Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But Jesus went to the Mount of Olives. Nuko Yesu aduga ku Musozi wa Elayono.
2 At dawn he came again to the temple; all the people came to him, and he sat down and taught them. Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.
3 The scribes and Pharisees brought a woman caught in adultery and stood her in the middle. Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari ngaho bose.
4 They said to him, "Teacher, this woman was caught in the act of adultery. Babaza Yesu bati: “Mwigisha, uwu mugore yafashwe ariko arasambana.
5 Now in the Law, Moses commanded us to stone such women. So what do you say? Ivyagezwe vya Mose bivuga ko umugore nk’uwu akwiye kwicishwa amabuye. None ubivugako iki?”
6 They said this to test him, seeking grounds to accuse him. But Jesus bent down and wrote on the ground with his finger." Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.
7 When they kept questioning him, he stood up and said to them, "Whichever of you has no sin, cast the first stone at her." Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: “Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye.”
8 And once more he bent down and wrote on the ground. Aca asubira kwunama abandanya yandika hasi.
9 Hearing this, they left one by one, starting with the oldest, until Jesus was left alone with the woman standing there. Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwumwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.
10 Jesus stood up and said to her, "Woman, where are they? Has no one condemned you?" Yesu arunamuka aramubaza ati: “Mbega abariko barakwagiriza bagiye he? Nta n’umwe yaguciriye urubanza?”
11 She said, "No one, Lord." Jesus said, "I don't condemn you either. Go, and from now on, don't sin anymore." Na we aramwishura ati: “Oya, nyakwubahwa.” Yesu aramubwira ati: “Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha.”]
12 Jesus spoke to them again: "I am the world's light. Whoever follows me will never walk in darkness but will have the light of life." Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”
13 So the Pharisees said to him, "You are bearing witness about yourself; your testimony is not true." Abafarisayo baramubwira bati: “Noneho wishingiye intahe! Intahe nk’iyo si iy’ukuri.”
14 Jesus replied, "Even if I testify about myself, my testimony is true, because I know where I came from and where I'm going; but you don't know where I come from or where I'm going. Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja.
15 You judge according to the flesh; I judge no one. Mwebwe muca imanza nk’abantu, ariko jewe nta n’umwe ncira urubanza.
16 Even if I judge, my judgment is true, since I do not judge alone, but I and the Father who sent me. Iyo ndamutse nca urubanza, ruba ari urw’ukuri, kuko simba ndi jenyene, mba ndi kumwe na Data yantumye.
17 In your Law it is written that the testimony of two people is true. Mu Vyagezwe vyanyu handitswemwo ko intahe y’ivyabona bibiri iba ari iy’ukuri.
18 I testify about myself, and the Father who sent me testifies about me." Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye arayinshingira.”
19 They asked, "Where is your Father?" Jesus answered, "You know neither me nor my Father. If you knew me, you would know my Father also." Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”
20 He said this while teaching in the temple, in the treasury; no one seized him—his hour had not yet come. Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.
21 So he told them again, "I am going away. You will look for me and die in your sin. Where I am going, you cannot come." Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”
22 So the Jews said, "Will he kill himself, since he says, "You can't come where I'm going"?" Ivyo vyatumye Abayuda bibaza bati: “None agiye kwiyahura? Ni kuki avuze ngo: ‘Aho ngiye kuja, ntimushobora gushikayo’?”
23 He said to them, "You're from below; I'm from above. You're of this world; I'm not of this world. Yesu arabandanya ati: “Mwebwe muri abo kuri iyi si, ariko jewe nkomoka hejuru. Muri ab’ino si, ariko jewe sindi uw’ino si.
24 I told you that you'll die in your sins; if you don't believe I AM, you'll die in your sins." Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”
25 So they said to him, "Just who are you?" Jesus said to them, "Exactly what I've said from the start. Baramubaza bati: “None uri nde?” Yesu arabishura ati: “Ndi urya namye ndababwira ko ndi kuva mu ntango.
26 I have much to say and judge about you, but the One who sent me is true; what I heard from him, I tell the world." Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”
27 They did not understand that he had been speaking to them about the Father. Ariko ntibashobora gutahura ko ariko avuga Se.
28 So Jesus told them, "When you lift up the Son of Man, then you'll know that I AM, and that I do nothing on my own, but say these things as the Father taught me. Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.
29 The one who sent me is with me; he hasn't left me alone, because I always do what pleases him." Uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”
30 As he was saying these things, many believed in him. Maze benshi mu bamwumvise avuga ayo majambo baramwizera.
31 Jesus then told the Jews who had believed him, "If you remain in my word, you are truly my disciples, Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.
32 and you will know the truth, and the truth will set you free." Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya.”
33 They answered him, "We are Abraham's descendants, never enslaved to anyone. How can you say, 'You will become free'?" Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!”
34 Jesus answered them, "Truly, truly, I tell you: everyone who keeps sinning is sin's slave. Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.
35 The slave does not remain in the house forever; the son remains forever. Kandi umugurano ntafise ikibanza gihoraho mu muryango, ariko umwana yama ari uwo mu muryago wiwe.
36 So if the Son sets you free, you will be free indeed. None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.
37 I know you are Abraham's descendants; yet you seek to kill me because my word has no space in you. Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.
38 I speak what I've seen with my Father, and you do what you heard from your father." Ndiko ndababwira ivyo nabonanye Data, ariko mwebwe mukurikiza ivyo mwigishijwe na so.”
39 They answered, "Abraham is our father." Jesus said, "If you were Abraham's children, you'd do the works Abraham did, Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.
40 but now you want to kill me—a man who told you the truth I heard from my Father. Abraham didn't do this. Raba ndababwiye ukuri nigishijwe n’Imana, none mushaka kunyica. Aburahamu ntiyigeze akora ibisa n’ivyo.
41 You do your father's works." They said to him, "We weren't born of sexual sin. We have one Father—God himself." Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.”
42 Jesus said to them, "If God were your Father, you'd love me, for I came from God and am here. I didn't come on my own—he sent me. Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.
43 Why don't you understand my speech? Because you cannot bear to hear my word. Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.
44 You belong to your father, the devil, and want to carry out his desires. He was a murderer from the beginning, not standing in truth, since no truth is in him. When he lies, he speaks from his own nature, since he's a liar and the lie's father. Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.
45 But because I tell the truth, you do not believe me. Ni co gituma iyo ndababwiye ukuri, ntimushobora kunyizera.
46 Who among you convicts me of sin? If I speak truth, why don't you believe me? Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?
47 Whoever is from our Father hears his words; you don't hear because you're not from our Father." Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana.”
48 The Jews replied, "Aren't we right in saying that you are a Samaritan and have a demon?" Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”
49 Jesus answered, "I do not have a demon, but I honor my Father, and you dishonor me. Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha.
50 But I'm not seeking my own glory; our Father seeks it, and he judges. Jewe sinironderera icubahiro; ariko hariho uwukindonderera kandi ni we mucamanza.
51 Truly, truly, I say to you, if anyone keeps my word, he will never see death." Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”
52 The Jews said to him, "Now we know you have a demon. Abraham died, as did the prophets, yet you say, 'Whoever keeps my word will never taste death.' Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yawe ntazokwigera apfa!’
53 Are you greater than our father Abraham, who died? The prophets died too! Who do you claim to be?" Mbega uruta sogokuruza Aburahamu, ko we n’abavugishwa n’Imana bapfuye? Wewe wigira iki?”
54 Jesus answered, "If I glorify myself, my glory is nothing. It is my Father who glorifies me, of whom you say, 'He is our God.' Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.
55 You don't know him, but I know him. If I said I didn't know him, I'd be a liar like you. But I know him and keep his word. Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.
56 Your father Abraham rejoiced that he would see my day. He saw it and was glad." Sokuruza wanyu Aburahamu yari yiteganye umunezero umusi wo kuza kwanje; yarawubonye kandi yaranezerewe.”
57 So the Jews said to him, "You're not yet fifty years old, and you've seen Abraham?" Abayuda baramubaza bati: “Nta n’imyaka mirongo itanu uramara none uvuze ngo warabonye Aburahamu?”
58 Jesus said to them, "Truly, truly, I say to you, before Abraham was, I AM." Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, Aburahamu ataravuka, jewe nariho!”
59 So they grabbed stones to throw at him, but Jesus hid himself and slipped out of the temple. Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]