoraho ku musi bazoba barobanujwe amavuta: ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza itangwa nk’ishikanwa ry’ifu ryama ritangwa ku musi, igice caryo aze agitange mu gitondo ikindi gice ku mugoroba.
21 Prepare it with oil on a griddle, bring it well-kneaded, present the grain offering in broken pieces—a pleasing aroma to your Father. Uze uyivange n’amavuta ya elayo hanyuma uyikarange kw’ipano, hanyuma ubizane bivanze neza bishikanwe nk’ishikanwa ry’ifu riri mu tumanyu dutoduto, ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho.
22 The anointed priest who succeeds him from among his sons must prepare it—a lasting decree before your Father: it must be burned completely. Umuhungu wiwe azomusubirira nk’umuherezi asizwe amavuta azobe ari we aritegura. Iryo ni ishikanwa rizokwamaho kandi ritegerezwa guturirwa ryose ntihagire igisigara.
23 Every grain offering of a priest is to be burned completely; it must not be eaten." Ishikanwa ry’ifu ritanzwe n’umuherezi rize riturirwe rihere; ntirize riribweko na gatoya.”
24 Again our Father spoke to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
25 "Tell Aaron and his sons: this is the law of the sin offering: slaughter it before your Father, where the burnt offering is slaughtered; it is most holy. “Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ikimazi gitangirwa ivyaha: ikimazi gitangirwa ivyaha kize gikerererwe imbere y’Uhoraho aho ikimazi co guturirwa gikerererwa, kizoba ari icera cane.
26 The priest who offers it for sin must eat it; it must be eaten in a holy place, in the tent of meeting's courtyard. Umuherezi agishikanye aze akirye, akirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.
27 Whatever touches its flesh becomes holy. If its blood spatters a garment, wash the spattered spot in a holy place. Kandi ikintu cose kizokora ku nyama zaco kizoba kibaye icera, kandi amaraso yaco niyatarukira ku mpuzu, uze uyimesurire ahantu hera.
28 The clay pot it is boiled in must be broken; if boiled in a bronze pot, it must be scoured and rinsed with water. Inkono y’ibumba izoteka izo nyama izoce imenwa. Ariko nizatekwa mu nkono ikozwe mu mwakaka, ize yozwe hanyuma irongororwe mu mazi.
29 Every male among the priests may eat it; it is most holy. Umuhungu wese wo mu muryango w’uwo muherezi aze akiryeko; kizoba ari icera cane.
30 No sin offering whose blood is brought into the tent of meeting to atone in the Holy Place may be eaten; it must be burned with fire." Ariko ikimazi c’ivyaha ntikize kiribwe igihe amaraso yaco azoba yazanywe mw’ihema ry’ibonaniro Ahera nk’ikimazi c’ivyaha. Kize giturirwe mu muriro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]