Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now, before the Passover festival, Jesus knew his hour had come to leave this world to his Father. Having loved his own in the world, he loved them to the end. Buca bagira umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se gishitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.
2 During supper, the devil had already put into Judas son of Simon Iscariot's heart the plan to betray Jesus. Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.
3 Jesus, knowing that the Father had given everything into his hands, and that he had come from him and was returning to him, Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.
4 rose from supper, took off his outer clothes, picked up a towel, and tied it around his waist. Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera.
5 Then he poured water into a basin and began washing the disciples' feet, drying them with the towel tied around him. Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.
6 He came to Simon Peter, who said to him, "Lord, are you going to wash my feet?" Ashikiriye Simoni Petero, Petero aramubwira ati: “Mwami, ni wewe ugira unyoze ibirenge!”
7 Jesus answered him, "You do not realize now what I am doing, but later you will understand." Yesu aramwishura ati: “Ntushobora gutahura ico ndiko ndakora ubu nyene, ariko uzogitahura hanyuma.”
8 "You will never wash my feet," Peter said. Jesus answered, "Unless I wash you, you share nothing with me." Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”
9 Simon Peter said to him, "Lord, not only my feet, but also my hands and head!" Simoni Petero na we ati: “Mwami, nimba ari uko rero ntunyoze ibirenge gusa, unyoze n’ibiganza n’umutwe na vyo.”
10 Jesus told him, "One who has bathed needs only to wash his feet—he is fully clean. You are clean, but not all of you." Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.”
11 He knew who would betray him; that's why he said, "Not all of you are clean." Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.
12 After washing their feet and dressing, he reclined again and said to them, "Do you understand what I have done for you? Ahejeje kuboza ibirenge, aca yambara wa mutamana wiwe asubira mu cicaro ciwe. Arababaza ati: “Muratahuye ico ndabakoreye?
13 You call me Teacher and Lord, and rightly so, for that is what I am. Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.
14 So if I, your Lord and Teacher, washed your feet, you too must wash each other's feet. Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.
15 For I have given you an example, that you should do as I have done for you. Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye.
16 Truly, truly, I say to you, a servant isn't greater than his master, nor a messenger greater than his sender. Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.
17 If you know these things, you are blessed if you do them. Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa nimwabishira mu ngiro.
18 "I don't mean all of you—I know those I've chosen. But Scripture must be fulfilled: 'The one eating my bread has raised his heel against me.' Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’
19 I tell you now, before it happens, so you'll believe, once it happens, that I AM. Ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere ko ndi uwo ndi we.
20 Truly, truly, I tell you, whoever welcomes someone I send welcomes me, and whoever welcomes me welcomes the one who sent me." Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”
21 After saying this, Jesus, troubled in spirit, testified, "Truly, truly, I tell you, one of you will betray me." Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze abivuga icese, ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”
22 The disciples looked at one another, at a loss to know which of them he meant. Abigishwa barabana mu maso, bibaza uwo ariko aravuga.
23 One of his disciples, the one Jesus loved, was reclining at his side. Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.
24 So Simon Peter motioned to him to ask which one Jesus meant. Simoni Petero amuvunira akagohe, amubwira ati: “Mubaze uwo ari we.”
25 Leaning back against Jesus, he asked him, "Lord, who is it?" Na we yegamira Yesu aramubaza ati: “Mwami, ni nde?”
26 Jesus answered, "It's the one I'll give this bread to, once I've dipped it." Then he dipped the bread and gave it to Judas, son of Simon Iscariot. Yesu aramwishura ati: “Ni uwo nza gukoreza umukate mw’isahani nkawumuha.” Yesu ahejeje kuwukoza mw’isahani awuha Yuda, mwene Simoni Isikariyote.
27 After Judas took the bread, Satan entered into him. So Jesus told him, "Do quickly what you're doing." Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo. Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.”
28 But no one reclining at the table understood why he said this to him. Ariko mu bariko barasangira na we nta n’umwe yamenye igituma amubwiye ayo majambo.
29 Since Judas held the money bag, some thought Jesus meant, 'Buy what we need for the feast,' or, 'Give something to the poor.' Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.
30 As soon as Judas had taken the bread, he went out. And it was night. Yuda agiheza kurya wa mukate, aca arasohoka kandi hari mw’ijoro.
31 After Judas left, Jesus said, "Now the Son of Man is glorified, and my Father is glorified in him. Yuda amaze kugenda, Yesu aca avuga ati: “Umwana w’Umuntu agira ahabwe icubahiro, kandi n’Imana igira ihabwe icubahiro muri we.
32 If my Father is glorified in him, my Father will also glorify the Son in himself and glorify him immediately. Kandi nimba Imana igira ihabwe icubahiro muri we, na yo igiye kumuha icubahiro vuba.
33 Dear children, I'm with you a little longer. You'll look for me, and as I told the Jewish leaders, so I tell you now: where I'm going, you can't come. Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.
34 I give you a new command: love one another. As I have loved you, so you must love one another. Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.
35 By this everyone will know that you are my disciples, if you love one another." Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
36 Simon Peter said to him, "Lord, where are you going?" Jesus answered, "Where I'm going you can't follow me now, but you'll follow later." Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?” Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”
37 Peter asked, "Lord, why can't I follow you now? I'll lay down my life for you." Petero aramubwira ati: “Mwami, ni kuki ntogukurikira ubu? Nditeguye no gupfa nzira wewe!”
38 Jesus replied, "You will lay down your life for me? Truly, truly, I tell you: the rooster won't crow until you have denied me three times." Yesu aramwishura ati: “Gupfa uzira jewe? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]