Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this, Jesus traveled around Galilee, not wanting to go into Judea because Jewish leaders there were looking for a chance to kill him. Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.
2 But the Jewish Festival of Booths was near. Ico gihe, umusi mukuru w’insago Abayuda bahimbaza wari wegereje.
3 His brothers told him, "Leave here and go to Judea, so your disciples can also see the works you do. Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.
4 No one seeking public attention hides what he does. If you're doing these things, show yourself to the world." Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”
5 For not even his brothers believed in him. Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.
6 So Jesus told them, "My time has not yet come, but for you any time is right. Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.
7 "The world cannot hate you, but it hates me, because I testify that its works are evil. Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.
8 You yourselves go up to the festival; I'm not going up to this festival, since my time hasn't yet fully come." Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.”
9 After saying this, he stayed in Galilee. Ahejeje kubabwira ivyo, aca aguma mu ntara ya Galilaya.
10 After his brothers went up to the festival, he too went up—not openly, but secretly. Ariko bene nyina bamaze kugenda ku musi mukuru, Yesu na we aragenda ariko ntiyajayo ku mugaragaro, agenda yinyegeje.
11 So the Jewish leaders were looking for him at the festival and asking, "Where is he?" Kuri uwo musi mukuru, abakuru b’Abayuda bariko bararondera Yesu, babazanya bati: “Ari he?”
12 Much murmuring about him spread among the crowds: some said, "He's good," others, "No, he misleads the crowd." Kandi mw’isinzi ry’abantu bari ngaho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”
13 Yet no one spoke about him openly, for fear of the Jewish leaders. Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.
14 About the middle of the festival, Jesus went up into the temple and began to teach. Umusi mukuru ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.
15 The Jewish leaders were amazed and asked, "How does this man know so much without training?" Abayuda bamwumvise baratangara, barabazanya bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”
16 Jesus answered them, "My teaching isn't mine—it's from the one who sent me. Yesu arabishura ati: “Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye.
17 Whoever wants to do our Father's will knows if my teaching is from my Father or I speak on my own. Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.
18 Whoever speaks on his own seeks his own glory, but whoever seeks the sender's glory is true, with no falsehood in him. Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.
19 Didn't Moses give you the law? Yet none of you obeys the law. Why are you trying to kill me?" Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”
20 The crowd answered, "You have a demon! Who is trying to kill you?" Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”
21 Jesus replied, "I did one work, and you are all amazed. Yesu arababwira ati: “Nakoze igitangaza kimwe ku musi w’Isabato mwese muratangara.
22 "Moses gave you circumcision—not from Moses, but the patriarchs—and you circumcise a man on the Sabbath. Ariko namwe iyo mwubahiriza icagezwe ca Mose co gukeba abana b’abahungu ku musi w’Isabato, ico na co ni igikorwa. (Ariko ico cagezwe nticazanywe na Mose, catanguriye kuri ba sogokuruza.)
23 If a man is circumcised on the Sabbath so the law of Moses isn't broken, why are you angry at me for making a whole man well on the Sabbath? Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.
24 Stop judging by appearances, and judge with right judgment." Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona gusa, nimuce imanza zigororotse.”
25 Then some Jerusalemites said, "Isn't this the man they want to kill? Ico gihe bamwe mu bantu baba i Yerusalemu batangura kubazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu bashaka kwica?
26 Yet he speaks openly, and they say nothing to him. Can the rulers truly know this is the Christ? Raba, ariko aravuga ku mugaragaro, kandi nta co bamugize. None abakuru boba bemeye vy’ukuri ko ari we Kristo?
27 But we know this man's origin. When the Christ comes, no one will know his origin." Ariko turazi iyo uwu mugabo ava; Kristo ni yaza, nta muntu n’umwe azomenya iyo aje ava.”
28 Then Jesus, teaching in the temple, cried out: "You know me, and know where I'm from. Yet I didn't come on my own—the one who sent me is true, and you don't know him. Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.
29 I know him, because I am from him, and he sent me." Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”
30 So they tried to grab him, but no one touched him, because his hour had not yet come. Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako iminwe kuko igihe ciwe kitari bwashike.
31 But many in the crowd believed in him, asking, "When the Christ comes, will he do more signs than this man did?" Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”
32 The Pharisees heard the crowd murmuring these things about him, so the chief priests and Pharisees sent temple guards to seize him. Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abaherezi bakurubakuru batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.
33 So Jesus said, "I'm with you a little while longer, and then I go to the one who sent me. Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.
34 You will search for me and not find me; you cannot come where I am." Muzondondera ariko ntimuzombona; kandi ntimushobora gushika aho ngiye.”
35 So the Jewish leaders asked each other, "Where does he intend to go that we won't find him? Does he intend to go to our people dispersed among the Greeks and teach the Greeks? Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki?
36 What does he mean: 'You will look for me, but you will not find me,' and 'Where I am, you cannot come'?" Yashatse kuvuga iki aho yavuga ngo: ‘Muzondondera ariko ntimuzombona,’ canke ngo: ‘aho ngiye ntimushobora kuhashika’?”
37 On the last, great day of the festival, Jesus stood and called out, "Whoever is thirsty, let him come to me and drink. Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.
38 Whoever believes in me, as Scripture said, rivers of living water will flow from his heart." Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga.”
39 He said this about the Holy Spirit, whom believers in him were to receive; the Spirit had not yet been given, since Jesus had not yet been glorified. Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.
40 When they heard these words, some of the crowd said, "This really is the Prophet." Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”
41 Others said, "This is the Christ." But others asked, "How can the Christ come from Galilee? Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.” Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya.
42 Doesn't Scripture say the Christ comes from David's line and from Bethlehem, David's village?" Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”
43 So the crowd was divided over him. Maze bituma abantu batumvikana kubera Yesu.
44 Some of them wanted to seize him, but no one laid a hand on him. Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.
45 So the temple guards returned to the chief priests and Pharisees, who asked, "Why didn't you bring him?" Hanyuma abarinzi b’urusengero bagarutse aho abaherezi bakurubakuru n’Abafarisayo bari batazanye Yesu, barababaza bati: “Ni kuki mutamuzanye?”
46 The guards answered, "No one ever spoke the way this man does." Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”
47 "Have you also been deceived?" the Pharisees answered. Abafarisayo barababaza bati: “Mushaka kuvuga ko namwe yabazimije?
48 "Has any of the rulers or of the Pharisees believed in him? Nta n’umwe muri twebwe abakuru canke Abafarisayo yamwizeye.
49 But this crowd, who knows nothing of the law—they are under a curse." Abamwizeye ni iryo sinzi ry’abantu batazi ivyagezwe, kandi abo bariko umuvumo!”
50 Nicodemus, who had gone to Jesus earlier and was one of their own number, asked them, Umufarisayo yitwa Nikodemu, umwe yaja kuraba Yesu mw’ijoro, arababaza ati:
51 "Does our law condemn a man without first hearing him and finding out what he does?" “Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gucira urubanza umuntu tutabanje kumwumviriza ngo tumenye ivyo yakoze?”
52 They replied, "Are you from Galilee too? Search, and see: no prophet arises from Galilee." Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [
53 Then they all went home. Nuko inama ica irahera, bose barataha.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]