Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Do not let your hearts be troubled. Believe in our Father; believe also in me. “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.
2 In my Father's house are many rooms. If it were not so, would I have told you that I am going to prepare a place for you? Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.
3 And if I go and prepare a place for you, I'll come back and take you to myself, so you'll be where I am. Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.
4 And you know the way to where I am going." Kandi murazi inzira ijayo.”
5 Thomas said to him, "Lord, we don't know where you're going—how can we know the way?" Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”
6 Jesus told him, "I am the way, and the truth, and the life. No one comes to the Father except through me. Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.
7 Had you known me, you would have known my Father too. Starting now, you know him and have seen him." Iyo muja kuba munzi vy’ukuri, mwari kuba muzi na Data. Noneho kuva ubu muramuzi kandi mwaramubonye.”
8 Philip said to him, "Lord, show us the Father, and that will be enough for us." Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”
9 Jesus said, "Philip, I've been with you this long, and you don't know me? Whoever has seen me has seen the Father. How can you say, 'Show us the Father'? Yesu aramwishura ati: “Filipo, inyuma y’iki gihe cose tumaranye, uracavuga ko utanzi? Uwumbonye wese aba abonye Data! None ni kuki uvuze uti: ‘Twereke Data’?
10 Don't you believe I'm in the Father, and the Father in me? The words I speak to you aren't my own—the Father living in me does his works. Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe.
11 Believe me: I'm in the Father, the Father in me—or else believe because of the works themselves. Nimube munyizera iyo ndababwiye ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe; canke na ho, munyizere kubera ibikorwa mwabonye nkora.
12 Truly, truly, I tell you, whoever believes in me will do the works I do, and will do even greater works, because I am going to the Father. Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.
13 Whatever you ask in my name, I will do it, so the Father may be glorified in the Son. Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.
14 If you ask me anything in my name, I will do it. Ni ukuri, ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora.
15 "If you love me, you will keep my commandments. Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.
16 And I will ask the Father, and he will give you another Helper, the Holy Spirit, to be with you forever, Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,
17 the Spirit of truth, whom the world cannot receive, since it neither sees him nor knows him. But you know him, since he remains with you and will be in you. ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.
18 I will not leave you as orphans; I will come to you. Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.
19 Soon the world won't see me anymore, but you will see me. Because I live, you will live too. Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.
20 On that day you'll know: I'm in my Father, you in me, and I in you. Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe.
21 Whoever has my commandments and keeps them loves me, and my Father will love whoever loves me. I will love him and show myself to him." Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”
22 Judas, not Iscariot, asked, "Lord, why show yourself to us and not to the world?" Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: “Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?”
23 Jesus replied, "Anyone who loves me will keep my word, and my Father will love that person, and we will come to them and make our home with them. Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.
24 Whoever doesn't love me doesn't keep my words. And the word you hear isn't mine but the Father's who sent me. Uwutankunda ntazoshira mu ngiro inyigisho zanje. Kandi aya majambo mwumva si ayo nigeneye; ariko ni aya Data yantumye.
25 I have spoken these things to you while I am still with you. Ibi ndabibabwiye nkiri kumwe namwe.
26 But the Helper, the Holy Spirit, whom the Father will send in my name, will teach you everything and remind you of everything I said to you. Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.
27 Peace I leave you; my own peace I give you. Not as the world gives, I give it. Don't let your hearts be troubled or afraid. Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
28 You heard me say to you, 'I'm going away, and I'm coming to you.' If you loved me, you'd have rejoiced, because I'm going to the Father, for the Father is greater than I. Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta.
29 And now I've told you before it happens, so that when it happens you'll believe. Ibi ndabibabwiye bitaraba kugira ngo nivyashika muze mwizere.
30 I won't talk with you much longer—this world's ruler is coming. He has no hold on me, Nta mwanya ngifise wo kubabwira vyinshi, kuko umutware w’iyi si agira aze. Jewe nta bubasha amfiseko,
31 but I do exactly as the Father commanded me, so the world may know I love the Father. Get up, let's leave this place." ariko aje kugira ngo isi imenye ko nkunda Data kandi ko nkora nk’uko Data yantegetse. Nimuhaguruke tugende.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]