Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word that came to Jeremiah from our Father when King Zedekiah sent him Pashhur son of Malchiah and Zephaniah the priest, son of Maaseiah: Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Yeremiya igihe umwami Zedekiya yamurungikira Pashuri mwene Malikiya n’umuherezi Zefaniya mwene Mayaseya. Bavuga bati:
2 "Please ask our Father for us, since Nebuchadnezzar king of Babylon attacks us. Perhaps our Father will deal with us by all his wonders, so that the enemy will withdraw from us." “Dusigurize Uhoraho ubu kuko Nebukadineza umwami w’i Babiloni ariko aradutera. Kumbure Uhoraho yodukorera ibitangaza nko mu bihe vya kera maze akagenda akareka kudutera.”
3 Then Jeremiah said to them, "Tell Zedekiah this: Ariko Yeremiya arabishura ati: “Bwira Zedekiya muti:
4 This is what the Father of Israel says: "I am about to turn back the weapons in your hands, used against the king of Babylon and the Babylonians besieging you outside the wall, and gather them into this city's heart. ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: Ngiye kuguhindukirizako ibigwanisho vyose vy’intambara ufise mu ntoke zawe, ivyo uriko urakoresha mu kugwanya umwami w’i Babiloni n’Abanyababiloni bari inyuma y’uruzitiro bamaze kukwugariza. Kandi nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara.
5 I myself will fight you with an outstretched hand and strong arm, in anger, rage, and great wrath. Jewe ubwanje nzokugwanya n’ukuboko kwanje kubanguye kandi kw’inkomezi no mu burake n’ubushangashirwe n’ishavu ryinshi.
6 I will strike down this city's residents, people and animals alike; they will die in a great plague. Nzokwica abantu bose baba muri kino gisagara, abantu n’ibikoko, kandi bazokwicwa n’ivyago biteye ubwoba.
7 Afterward, declares our Father, I will hand Zedekiah king of Judah, his servants, and the people in this city who survive the plague, sword, and famine over to Nebuchadnezzar king of Babylon, their enemies who seek their lives. He will strike them with the sword—no pity, no sparing, no compassion." Inyuma y’ivyo, ni ko Uhoraho avuze, Zedekiya umwami w’i Buyuda, abaganwa biwe n’abantu bo muri iki gisagara bazosigara batishwe n’icago, inkota n’ikigoyi, nzobatanga mu maboko ya Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’abansi babo bashaka kubamara. Azobicisha inkota; ntazobagirira imbabazi canke akagongwe canke ikibabarwe.’
8 Tell these people what our Father says: I set before you the way of life and the way of death. Vyongeye, bwira abantu muti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Raba, ngira nshire imbere yanyu inzira y’ubugingo n’inzira y’urupfu.
9 Whoever stays in this city dies by sword, famine, and plague; whoever surrenders to the besieging Babylonians lives, keeping his life as spoil. Umuntu wese azoguma muri iki gisagara azokwicishwa inkota, ikigoyi n’ikiza. Ariko uwuzokivamwo akishikana ku Banyababiloni babugarije azobaho; azokiza ubugingo bwiwe.
10 I set my face against this city for harm, not good, declares our Father. It will be handed to Babylon's king, who will burn it with fire. Nafashe ingingo yo kugirira nabi iki gisagara, si ineza, ni ko Uhoraho avuze. Kizotangwa mu maboko y’umwami w’i Babiloni, na we azogitongoza umuriro.’
11 Say to the royal house of Judah: Listen to the word of our Father. Vyongeye, bwira abo mu nzu y’ingoma y’i Buyuda muti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho.
12 House of David, our Father says: Judge justly each morning, free the robbed from their oppressor's hand, or my anger flares like fire, burning with no one to put it out, because of your evil deeds. Yemwe abo mu nzu ya Dawidi, uku ni ko Uhoraho avuze: Nimuce imanza zibereye uko bukeye, mukure mu maboko y’uwuhahaza uwanyazwe utwiwe, ahandi ho uburake bwanje buzoziriringa kubera ibibi mwakoze, buzorurumba nk’umuriro utazima.
13 Look, I am against you, you who dwell above the valley, you rock of the plain, declares our Father—you who say, "Who can come down against us? Who can enter our dwellings?" Nzobagwanya mwebwe, ab’i Yerusalemu, mwebwe mwibera hejuru y’iki kiyaya, mu kibande c’amabuye, ni ko Uhoraho avuze; mwebwe muvuga muti: “Ni nde yoza kutugwanya? Ni nde yokwinjira mu bwihisho bwacu?”
14 I will punish you as your deeds deserve, declares our Father. I will kindle a fire in her forest, and it will devour everything around her." Nzobahana ibikwiranye n’ibikorwa vyanyu, ni ko Uhoraho avuze. Nzokwatsa umuriro mu mashamba yanyu na wo uzotongora ibintu vyose bibakikije.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]