Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So when Jesus knew the Pharisees heard he was making and baptizing more disciples than John. Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi abatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.
2 (though Jesus himself was not baptizing, but his disciples were), Ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, ahubwo abigishwa biwe ni bo babatiza.
3 he left Judea and went back to Galilee. Nuko aca ava i Yudaya asubira i Galilaya.
4 And he had to pass through Samaria. Mu kujayo, vyabaye ngombwa ko aca i Samariya.
5 So he came to a town of Samaria called Sychar, near the field Jacob gave his son Joseph. Nuko ashika mu gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’itongo Yakobo yari yarahaye umuhungu wiwe Yosefu.
6 Jacob's well was there. Jesus, tired from the trip, sat down at the well—about noon. Aho ni ho hari iriba rya Yakobo. Yesu aruhijwe n’urugendo, yicara kuri iryo riba. Aho hari nk’isaha zitandatu z’umurango.
7 A woman of Samaria came to draw water. Jesus said to her, "Give me a drink." Nuko haza umugore w’Umunyasamariyakazi kuvoma amazi, Yesu aramubwira ati: “Wompa amazi yo kunywa?”
8 (For his disciples had gone into the town to buy food.). (Ico gihe, abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kurondera ivyokurya.)
9 The Samaritan woman said, "You're a Jew; why ask me, a Samaritan woman, for a drink?" (Jews don't associate with Samaritans.). Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)
10 Jesus answered her, "If you knew our Father's gift, and who asks you, 'Give me a drink,' you'd have asked him, and he'd have given you living water." Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”
11 The woman said to him, "Sir, you have nothing to draw with, and the well is deep. Where then do you get this living water? Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?
12 Are you greater than our father Jacob, who gave us the well, drank from it himself, with his sons and livestock?" Wewe uruta sogokuruza Yakobo yaduhaye iri riba kandi na we ubwiwe akanywa amazi yaryo, n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe?”
13 Jesus said to her, "Everyone who drinks of this water will be thirsty again, Yesu aramwishura ati: “Umuntu wese anywa kuri ayo mazi azosubira kugira inyota,
14 but whoever drinks the water I give him will never thirst again; that water will become in him a spring of water welling up to eternal life." ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”
15 The woman said to him, "Sir, give me this water, so I won't get thirsty or come here to draw water." Wa mugore aramubwira ati: “Nyakwubahwa, mpa kuri ayo mazi kugira ngo sinzosubire kunyoterwa ngo name nza ngaha kuvoma.”
16 Jesus said to her, "Go, call your husband, and come back here." Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”
17 The woman answered, "I have no husband." Jesus told her, "You're right to say you have no husband. Aramwishura ati: “Nta mugabo mfise.” Yesu aca amubwira ati: “Uvuze ukuri! Nta mugabo ufise.
18 For you've had five husbands, and the man you have now isn't your husband. You've spoken the truth." Kuko wabanye n’abagabo batanu, kandi n’uwo muri kumwe ubu si umugabo wawe. Ivyo uvuze ni ukuri.”
19 The woman said to him, "Sir, I see that you are a prophet. Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.
20 Our fathers worshiped on this mountain, but you say Jerusalem is where people must worship." Ba sogokuruza basengera kuri uwu musozi, ariko mwebwe Abayuda muvuga ko ikibanza co gusengeramwo ari i Yerusalemu.”
21 Jesus told her, "Woman, believe me: an hour is coming when you'll worship the Father neither on this mountain nor in Jerusalem. Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uriya musozi canke i Yerusalemu.
22 You worship what you don't know; we worship what we know—salvation comes from the Jews. Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.
23 But a time is coming, and now is, when true worshipers worship the Father in spirit and truth—for the Father seeks such worshipers. Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.
24 The Father is spirit, and those who worship him must worship in spirit and truth." Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri.”
25 The woman said to him, "I know Messiah—the one called Christ—is coming. When he comes, he will tell us everything." Wa mugore aravuga ati: “Ndazi ko Mesiya (yitwa Kristo) azoza. Niyaza, azodusobanurira vyose.”
26 Jesus said to her, "I am he—the one speaking to you." Yesu aramubwira ati: “Uwo Kristo, ni Jewe nyene turiko tuvugana.”
27 Just then his disciples returned, amazed he was talking with a woman. Yet no one said, "What do you want?" or, "Why talk with her?" Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko avugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”
28 So the woman left her water jar and went back to town and said to the people, Wa mugore asiga umubindi wiwe kw’iriba, asubira mu gisagara, abarira abantu ati:
29 "Come, see a man who told me everything I ever did. Could this be the Christ?" “Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”
30 They left the town and were coming to him. Nuko baca barasohoka bava mu gisagara baja iyo Yesu ari.
31 Meanwhile the disciples were urging him, "Rabbi, eat." Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”
32 But he said to them, "I have food to eat that you know nothing about." Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”
33 So the disciples said to one another, "Has anyone brought him something to eat?" Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”
34 Jesus said to them, "My food is doing the will of the one who sent me and finishing his work. Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
35 Don't you say, 'Four months more, then harvest comes'? Look, I tell you: raise your eyes, see the fields—white for harvest. Mbega ntimuvuga ngo: ‘Hasigaye amezi ane ngo iyimbura rishike’? Umve ndababwire, nimwunamure amaso yanyu murabe! Imirima ireze, igeze kwimbura.
36 Already the harvester earns wages, gathering fruit for eternal life, so that planter and harvester may rejoice together. N’ubu, uwimbura ariko arahabwa impembo yiwe kandi ariko aregeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira, kugira ngo uwubiba n’uwimbura bazonezeranwe.
37 For here the saying holds true: 'One plants and another harvests.' Kuko wa mugani uvuga ukuri ngo: ‘Umwe arabiba, uwundi akimbura.’
38 I sent you to reap what you didn't work for. Others worked, and you have entered into their labor." Nabarungitse kwimbura aho mutabiriye akuya. Abandi baracumukuye, none ni mwebwe mwironkeye inyungu mu buruhe bwabo.”
39 Many Samaritans from that town believed in him because of the woman's testimony: "He told me everything I ever did." Nuko Abasamariya benshi bo muri ico gisagara bizera Yesu kubera wa mugore yababwiye ati: “Yambwiye ivyo nakoze vyose.”
40 When the Samaritans came to him, they asked him to stay with them; he stayed two days. Bashitse aho ari, baramwinginga ngo agumane na bo, maze ahamara imisi ibiri.
41 And many more believed because of his word. Kandi kubera amajambo yiwe, n’abandi benshi barizera.
42 They told the woman, "It is no longer because of what you said that we believe—we've heard for ourselves, and we know this man truly is the Savior of the world." Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”
43 After the two days he departed from there for Galilee. Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya.
44 (For Jesus himself had testified that a prophet has no honor in his own hometown.). (Yesu ubwiwe yari yaravuze ko ata wuvugishwa n’Imana yemerwa n’abo iwabo.)
45 When he arrived in Galilee, the Galileans welcomed him, having seen all he did in Jerusalem at the feast—they too had gone to the feast. Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira. Bari barabonye ivyo yakoreye i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, kuko ari yo bari bari.
46 He went again to Cana in Galilee, where he had turned water to wine. A royal official's son was sick at Capernaum. Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu agwariye i Kaperinawumu.
47 Hearing that Jesus had come from Judea to Galilee, he went to him and begged him to come down and heal his son, who was about to die. Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.
48 So Jesus said to him, "Unless you people see signs and wonders, you will never believe." Yesu aramubwira ati: “Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?”
49 The royal official said to him, "Sir, come down before my child dies." Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: “Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana.”
50 Jesus said to him, "Go; your son will live." The man believed what Jesus told him and left. Yesu aramwishura ati: “Nutahe, umwana wawe ni muzima.” Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha.
51 As he was going down, his servants met him and told him that his boy was living. Akiri mu nzira, abakozi biwe baza kumusanganira bamubwira ko umuhungu wiwe ari muzima.
52 So he asked them the hour he improved, and they said, "Yesterday at the seventh hour, the fever left him." Ababajije igihe umuhungu wiwe yakiriye, bamubwira bati: “Ejo isaha indwi z’umuhingamo ni ho umururumbo wahera.”
53 So the father knew this was the hour when Jesus told him, "Your son will live." He and his whole household believed. Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.
54 This was now the second sign that Jesus did when he had come from Judea to Galilee. Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]