Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 17 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

1Iyi ni yo ntara yahawe umuryango wa Manase imfura ya Yosefu. Makiri, imfura ya Manase ari we sekuruza w’Abagileyadi, yahawe Gileyadi na Bashani, kuko Abagileyadi bari abahizi mu ntambara. 2Aho hantu baronse hari hagenewe ikindi gice c’uwo muryango wa Manase; ugizwe n’abakuru b’inzu zo mu muryango ari bo: Abiyezeri, Heleki, Asiriyeli, Shekemu, Heferi na Shemida. Abo ni abandi bagabo bakomoka kuri Manase umuhungu wa Yosefu, ukurikije inzu baserukira.

3Ico gihe Zelofehadi mwene Heferi, Heferi mwene Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, ntiyari yaravyaye abahungu, yari yavyaye abakobwa gusa. Na bo bari aba: Mahala, Nowa, Hogula, Milika na Tiriza. 4Maze baragenda babwira umuherezi Eliyazeri, Yosuwa mwene Nuni, n’abatware, bati: “Uhoraho yategetse Mose kuduha iragi muri benewacu.” Nuko Yosuwa aca abaha iragi co kimwe na benewabo, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse. 5Iragi rya Manase ryose hamwe ryangana n’amatongo icumi, hongeweko n’amatongo ya Gileyadi na Bashani mu buseruko bwa Yorodani, 6kuko abakobwa bo mu ruvyaro rwa Manase baronse itongo co kimwe na basaza babo. Itongo ry’i Gileyadi ryaciye ritwarwa n’uruvyaro rwa Manase rwari rusigaye.

7Intara Manase yahawe yava kwa Asheri igashika kwa Mikimetati, mu buseruko bwa Shekemu. Urubibe ruvuye aho rwashika mu bumanuko harimwo n’ahaba abantu b’i Eni-Tapuwa. 8Intara ikikuje igisagara ca Tapuwa yaganzwa n’Abamanase, ariko ico gisagara ubwaco kikaba cari ku rubibe rw’intara ya Manase kandi cegukira Abefurayimu. 9Hanyuma urwo rubibe rwaca rubandanya rugashika kw’isumo ry’i Kana. Aho hari ibisagara vya Efurayimu vyari kumwe n’ivya Manase, ariko urubibe rwa Manase rwari haruguru y’iryo sumo rugashika ku Kiyaga Mediterane. 10Mu bumanuko, iyo ntara yari iya Efurayimu, mu buraruko ikaba iya Manase. Intara ya Manase yashika ku Kiyaga Mediterane, ikongera igahana urubibe n’intara ya Asheri mu buraruko, n’iya Isakari mu buseruko.

11Mu ntara zahawe Isakari na Asheri, harimwo kandi n’ibisagara vyahawe Manase. Na vyo ni: Beti-Shani, Ibileyamu hamwe n’ababa i Dori, Eni-Dori, Tanaki na Megido, hamwe n’abari bahakikuje.

12Ariko uruvyaro rwa Manase ntirwashoboye gufata ivyo bisagara, kuko Abanyakanani bagumye bahaba. 13Ariko Abisirayeli bamaze kugwira bagakomera, baciye bagira Abanyakanani abagurano babo, ariko ntibabirukana bose.

14Uruvyaro rwa Yosefu rubwira Yosuwa ruti: “Ni kubera iki waduhaye intara imwe nk’iragi turi benshi, kandi Uhoraho yaraduhezagiye cane?”

15Yosuwa arabishura ati: “Nimba muri benshi, kandi intara y’imisozi miremire ya Efurayimu ikaba itabakwiye, nimuduge mu kibira mwiyagurire amatongo mu gihugu c’Abaperizi n’Abarefayimu.”

16Uruvyaro rwa Yosefu rumwishura ruti: “Igihugu c’imisozi ntikidukwiye kandi Abanyakanani baba mu kiyaya bafise imikogote y’ivyuma, co kimwe n’ababa i Beti-Shani n’abahakikuje hamwe n’abo mu kiyaya c’i Yezireyeli.”

17Ariko Yosuwa abwira imiryango ya Yosefu ari bo Manase na Efurayimu ati: “Muri benshi kandi murakomeye. Ntimuzoronka intara imwe gusa 18ahubwo muzohabwa n’ikibira kiri mu misozi miremire na co nyene. Genda mugitunganye imbibe muzishikane kure aho mushaka, hazoba ahanyu. Naho Abanyakanani bafise imikogote y’ivyuma kandi bakaba bakomeye, muzobirukana.”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]