Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 As Jesus passed by, he saw a man who had been blind from birth. Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi.
2 His disciples asked him, "Rabbi, who sinned, this man or his parents, that he was born blind?" Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”
3 "Neither this man nor his parents sinned,' Jesus answered, 'but this happened so the works of our Father might be revealed in him. Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.
4 We must do the works of the one who sent me while it is day; night comes, when no one can work. Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.
5 As long as I am in the world, I am the light of the world.'" Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.”
6 Saying this, he spat on the ground, made mud from the saliva, and smeared it on the man's eyes. Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu.
7 He told him, "Go, wash in the pool of Siloam" (meaning Sent). So the man went, washed, and returned able to see. Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura Uwatumwe). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.
8 Neighbors and those who'd seen him begging before said, "Isn't this the one who used to sit and beg?" Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?”
9 Some said, "That's him." Others said, "No, he just looks like him." He kept saying, "I'm the one." Bamwe baravuga bati: “Ni we.” Ariko abandi bakavuga bati: “Oya, ni uwo basa.” Ariko wa muntu arababwira ati: “Ni jewe!”
10 So they asked him, "Then how were your eyes opened?" Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”
11 He replied, "The man called Jesus made mud, smeared it on my eyes, and told me, 'Go to Siloam and wash.' So I went, washed, and could see." Arabishura ati: “Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: ‘Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu.’ Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona.”
12 They said to him, "Where is he?" He said, "I do not know." Baramubaza bati: “None uwo muntu ari he?” Arababwira ati: “Sindahazi.”
13 They brought the man who had been blind to the Pharisees. Nuko bajana wa muntu yahoze ari impunyi imbere y’Abafarisayo,
14 Now it was a Sabbath day when Jesus made the mud and opened his eyes. kuko Yesu yari yavuruze utwondo, agakiza iyo mpumyi ku musi w’Isabato.
15 So the Pharisees also asked him again how he had gained sight. He told them, "He put mud on my eyes, and I washed, and I see." Abafarisayo na bo babaza wa muntu ingene yahumutse, na we abishura ati: “Yansize utwondo ku maso, nca ndiyuhagira, none ndabona.”
16 Some Pharisees said, "This man isn't from God—he doesn't keep the Sabbath." Others said, "How can a sinful man do such signs?" So they were divided among them. Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.
17 Again they asked the blind man, "What do you say about him, since he opened your eyes?" He said, "He is a prophet." Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?” Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”
18 The Jews did not believe he had been blind and gained sight, until they summoned the parents of the man who had gained sight. Abakuru b’Abayuda baranse kwemera ko yahora ari impumyi ariko akaba yakize, kugeza batumyeko abavyeyi biwe.
19 They asked them, "Is this your son you say was born blind? How then does he now see?" Bashitse, barababaza bati: “Uwu yoba ari umuhungu wanyu? Yoba yavutse ari impumyi? None habaye iki ko abona?”
20 His parents answered, "We know that this is our son and that he was born blind. Abavyeyi biwe barabishura bati: “Ico tuzi, ni umwana wacu kandi yavutse ari impunyi.
21 But how he now sees, we don't know; or who opened his eyes, we don't know. Ask him—he's an adult; he'll speak for himself." Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.”
22 His parents said this, fearing the Jews, since the Jews had already agreed that if anyone confessed Jesus as the Christ, he would be expelled from the synagogue. Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.
23 That was why his parents said, "He is of age; ask him." Ni co gituma bavuze bati: “Nimumwibarize, arakuze.”
24 So they called the once-blind man again and said, "Give God the glory. We know this man is a sinner." Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”
25 He replied, "Whether he's a sinner, I don't know. I know one thing: I was blind, now I see." Arabishura ati: “Aba umunyavyaha, ataba we, ivyo nta co ndabiziko. Ico nzi ni uko nahora ndi impumyi ariko ubu nkaba mbona.”
26 They said to him, "What did he do to you? How did he open your eyes?" Baramubaza bati: “None yakoze iki? Yaguhumuye gute?”
27 He answered them, "I already told you, and you didn't listen. Why do you want to hear it again? Do you also want to become his disciples?" Arabishura ati: “Ivyo namaze kubibabwira ariko ntimwashatse kuvyumva. Ni kuki mushaka kuvyumva kandi? Mwoba mushaka kuba abigishwa biwe namwe?”
28 And they reviled him, saying, "You are his disciple, but we are disciples of Moses. Baca baramutuka, bamubwira bati: “Ni wewe uri umwigishwa wiwe, twebwe turi abigishwa ba Mose!
29 We know God spoke to Moses, but we don't know where this man is from." Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”
30 The man answered them, "Here's the amazing thing: you don't know where he's from, yet he opened my eyes. Wa muntu yahoze ari impumyi arabishura ati: “Ivyo biratangaje cane! Ntimuzi iyo yaje ava, kandi yampumuye?
31 We know God doesn't listen to sinners, but if anyone reveres God and does his will, God listens to him. Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.
32 Never since the world began has anyone heard of someone opening the eyes of a person born blind. Nta muntu n’umwe yari bwumve aho umuntu yakijije uwavutse ari impumyi.
33 If this man were not from God, he could do nothing." Iyo uwo muntu ataba yaje ava ku Mana, nta co yari gushobora gukora.”
34 They answered him, "You were born entirely in sin, yet you teach us?" and threw him out. Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.
35 Jesus heard they had thrown him out, and finding him, said, "Do you believe in the Son of Man?" Yesu yumvise ko bamwirukanye mu rusengero, aja kumurondera, aramubwira ati: “Mbega urizera Umwana w’Umuntu?”
36 He answered, "And who is he, sir, so I can believe in him?" Wa muntu aramubaza ati: “Yoba ari nde ga nyakwubahwa, kugira ngo ndamwizere?”
37 Jesus said to him, "You have seen him, and it is he who is speaking with you." Yesu aramubwira ati: “Wamaze kumubona kuko ni we muriko muravugana.”
38 He said, "Lord, I believe," and he worshiped him. Wa muntu aravuga ati: “Mwami, ndizeye.” Nuko aca aramwunamira.
39 Jesus said, "I came into this world for judgment, so those who don't see may see, and those who see may become blind." Yesu aca avuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo abahumye bahumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”
40 Some Pharisees with him heard this and said, "Are we blind too?" Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we, bumvise ayo majambo, baramubaza bati: “Ushaka kuvuga ko natwe turi impumyi?”
41 Jesus told them, "If you were blind, you would have no sin; but since you say, 'We see,' your sin remains." Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]