Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "I have told you all this so that you will not fall away. Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika.
2 They will expel you from synagogues; but the hour is coming when whoever kills you will think he offers a service to God. Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.
3 They will do this because they have not known the Father or me. Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.
4 But I've told you this so that when their hour comes, you'll remember I told you. I didn't tell you this from the start, because I was with you. Ibi ndabibabwiye kugira ngo nivyashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye. Icatumye ntabibabwira mu ntango ni kuko nari nkiri kumwe namwe.
5 "But now I'm going to him who sent me, and none of you asks me, 'Where are you going?' Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja.
6 Instead, because I have said these things to you, sorrow has filled your heart. Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye.
7 I tell you the truth: my going is for your good. If I don't go, the Helper, the Holy Spirit, won't come to you. But if I go, I will send him to you. Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.
8 And when he comes, he will convict the world concerning sin and righteousness and judgment: Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ivy’ukugororoka hamwe n’ivy’urubanza.
9 concerning sin, because they do not believe in me; Ivy’icaha kuko banse kunyizera.
10 concerning righteousness, because I am going to my Father and you will see me no longer; Ivy’ukugororoka, kuboneka kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona.
11 concerning judgment, because the ruler of this world has been judged. Ivy’urubanza, kuko umutware w’iyi si yamaze gutsindwa n’urubanza.
12 "I still have many things to say to you, but you cannot bear them now. Mfise vyinshi nashaka kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.
13 But when he, the Spirit of truth, comes, he will guide you into all truth. He won't speak on his own, but will speak whatever he hears, and will tell you what is coming. Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.
14 He will glorify me, for he will take what is mine and tell it to you. Azompesha icubahiro kuko azokwakira ivyanje akabibamenyesha.
15 All my Father has is mine; that's why I said he takes from what is mine and will tell you. Ivya Data vyose ni ivyanje. Ni co gituma mvuze ko Mpwemu azokwakira ivyanje akabibamenyesha.”
16 "Soon you'll no longer see me; then soon again you'll see me." Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.”
17 So some of his disciples asked each other, "What does he mean: 'In a little while you will not see me, and then in a little while you will see me,' and, 'Because I am going to the Father'?" Bumvise ayo majambo, bamwe mu bigishwa baravugana bati: “Ashatse kuvuga iki? Ngo: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’ kandi ngo: ‘Ngiye kuja kwa Data’.”
18 So they kept saying, "What does he mean, 'a little while'? We don't know what he's talking about." Barongera babazanya bati: “ ‘Hasigaye igihe gito’ bisigura iki? Ntidutahura ico ashaka kuvuga.”
19 Jesus knew they wanted to ask him, so he said to them, "Are you asking each other what I meant by saying, 'In a little while you will not see me, and then a little while you will see me'? Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?
20 "Truly, truly, I tell you: you will weep and mourn, but the world rejoices. You'll grieve, but your grief will become joy. Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.
21 A woman in labor has pain because her hour has come; but once she gives birth, she forgets the anguish, because she is joyful that a person has been born into the world. Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi.
22 So you also have sorrow now, but I will see you again, and your heart will rejoice, and no one will take your joy from you. Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.
23 In that day you will ask me nothing. Truly, truly, I tell you: whatever you ask my Father in my name, he will give you. Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.
24 Until now you've asked nothing in my name. Ask, and you will receive, so your joy may be complete. Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.
25 I've told you these things in figures. The hour is coming when I'll no longer speak in figures, but tell you plainly about my Father. Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.
26 That day you'll ask in my name, and I'm not telling you I'll ask my Father on your behalf; Muri ico gihe muzosaba mw’izina ryanje. Simvuze ko nzobavugira kuri Data.
27 for the Father himself loves you, because you've loved me and believed I came from our Father. Oya, Data ubwiwe asanzwe abakunda kuko mwankunze, mukizera ko naje ntumwe n’Imana.
28 I came from my Father and entered the world; again, I leave the world, going to my Father." Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”
29 His disciples said, "Now you are speaking plainly and not using any figure of speech! Maze abigishwa biwe baramubaza bati: “Ubu rero uriko uvuga udakoresheje imigani.
30 Now we know you know everything and need no one to ask you questions; so we believe you came from our Father." Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”
31 Jesus replied, "Do you now believe? Yesu arabishura ati: “Ubu rero murizeye?
32 "See, the hour is coming—has come—when you'll be scattered, each to his own home, leaving me alone. Yet I'm not alone; my Father is with me. Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.
33 I've told you this so you may have peace in me. In the world you'll face trouble, but take heart—I've overcome the world." Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]