Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "I am the true vine, and my Father is the gardener. Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.
2 Every branch in me not bearing fruit, he removes; and every one bearing fruit, he prunes, so it bears more fruit. Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.
3 You are already clean because of the word I have spoken to you. Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye.
4 Remain in me, and I in you. As a branch can't bear fruit alone, unless it remains in the vine, neither can you unless you remain in me. Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.
5 I am the vine, you the branches. Whoever remains in me, and I in them, bears much fruit, for apart from me you can do nothing. Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!
6 Anyone not remaining in me is thrown out like a branch and withers; branches are gathered, thrown into the fire, and burned. Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.
7 If you remain in me and my words remain in you, ask whatever you want, and it will happen for you. Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.
8 This is how my Father is glorified: that you bear much fruit and prove to be my disciples. Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.
9 "As the Father has loved me, so I have loved you. Remain in my love. Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze, nuko rero nimugume mu rukundo rwanje.
10 If you keep my commands, you will remain in my love, as I have kept my Father's commands and remain in his love. Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.
11 I've told you this so my joy may be in you, and your joy be complete. Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.
12 "This is my command: love one another as I have loved you. Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.
13 No one has greater love than this: to lay down one's life for one's friends. Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.
14 You are my friends if you do what I command you. Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo ndabategeka.
15 I no longer call you servants—a servant doesn't know what his master does. I call you friends, since I've made known to you everything I heard from my Father. Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.
16 You didn't choose me—I chose you and placed you to go, bear fruit that lasts, so whatever you ask the Father in my name, he'll give you. Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.
17 This is my command to you: love one another. Iri ni ryo bwirizwa ryanje: Nimukundane.
18 "If the world hates you, know that it hated me first. Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.
19 If you were of the world, the world would love you as its own. But you are not of the world; instead, I chose you out of the world, so the world hates you. Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.
20 Remember what I told you: a servant isn't greater than his master. If they persecuted me, they'll persecute you too; if they kept my word, they'll keep yours too. Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.
21 But they'll do all this to you because of my name, since they don't know the one who sent me. Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.
22 Had I not come and spoken to them, they would have no sin; now they have no excuse for their sin. Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.
23 Whoever hates me hates my Father as well. Uwunyanka aba yanka na Data.
24 Had I not done among them the works no one else did, they would have no sin. But now they have seen and hated both me and my Father. Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.
25 But this happened to fulfill what is written in their Law: 'They hated me without cause.' Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’
26 "When the Helper comes, whom I will send you from the Father—the Spirit of truth proceeding from the Father—he will testify about me. Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.
27 "And you also must testify, because you have been with me from the beginning." Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]