Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Six days before Passover, Jesus came to Bethany, where Lazarus, whom Jesus raised from death, lived. Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.
2 There they gave him a dinner; Martha served, and Lazarus was one of those at the table with him. Nuko bategurira amazimano Yesu, Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu.
3 Mary took about a pint of pure nard perfume, expensive, and anointed Jesus' feet, then wiped his feet with her hair. The house filled with the fragrance of the perfume. Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.
4 But Judas Iscariot, one of his disciples, the one who was about to betray him, said, Ariko umwe mu bigishwa biwe yitwa Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha, aravuga ati:
5 "Why was this perfume not sold for about a year's wages and given to the poor?" “Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu.”
6 He said this not because he cared about the poor, but because he was a thief who kept the money box, taking what was put in it. Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.
7 So Jesus said, "Leave her alone. She has kept this for the day of my burial. Yesu arishura ati: “Nimureke kumugora! Ibi abikoze mu kuntegurira guhambwa.
8 You will always have the poor among you, but you will not always have me." Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”
9 A large crowd of Jews learned Jesus was there and came, not only for him but to see Lazarus, whom he had raised from the dead. Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari isinzi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye.
10 So the chief priests planned to kill Lazarus as well, Ivyo vyatumye abaherezi bakurubakuru bagira imigambi yo kwica Lazaro na we,
11 because on account of him many of the Jews were going over and believing in Jesus. kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.
12 The next day, the large crowd that came for the feast heard Jesus was coming to Jerusalem. Ku musi ukurikira, abantu isinzi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu.
13 They took palm branches and went out to meet him, shouting, "Hosanna! Blessed is he who comes in the name of our Father—the King of Israel!" Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe umwami wa Isirayeli.”
14 Jesus found a young donkey and rode on it, just as it is written: Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:
15 "Do not be afraid, daughter of Zion; look, your king is coming, seated on a donkey's colt." “Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni; raba, umwami wawe araje, yicaye ku nyana y’indogoba.”
16 His disciples didn't understand these things at first; but when Jesus was glorified, they remembered these things were written about him, and that they had done these things to him. Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.
17 The crowd that was with him when he called Lazarus from the tomb and raised him from the dead kept testifying. Isinzi ry’abantu bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye.
18 The crowd went to meet him because they heard he had done this sign. Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza.
19 So the Pharisees said to each other, "See, you're accomplishing nothing—the whole world has gone after him." Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”
20 Now there were some Greeks among those who went up to worship at the feast. Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.
21 These came to Philip, from Bethsaida in Galilee, and asked him, "Sir, we want to see Jesus." Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Nyakwubahwa, twipfuza kubona Yesu.”
22 Philip went and told Andrew; then Andrew and Philip went and told Jesus. Filipo aca aragenda abibwira Andereya, maze uko ari babiri baca baja kubibwira Yesu.
23 Jesus replied to them, "The hour has come for the Son of Man to be glorified. Yesu aca ababwira ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.
24 Truly, truly, I tell you, unless a wheat grain falls to the ground and dies, it stays alone; but if it dies, it bears much fruit. Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane.
25 Whoever loves his life loses it; whoever hates his life in this world keeps it for eternal life. Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira.
26 Whoever serves me must follow me, so my servant will be where I am. Whoever serves me, my Father will honor him." Nimba hariho umuntu ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.
27 "Now my soul is troubled. What should I say—'Father, save me from this hour'? But this is why I came to this hour. Father, glorify your name." Ubu ndumva mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge iki? Mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.
28 Then a voice came from heaven: "I have glorified it, and I will glorify it again." Data, hesha izina ryawe icubahiro.” Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.”
29 The crowd standing there heard it and said it thundered; others said an angel spoke to him. Abantu benshi bari ngaho bumvise iryo jwi, bavuga ko ari umuturagaro, abandi na bo ngo ni umumarayika avuganye na we.
30 Jesus said, "This voice came for your sake, not mine. Yesu arababwira ati: “Iryo jwi ntirivuze ku bwanje, ni ku bwanyu.
31 Now is the judgment of this world; now the ruler of this world will be cast out. Igihe co gucira iyi isi urubanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.
32 And I, when I am lifted up from the earth, will draw all people to myself." Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose.”
33 He said this to show by what kind of death he was going to die. Ivyo yabivuze ashaka kwerekana urupfu yari agiye gupfa.
34 The crowd replied, "We've heard from the Law that the Christ stays forever. How can you say the Son of Man must be lifted up? Who is this Son of Man?" Abantu isinzi bari ngaho baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”
35 So Jesus said, "The light is with you a little while longer. Walk while you have light, so darkness doesn't overtake you. Whoever walks in darkness doesn't know where he's going. Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.
36 While you have light, believe in the light, so you become children of light." Having said this, Jesus left and hid from them. Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.
37 Though he had performed so many signs in their presence, they still would not believe in him, Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.
38 so that the word of Isaiah the prophet would be fulfilled, which he spoke: "Father, who has believed our message? And to whom has the arm of our Father been revealed?" Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati: “Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze? Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”
39 This is why they could not believe, for Isaiah said again: Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:
40 "He has blinded their eyes and hardened their heart, so that they would not see with their eyes, nor understand with their heart, nor turn—and I would heal them." “Uhoraho yabagize impumyi akomantaza imitima yabo, kugira ngo amaso yabo ntabone, n’imitima yabo ntitahure, ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”
41 Isaiah said these things because he saw Jesus' glory and spoke about him. Ibi Yesaya yabivuze kuko yeretswe ibizoba muri kazoza, abona ubwiza bwa Yesu, maze amuvugako.
42 Still, many even of the rulers believed in him, but they didn't admit it because of the Pharisees, so they wouldn't be expelled from the synagogue, Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Mugabo ntibavyemanga ku mugaragaro kubera batinya ko Abafarisayo bobirukana mw’isinagogi.
43 for they loved the glory that comes from people more than the glory that comes from our Father. Ivyo vyaterwa n’uko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.
44 Jesus cried out, "Whoever believes in me does not believe in me only, but in the one who sent me. Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.
45 And whoever sees me sees the one who sent me. Uwumbonye aba abonye uwantumye.
46 I came into the world as light, so no one who believes in me stays in the darkness. Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.
47 If anyone hears my words and doesn't keep them, I don't judge him—I didn't come to judge the world, but to save the world. Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.
48 Whoever rejects me and doesn't accept my words already has a judge: my spoken word will judge him on the last day. Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.
49 I have not spoken on my own; but the Father who sent me himself commanded me what to say and how to speak. Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze.
50 I know his commandment is eternal life, so I say only what the Father told me to say." Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]