Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this, Jesus crossed the Sea of Galilee, also called the Sea of Tiberias. Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).
2 A large crowd followed him, because they saw the signs he performed on the sick. Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abagwaye.
3 Jesus went up on the mountainside and sat down there with his disciples. Nuko Yesu aduga ku musozi yicarana n’abigishwa biwe.
4 Now the Passover, the feast of the Jews, was near. Ico gihe Umusi mukuru wa Pasika w’Abayuda wari wegereje.
5 Looking up, Jesus saw a large crowd approaching and asked Philip, "Where can we buy bread for these people to eat?" Yesu abonye abantu benshi baje bamutumbereye, abarira Filipo ati: “Ni hehe twogurira ivyokurya vyo kugaburira aba bantu bose?”
6 He said this to test Philip, for he himself already knew what he was going to do. Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.
7 Philip answered him, "200 days' wages of bread isn't enough for each of them to get a little." Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwumwe.”
8 One of his disciples, Andrew, Simon Peter's brother, said to him, Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati:
9 "A boy here has five barley loaves and two fish—but what's that for so many?" “Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?”
10 Jesus said, "Have the people sit down." Much grass grew there, so about 5,000 men sat down. Yesu aravuga ati: “Nimubicarike.” Aho hantu hari ubwatsi bwinshi. Nuko abo bantu baricara (abagabo bonyene bashika nk’ibihumbi bitanu).
11 Jesus then took the loaves, gave thanks, and distributed them to those seated; likewise with the fish, as much as they wanted. Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka.
12 When they were full, he told his disciples, "Gather the leftover pieces, so nothing is lost." Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa.”
13 So they gathered the fragments left over from the five barley loaves after the people ate, filling twelve baskets. Nuko begeranya utumanyagu twa ya mikate itanu y’ingano abantu bariye, buzuza ibiseke cumi na bibiri.
14 So when the people saw the sign he did, they said, "This really is the Prophet coming into the world!" Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”
15 Knowing they meant to come and seize him to make him king, Jesus withdrew again to the mountain alone. Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.
16 When evening came, his disciples went down to the sea, Bugorovye, abigishwa ba Yesu bamanuka ku kiyaga,
17 got in a boat and headed across the sea to Capernaum. It was already dark, and Jesus had not yet reached them. burira ubwato kugira ngo bajabuke baje i Kaperinawumu. Aho rero hari hamaze kuza umuzimagiza kandi Yesu ntiyari bwabashikire.
18 A strong wind was blowing, and the sea grew rough. Ico gihe, umuyaga wariko urahuhuta cane bituma haba imipfunda myinshi mu kiyaga.
19 After rowing three or four miles, they saw Jesus walking on the water, approaching the boat, and were afraid. Bamaze gusoza nka sitadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba.
20 But he said to them, "It is I; do not be afraid." Yesu arababwira ati: “Ni jewe. Ntimugire ubwoba.”
21 So they were glad to take him into the boat, and instantly it reached the shore they were heading toward. Nuko bashaka kumwuriza mu bwato, ariko buba burashitse ku nkengera aho bari bagiye.
22 The next day, the crowd remaining on the far shore saw that only one boat had been there, that Jesus had not boarded it with his disciples, but that his disciples had gone off alone. Ku musi ukurikira, hariho abantu benshi bari basigaye hakurya y’ikiyaga, maze bibuka ko hariho ubwato bumwe bwonyene abigishwa bagiyemwo, kandi ko Yesu atinjiranye n’abigishwa biwe muri bwo.
23 Other boats came from Tiberias near the place where they ate bread after the Lord gave thanks. Ico gihe ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, bwariko buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.
24 So when the crowd saw Jesus and his disciples weren't there, they got in boats and went to Capernaum to look for Jesus. Maze abantu babonye ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.
25 Finding him across the sea, they asked, "Rabbi, when did you get here?" Bamusanze aho yari hakurya y’ikiyaga, baramubaza bati: “Mwigisha, washitse hano ryari?”
26 Jesus answered them, "Truly, truly, I tell you: you seek me not because you saw signs, but because you ate the loaves and were filled. Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.
27 Don't work for food that spoils, but for food that lasts to eternal life, which the Son of Man will give you. For on him our Father has set his seal." Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
28 Then they said to him, "What must we do to be doing the works of our Father?" Baramubaza bati: “Natwe turashaka gukora ibikorwa vy’Imana. None tubigenze gute?”
29 Jesus answered them, "This is our Father's work: that you believe in the one he sent." Yesu arabishura ati: “Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye.”
30 So they asked him, "What sign will you give, so we may see and believe you? What work will you do? Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?
31 Our ancestors ate manna in the wilderness, as it is written: 'He gave them bread from heaven to eat.'" Ba sogokuruza bacu baririye manu mu bugaragwa, kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: ‘Mose yabahaye imikate ivuye mw’ijuru ngo bayirye.’”
32 Jesus told them, "Truly, truly, I tell you: Moses didn't give you the bread from heaven—my Father gives you the true bread from heaven. Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.
33 For the bread of our Father is he who comes down from heaven and gives the world life." Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”
34 So they said to him, "Lord, give us this bread always." Baramubwira bati: “Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose.”
35 Jesus told them, "I am the bread of life. Whoever comes to me will never hunger; whoever believes in me will never thirst. Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
36 But as I told you, you have seen me and still do not believe. Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera.
37 All the Father gives me will come to me, and the one who comes to me I will never drive away. Ariko abo Data yampaye bose bazoza aho ndi kandi sinzokwigera nirukana uwuje aho ndi.
38 For I came down from heaven not to do my own will, but the will of him who sent me. Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.
39 This is the will of him who sent me: that I lose none of all he has given me, but raise them up on the last day. Kandi ivyo uwantumye ashaka ni ibi: ko ntatakaza n’umwe mu bo yampaye, ariko ashaka ko nzobazura ku musi wa nyuma.
40 For this is the will of my Father: that everyone who looks to the Son and believes in him should have eternal life, and I will raise them up on the last day." Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
41 So the Jews grumbled about him because he said, "I am the bread that came down from heaven." Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”
42 They said, "Isn't this Jesus, Joseph's son, whose father and mother we know? How can he now say, 'I have come down from heaven'?" Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”
43 Jesus answered them, "Stop grumbling among yourselves. Yesu arabishura ati: “Nimureke kwidoga hagati muri mwebwe.
44 "No one can come to me unless the Father who sent me draws him, and I will raise him on the last day. Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
45 It is written in the Prophets: 'And they will all be taught by our Father.' Everyone who has heard and learned from the Father comes to me. Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi.
46 Not that anyone has seen the Father except the one from him; he has seen the Father. Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data.
47 Truly, truly, I tell you, whoever believes has eternal life. Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.
48 I am the bread of life. Ni jewe mukate w’ubugingo.
49 Your ancestors ate the manna in the wilderness, yet they died. Ba sogokuruza banyu baririye manu mu bugaragwa, yamara barapfuye.
50 This is the bread that comes down from heaven, so anyone may eat it and not die. Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa.
51 I am the living bread come down from heaven. Whoever eats this bread will live forever. The bread I will give is my flesh, for the life of the world." Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”
52 Then the Jews argued sharply among themselves, "How can this man give us his flesh to eat?" Maze Abayuda batangura guharira hagati yabo bashavuye bati: “Ni gute uwu mugabo yoduha umubiri wiwe ngo tuwurye?”
53 Jesus told them, "Truly, truly, I tell you, unless you eat the flesh of the Son of Man and drink his blood, you have no life in yourselves. Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe.
54 Whoever feeds on my flesh and drinks my blood has eternal life, and I will raise him on the last day. Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
55 For my flesh is true food, and my blood is true drink. Kuko umubiri wanje ni ico co kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico cokunywa c’ukuri.
56 Whoever feeds on my flesh and drinks my blood remains in me, and I in him. Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we.
57 As the living Father sent me and I live because of the Father, so whoever feeds on me will live because of me. Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.
58 This is the bread that came down from heaven. It is not like the bread your ancestors ate and still died. Whoever feeds on this bread will live forever." Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”
59 He said these things while teaching in the synagogue at Capernaum. Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.
60 On hearing it, many of his disciples said, "This is a hard teaching. Who can accept it?" Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”
61 Aware that his disciples were grumbling about this, Jesus said to them, "Does this offend you? Yesu amenye ko abigishwa biwe bariko baridoga, arababaza ati: “Mbega ivyo ndababwiye birabatsitaje?
62 "Then what if you see the Son of Man ascending to where he was before? None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki?
63 The Spirit gives life; the flesh helps nothing. The words I have spoken to you are spirit and life. Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.
64 But some of you don't believe." For Jesus knew from the start who didn't believe, and who would betray him. Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.
65 And he said, "This is why I told you: no one can come to me unless the Father enables him." Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”
66 From this time many of his disciples turned back and no longer walked with him. Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.
67 So Jesus asked the Twelve, "Do you want to leave too?" Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: “Mbega namwe murashaka kwigira?”
68 Simon Peter answered him, "Lord, to whom should we go? You have the words of eternal life. Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega ni wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!
69 We have believed and known you are the Holy One of our Father." Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”
70 Jesus answered them, "Have I not chosen you, the Twelve? Yet one of you is a devil." Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.”
71 He meant Judas, son of Simon Iscariot, one of the Twelve, who was about to betray him. (Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]