Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

John 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After saying this, Jesus looked up to heaven and said: "Father, the hour has come. Glorify your Son, so the Son may glorify you, Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.
2 since you gave him authority over all people, to give eternal life to all you gave him. Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.
3 This is eternal life: that they know you, the only true Father, and Jesus Christ whom you sent. Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.
4 I glorified you on the earth, having finished the work you gave me to do. Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.
5 Father, glorify me now with yourself, with the glory I had with you before the world existed. None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.
6 I revealed your name to those you gave me from the world. They were yours; you gave them to me, and they have kept your word. Narakumenyekanishije ku bo wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe urabampa, kandi bumviye ijambo ryawe.
7 Now they know that everything you have given me is from you, Ubu barazi ko ivyo mfise vyose vyavuye iwawe,
8 for I gave them the words you gave me; they received them, truly knew I came from you, and believed you sent me. kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.
9 I pray for them, not for the world, but for those you gave me, since they are yours. Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe.
10 Everything mine is yours, and yours is mine, and I am glorified in them. Abanje bose ni abawe, kandi abawe bose ni abanje. Kandi icubahiro canje kigaragarira muri bo.
11 I'm no longer in the world, but they are in the world, and I'm coming to you. Holy Father, keep them in your name, the name you gave me, so they may be one as we are. Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.
12 While with them, I kept them in your name you gave me. I guarded them—none was lost except the son of destruction, so Scripture would be fulfilled. Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.
13 Now I come to you, and I say these things in the world so they may have my joy completed in themselves. Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye.
14 I've given them your word; the world hated them, since they're not of the world, just as I'm not of the world. Nabahaye ijambo ryawe, kandi isi yarabanse kuko batakiri abayo, nk’uko nanje ntari uwayo.
15 I don't ask you to remove them from the world, but to guard them from the evil one. Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.
16 They are not of the world, just as I am not of the world. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uwayo.
17 Make them holy by truth; your word is truth. Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri.
18 As you sent me into the world, so I have sent them into the world. Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi.
19 For them I make myself holy, so they too may be made holy in truth. Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.
20 I pray not only for these, but also for those who will believe in me through their word. Sinsengeye aba gusa. Ariko ndasengeye n’abandi bose bazokwizera biciye ku butumwa bw’aba.
21 Father, let them all be one, as you're in me and I in you, so they're in us too, and the world believes you sent me. Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.
22 The glory you have given me, I have given them, so they may be one as we are one. Icubahiro wampaye narakibahaye, kugira ngo babe umwe nk’uko twe nawe turi umwe:
23 I in them and you in me, so they may be made completely one, so the world may know you sent me and loved them as you loved me. jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.
24 Father, I want those you gave me to be with me where I am, to see my glory, which you gave me because you loved me before the world was made. Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.
25 Righteous Father—the world doesn't know you, but I know you, and these know you sent me. Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.
26 I have made your name known to them, and will keep making it known, so the love you loved me with may be in them, and I in them." Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]