Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "If anyone sins by hearing a public call to testify, and is a witness, having seen or known, yet stays silent, he bears his guilt. Umuntu niyahamagarwa ngo abe icabona, avuge ivyo yabonye canke azi, akanka kubivuga, bizomubera icaha, kandi ico caha aze agihanirwe.
2 "Or if someone unknowingly touches any unclean thing, or a carcass—unclean wild animal, unclean livestock, or unclean swarming creature—he becomes unclean and guilty. Umuntu niyakora ku kintu gihumanye, nko ku muvyimba w’igikoko gihumanye caba ico mw’ishamba canke igitungano canke igikwega inda hasi, naho yoba atabimenye, azoba abaye uwuhumanye kandi azoba atsinzwe n’urubanza.
3 "Or if he touches human impurity—any impurity that makes one unclean—unknowingly, then learns of it, he is guilty. Canke umuntu niyakora ku bihumanya biva mu muntu, ibintu vyose bishobora gutuma umuntu ahumana, naho yoba atabizi, igihe azobimenyera azoba atsinzwe n’urubanza.
4 "Or if anyone rashly swears an oath to do evil or good—whatever people rashly swear—and it's hidden from him, when he realizes it, he's guilty in any of these. Umuntu niyasezerana canke akarahira atavyiyumviriye neza, akemera gukora ikintu, ari kibi canke ciza, naho yobigira atabizi, igihe azobimenyera azoba atsinzwe n’urubanza.
5 When anyone is guilty in any of these matters, he must confess the sin he has committed. Umuntu niyashikirwa no gutsindwa n’urubanza mu buryo bumwe muri ubwo, aze yature ingene yacumuye,
6 He must bring our Father a penalty offering for the sin he committed—a female from the flock, a lamb or goat—as a sin offering; the priest will atone for his sin. hanyuma atange impongano y’icaha yakoze, ashikanire Uhoraho ishashi y’intama canke y’impene ivuye mu mukuku wiwe nk’ikimazi gitangirwa ivyaha. Umuherezi na we aze ayimutangire kw’incungu y’icaha ciwe.
7 "If he can't afford a lamb, he must bring our Father two turtledoves or two young pigeons as penalty for his sin—one as a sin offering, the other as a burnt offering. Niyaba adashobora kuronka umwagazi w’intama, aze ashikanire Uhoraho intunguru zibiri canke inuma zibiri nk’impongano y’icaha ciwe; imwe itangwe nk’ikimazi gitangirwa ivyaha, iyindi itangwe nk’ikimazi co guturirirwa ku gicaniro.
8 He brings them to the priest, who presents the sin offering first, wringing its head at the neck without separating it. Aze abizanire umuherezi, na we aze atangurire ku gutanga ikimazi c’ivyaha. Aze ahotore izosi ariko ntaritandukanye n’umutumba,
9 He sprinkles some blood from the sin offering on the altar's side; the rest drains at its base. It is a sin offering. hanyuma aze amijagire igice c’amaraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha ku ruhande rumwe rw’igicaniro, ayandi maraso asigaye aze ayasese atembe hasi i ruhande y’igicaniro. Ico ni ikimazi co gutangirwa ivyaha.
10 The second bird he offers as a burnt offering, per the rule. The priest atones for his sin, and he is forgiven. Umuherezi aze aheze atange iya kabiri kw’ikimazi co guturirirwa ku gicaniro mu buryo bwashinzwe kugira ngo amutangire impongano y’icaha yakoze, na we azobabarirwa.
11 "But if he cannot afford two doves or two young pigeons, he must bring two quarts of fine flour as his sin offering—no oil or incense on it, for it is a sin offering. Ariko niyaba adashobora kuronka izo ntunguru canke izo numa, aze azane ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza ayitange kw’ikimazi gitangirwa icaha. Ntaze ayisukeko amavuta canke ngo ayishireko ibimota neza, kuko ari ikimazi gitangirwa ivyaha.
12 He must bring it to the priest, who takes a handful as its memorial portion and burns it on the altar atop our Father's fire offerings. It is a sin offering. Aze ayishire umuherezi, na we azoce akurako ifu yuzuye igipfunsi, nk’agace gatoya k’icibutso, ayituririre ku gicaniro hejuru y’amashikanwa yo guturirwa ashikaniwe Uhoraho. Izoba ibaye ikimazi gitangirwa ivyaha.
13 The priest will atone for him for any of these sins he committed, and he'll be forgiven; the rest belongs to the priest, like the grain offering." Uko ni ko umuherezi azomutangira impongano y’icaha cose muri ivyo azoba yakoze, na we azobabarirwa. Ibisigaye kuri iryo shikanwa bizoba ari ivy’uwo muherezi, nk’uko bigenzwa ku mashikanwa y’ifu.’ ”
14 Then our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
15 "If anyone is unfaithful and sins unintentionally against any of our Father's holy things, he must bring our Father a ram without defect from the flock as his guilt offering, valued in silver by weight by the sanctuary standard—a guilt offering. “Umuntu niyacumura atabishaka agakora ikizira ku bijanye n’ivyera vy’Uhoraho, aze ashikanire Uhoraho ikimazi c’indishi, kizobe ari impfizi y’intama akuye mu bitungwa vyiwe, arabe iyitagira agasembwa kandi igiciro cayo kizobe gikwiranye n’igiciro c’ifeza, ukoresheje ingero shekeli y’Ahera. Ico kizoba ari ikimazi c’indishi.
16 He must repay for the holy thing he sinned against, adding a fifth, and give it to the priest. The priest will atone for him with the guilt-offering ram, and he'll be forgiven. Ategerezwa kandi gusubiza agaciro ico kintu co mu vyera vy’Uhoraho yahumanije mu kwongerako ica gatanu c’igiciro caco. Aze abishikirize umuherezi, na we amaze kumutangira ico kimazi c’indishi, azoca ababarirwa.
17 "If anyone sins, doing what our Father commanded not to be done, even unknowingly, he is guilty and bears his wrongdoing. Umuntu niyacumura ku cagezwe na kimwe c’Uhoraho, naho atoba yabimenye, azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza kandi azobihanirwa.
18 He must bring the priest a flawless ram from the flock, at the assessed value, as a guilt offering; the priest will atone for his unwitting sin, and he'll be forgiven. Aze ashire umuherezi impfizi y’intama akuye mu mukuku, itagira agasembwa kandi ifise igiciro gikwiye nk’uko bitegerezwa. Umuherezi aze amutangire ico kimazi c’indishi muri ubwo buryo, na we azobabarirwa.
19 It is a guilt offering; he was certainly guilty before our Father." Kizoba ari ikimazi c’indishi, kuko azoba yatsinzwe n’urubanza mu gucumura k’Uhoraho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]