Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "This is the law of the guilt offering. It is most holy. Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ikimazi c’indishi, kandi ni icera cane.
2 Where they slaughter the burnt offering, they must slaughter the guilt offering; splatter its blood on all sides of the altar. Ikimazi c’indishi kize gikerererwe ahategekanirijwe ico gikorwa, hanyuma amaraso yaco aze amijagirwe ku mpande zose z’igicaniro.
3 All its fat is offered: the fat tail and fat covering the inner organs, Ibinure vyaco vyose bize bishikanwe ku gicaniro: umurizo n’ibinure vyose bipfutse ivyo mu nda,
4 the two kidneys and their fat at the loins, and the liver's long lobe, removed with the kidneys. amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ibiri ku mbavu hamwe n’igice cose gipfutse igitigu, ico azokuranako n’amafyigo.
5 The priest burns them on the altar as a food offering to our Father; a guilt offering. Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’ishikanwa ryo guturirwa rishikaniwe Uhoraho rituriwe mu muriro. Kizoba ari ikimazi c’indishi.
6 Any male priest may eat it, eaten only in a holy place; it is most holy. Umuhungu wese wo mu muryango w’uwo muherezi aze akiryeko, ariko baze bakirire ahantu hera, kuko kizoba ari icera cane.
7 "The sin offering and guilt offering share one law: it belongs to the priest who makes atonement with it. Ivyagezwe vyerekeye ikimazi c’ivyaha n’ikimazi c’indishi birasa: ivyo bimazi vyose ni ivy’umuherezi yabitanze nk’ikimazi c’impongano.
8 The priest who offers anyone's burnt offering keeps its hide for himself. Umuherezi atangiye umuntu ikimazi co guturirwa, urusato rwaco ruzoba urwiwe.
9 Any grain offering baked in an oven, and all made in a pan or on a griddle, belongs to the priest who offers it. Ishikanwa ryose ry’ifu ryokejwe mw’ifuru canke rikaranzwe mw’isafuriya canke kw’ipano rizoba ari iryo umuherezi yaritanze,
10 Every grain offering, mixed with oil or dry, belongs equally to all Aaron's sons. kandi ishikanwa ryose ry’ifu, ryaba irivanze n’amavuta canke iritavanze, rizogabanganywa hagati y’abaherezi bakomoka kuri Aroni.
11 "This is the law of the sacrifice of peace offerings that anyone may bring to our Father. Ibi ni vyo vyagezwe vyerekeye ibimazi vy’ishimwe umuntu ashobora gushikanira Uhoraho:
12 If he presents it as a thank offering, with it he must offer unleavened cakes mixed with oil, unleavened wafers coated with oil, and cakes of fine flour well kneaded and mixed with oil. Niyatanga ikimazi c’ishimwe mu buryo bwo gukenguruka, aze aherekeshe ico kimazi co gukenguruka udukate tutarimwo umwambiro tuvanze n’amavuta, n’udukate twamijagiweko amavuta tutarimwo umwambiro, n’udutsima dukozwe mw’ifu twacumbwe mu mavuta.
13 He must bring loaves of leavened bread with his thanksgiving sacrifice of peace offerings. Ikimazi c’ishimwe co gukenguruka gitegerezwa kandi guherekezwa n’udukate turimwo umwambiro.
14 From it he must give one of each as a contribution to our Father; it belongs to the priest who spatters the blood of the peace offerings. Aze ashikane kamwekamwe mu bwoko bwose nk’ingabire ihawe Uhoraho; rizoba ari iryo umuherezi yamijagiye amaraso y’ivyo bimazi vy’ishimwe.
15 The meat of his thanksgiving peace offerings must be eaten the day it's offered; none of it may remain until morning. Inyama z’ico kimazi c’ishimwe co gukenguruka zize ziribwe kuri uwo musi catangiweko; ntihaze hagire izisigara ngo zishike mu gitondo c’uwundi musi.
16 "If his offering is a vow or voluntary sacrifice, it must be eaten the day he offers it; what remains may be eaten the next day. Ariko ikimazi ciwe nicaba ari ico gushitsa isezerano canke ico atanze kuko avyishakiye, kize kiribwe ku musi gitangiweko, ariko izisigaye zishobora no kuribwa ku musi ukurikira.
17 But any sacrifice flesh remaining on the third day must be burned in fire. Inyama zose z’ikimazi zizosigara gushika umusi ugira gatatu zize ziturirwe.
18 If any of his peace offering's meat is eaten on the third day, it won't be accepted, it won't count for the offerer—it's tainted, and whoever eats it bears his guilt. Nihagira inyama z’ikimazi c’ishimwe ziribwa ku musi ugira gatatu, uwagitanze ntazokwemerwa. Nta co kizomarira uwo muntu yagitanze, kuko kizoba gihumanye. Umuntu wese azorya kuri co azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza.
19 "Flesh that touches anything unclean must not be eaten—burn that flesh in fire. But other flesh: anyone clean may eat it. Inyama zikoze ku kintu cose gihumanye ntizize ziribwe; zize ziturirwe. Nk’uko biri no ku zindi nyama, umuntu wese adahumanye aze arye izo nyama.
20 Anyone who eats meat of our Father's peace offering while unclean will be cut off from his people. Ariko nihagira umuntu ahumanye arya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe c’Uhoraho, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.
21 Whoever touches anything unclean—human impurity, an unclean animal, or any unclean, detestable thing—then eats meat from our Father's peace offering, that person will be cut off from his people." Nihagira umuntu akora ku kintu na kimwe gihumanye; ari ibiva mu muntu bihumanya canke igikoko gihumanye canke ikindi kintu cose gihumanye gikwega inda hasi, hanyuma akarya ku nyama zo ku kimazi c’ishimwe c’Uhoraho, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.’ ”
22 Our Father spoke to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
23 "Tell the people of Israel: Do not eat any fat from ox, sheep, or goat. “Barira Abisirayeli uti: ‘Ntimuze murye ikinure na kimwe caba ic’inka, ic’intama canke ic’impene.
24 Fat from a carcass or animal mauled by a predator may serve any purpose, but never eat it. Ibinure vy’igikoko gipfuye ata wucishe canke catabaguwe n’ibikoko vyo mw’ishamba mushobora kubikoresha ibindi, ariko ntimuze mubirye.
25 Anyone who eats fat from an animal offered to me by fire will be cut off from his people. Umuntu wese azorya ibinure vyavuye mu kimazi co guturirwa gishikanirwa Uhoraho aze acibwe mu bwoko bwiwe.
26 You must not eat any blood at all, from bird or animal, wherever you live. Kandi aho muzoba muba hose, ntimuze murye amaraso y’inyoni canke igikoko na kimwe.
27 Anyone who eats any blood will be cut off from his people." Nihagira umuntu arya amaraso, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.’ ”
28 Our Father spoke to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
29 "Speak to the Israelites: Whoever presents his peace offering to me must bring his offering to me from that sacrifice. “Barira Abisirayeli uti: ‘Uwuzoshikanira Uhoraho ikimazi c’ishimwe aze ashikanire Uhoraho igice kimwe caco nk’ikimazi.
30 With his hands he must bring my food offerings; the fat with the breast he must bring, to wave the breast as a wave offering before me. Aze akoreshe amaboko yiwe ubwiwe ashikane ikimazi co guturirwa, atange ibinure n’igikiriza, hanyuma azungagize ico gikiriza imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza.
31 The priest burns the fat on the altar; the breast belongs to Aaron and his sons. Umuherezi aze aturirire ku gicaniro ivyo binure, ariko ico gikiriza ni ica Aroni n’abahungu biwe.
32 You are to give the right thigh to the priest as a contribution from your peace offerings. Muze muhe uwo umuherezi itako ry’i buryo ry’ibimazi vy’ishimwe ribe umugabane wiwe.
33 Whichever son of Aaron offers the peace offering's blood and fat gets the right thigh as his portion. Umuhungu wa Aroni azotanga amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe aze ahabwe itako ry’i buryo ribe umugabane wiwe.
34 For I have taken the breast of the wave offering and thigh of the contribution from Israel's peace offerings, and given them to Aaron the priest and his sons as a permanent share from Israel." Ku bimazi vy’ishimwe vy’Abisirayeli, nahisemwo guha Aroni umuherezi n’abahungu biwe igikiriza co kuzungagiza n’itako ry’i buryo ngo bibe umugabane wabo w’intahava bazohabwa n’Abisirayeli.’ ”
35 This is Aaron and his sons' portion from our Father's food offerings, from the day they were presented to serve our Father as priests. Uyu ni wo mugabane wagenewe Aroni n’abahungu biwe uhereye igihe bazoba barobanuwe ngo bakorere Uhoraho nk’abaherezi.
36 Our Father commanded this be given them from the Israelites, the day he anointed them—a permanent share for all their generations. Umusi basigwa amavuta, Uhoraho yategetse ko Abisirayeli babaha umugabane w’intahava uko urunganwe ruzokwama rukurikirana n’urundi.
37 This is the law for burnt offerings, grain offerings, sin offerings, guilt offerings, ordination offerings, and peace offerings, Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ibimazi vyo guturirwa, ibimazi vy’ifu, ibimazi vy’ivyaha, ibimazi vy’indishi, ikimazi co kurobanura n’ikimazi c’ishimwe,
38 which our Father commanded Moses on Mount Sinai, the day he commanded the people of Israel to bring their offerings to our Father in the Wilderness of Sinai. ivyo Uhoraho yahaye Mose ku musozi Sinayi igihe yategeka Abisirayeli gushikanira Uhoraho ibimazi vyabo, mu bugaragwa bw’i Sinayi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]