Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this there was a feast of the Jews, and Jesus went up to Jerusalem. Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda.
2 By the Sheep Gate in Jerusalem is a pool with five covered porches, called Bethesda in Aramaic. Aho i Yerusalemu, hafi y’Irembo ry’Intama, hariho ikidengeri citwa Betezata mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.
3 In these lay a multitude of the sick—blind, lame, and paralyzed. Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo abatabona, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.
4 Not in this edition Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe muri ico kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba agwaye.]
5 One man was there who had been sick for thirty-eight years. Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani agwaye.
6 Seeing him lying there and knowing he had already been there a long time, Jesus asked, "Do you want to be healed?" Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire agwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”
7 The sick man answered him, "Sir, I have no one to put me in the pool once the water stirs—while I'm on my way, someone else gets in first." Wa muntu agwaye aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta muntu mfise wo kunterera mu kidengeri iyo mazi azikurutse; kuko nkiriko ndagerageza kujayo, nsanga hari uwantanzeyo.”
8 Jesus said to him, "Get up, take up your mat, and walk." Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugende.”
9 At once the man became well, picked up his mat, and walked. That day was the Sabbath. Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe, aragenda. Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.
10 So the Jews told the healed man, "It's the Sabbath—you're not allowed to carry your mat." Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”
11 He answered them, "The man who healed me told me, 'Take up your mat and walk.'" Arabishura ati: “Umuntu yankijije ni we yambwiye ati: ‘Ikorere ikirago cawe ugende.’ ”
12 They asked him, "Who is the man who told you, 'Take it up and walk'?" Na bo baramubaza bati: “Ni nde yakubwiye ngo wikorere ikirago cawe ugende?”
13 But the healed man didn't know who it was, since Jesus had slipped away into the crowd there. Wa muntu yakize ntiyari azi uwamukijije awo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kandi aho hantu hari abantu benshi.
14 Later Jesus found him in the temple and said, "You are healed now. Stop sinning, or something worse may happen to you." Mu nyuma, Yesu amusanga mu rusengero aramubwira ati: “Urabona ko wakize! Ntuze usubire gucumura kugira ngo ntuze ushikirwe n’icago kirengeye ico wahorana.”
15 The man went away and told the Jews that it was Jesus who had made him well. Wa muntu aca aragenda abwira ba bakuru b’Abayuda ko ari Yesu yamukijije.
16 And so the Jews began persecuting Jesus, because he was doing these things on the Sabbath. Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato.
17 But Jesus answered them, "My Father is working until now, and I too am working." Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”
18 So the Jews sought even more to kill him: he not only broke the Sabbath but called our Father his own Father, making himself equal to him. Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.
19 So Jesus said to them, "Truly, truly, I tell you: the Son can do nothing on his own, but only what he sees the Father doing. Whatever the Father does, the Son does the same. Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.
20 "For the Father loves the Son and shows him everything he does; he will show him greater works than these, so you will be amazed. Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe.
21 For as the Father raises the dead and gives life, so the Son too gives life to anyone he wants. Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.
22 For the Father judges no one, but has entrusted all judgment to the Son, Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza,
23 so everyone honors the Son as they honor the Father; whoever doesn't honor the Son doesn't honor the Father who sent him. kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
24 Truly, truly, I tell you: whoever hears my word and believes the one who sent me has eternal life and won't face judgment—they have passed from death to life. Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.
25 Truly, truly, I tell you, an hour comes, and is now here, when the dead will hear the voice of the Son of our Father, and those hearing will live. Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.
26 For as the Father has life in himself, he gave the Son to also have life in himself. Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.
27 And he has given him authority to execute judgment, because he is the Son of Man. Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.
28 Don't be astonished at this—an hour is coming when everyone in the tombs will hear his voice, Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,
29 and come out—those who did good, to the resurrection of life; those who did evil, to the resurrection of judgment. hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.
30 By myself I can do nothing. I judge as I hear; my judgment is fair, because I seek not my own will but the will of the One who sent me. Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.
31 "If I testify about myself, my testimony is not valid. Nimba nishingira intahe, intahe yanje si iy’ukuri.
32 There is another who testifies about me, and I know his testimony about me is true. Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.
33 You sent messengers to John, and he has testified to the truth. Mwatumye intumwa kuri Yohana, kandi intahe yanshingiye ni iy’ukuri.
34 Not that I accept human testimony, but I say these things so that you may be saved. Si ukuvuga ko nkeneye intahe z’abantu; ariko ibi ndabivuze kugira ngo mukizwe.
35 John was a burning, shining lamp, and you were willing to rejoice briefly in his light. Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.
36 But I have testimony greater than John's: the works my Father gave me to finish—the very works I'm doing—testify that my Father sent me. Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.
37 And my Father who sent me has himself testified about me. You've never heard his voice or seen his form, Kandi na Data yantumye ubwiwe aranshingira intahe. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mumubone amaso mu yandi,
38 and you don't have his word remaining in you, since you don't believe the one he sent. kandi n’ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutizera uwo yatumye.
39 You search the Scriptures, thinking they hold eternal life—yet they themselves testify about me, Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,
40 yet you refuse to come to me so that you may have life. yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
41 I do not accept glory from people, Jewe sindondera gushimwa n’abantu,
42 but I know you—that you do not have the love of our Father within you. kuko ndabazi, ndazi ko ata gukunda Imana kuri mu mitima yanyu.
43 I have come in my Father's name, and you don't receive me; if another comes in his own name, you'll receive him. Naje mw’izina rya Data, ariko ntimwanyakira; yamara nihagira uwundi aza mw’izina ryiwe ubwiwe, muzomwakira.
44 How can you believe, when you accept glory from one another and don't seek the glory from the only God? Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?
45 Don't think I will accuse you before my Father. Moses, in whom you've hoped, accuses you. Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.
46 For if you believed Moses, you would believe me, because he wrote about me. Iyo mwizera Mose, nanje mwonyizeye, kuko yanditse avuga kuri jewe.
47 But if you do not believe his writings, how will you believe my words?" None nimba mutizera ivyo yanditse, mwokwizera gute amajambo yanje?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]