Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Pashhur son of Immer, priest and chief officer in our Father's house, heard Jeremiah prophesying these things. Umuherezi Pashuri mwene Imeri, umukuru w’Ingoro y’Uhoraho, yumvise Yeremiya avugishwa ivyo,
2 Pashhur struck Jeremiah the prophet and put him in the stocks at the upper Gate of Benjamin, in our Father's house. aca atuma abamukubita kandi amushira mu minyororo kw’Irembo rya Benyamini riri haruguru y’Ingoro y’Uhoraho.
3 Next day, Pashhur freed Jeremiah from the stocks. Jeremiah said, "Our Father hasn't named you Pashhur, but Magor-Missabib—Terror on Every Side. Bukeye bw’aho, Pashuri arekuye Yeremiya, akamukura mu minyororo, Yeremiya aca amubwira ati: “Uhereye ubu, izina ryawe Uhoraho aguhaye si Pashuri, ariko ni Magori Misabibu, ni ukuvuga uwuba mu bwoba.
4 This is what our Father says: 'I will make you a terror to yourself and your friends. They will fall by their enemies' sword before your eyes. I will hand all Judah to Babylon's king; he will exile them to Babylon and strike them with the sword. Kuko uku ari ko Uhoraho avuze: ‘Nzokurungikira ibiteye ubwoba wewe na bagenzi bawe bose; kandi uzobabonesha amaso yawe ubwawe basogotwa inkota n’abansi babo. Nzotanga Abayuda bose mu maboko y’umwami w’i Babiloni, na we azobatwara i Babiloni canke abicishe inkota.
5 I will give this city's wealth, goods, and valuables, and the treasures of Judah's kings to their enemies, who will plunder, take, and carry them to Babylon. Nzotanga ubutunzi bwose bw’iki gisagara ndabuhe abansi babo, ibintu vyaho vyose, ivy’igiciro n’ibitayega vy’abami b’i Buyuda.
6 You, Pashhur, and everyone in your house will go into captivity, come to Babylon, and die and be buried there—you and all your friends you prophesied lies to.'" Nawe Pashuri n’ababa mu nzu yawe bose muzojanwa mu kinyago i Babiloni. Aho ni ho uzopfira uhambwe, wewe n’abagenzi bawe abo wavugishijweko ibinyoma.’ ”
7 You deceived me, my Father, and I was deceived; you overpowered me and prevailed. I have become a laughingstock all day long; everyone mocks me. Yewe Uhoraho, warampenze, nanje ndemera; wandushije inkomezi uranesha. Nahindutse ikimaramare umusi urira; bose barantwenga.
8 Whenever I speak, I cry out, shouting, "Violence and destruction!" For the word of our Father has brought me mockery and contempt all day long. Iyo mvuze, ndasemerera menyesha umuryano n’uguhona. None rero ijambo ry’Uhoraho ryanzaniye gutukwa no gucokorwa rikarinda rirenga.
9 But if I say, "I will not mention him or speak any more in his name," then there is in my heart something like a burning fire locked in my bones. I am worn out holding it in, and I cannot. Ariko iyo mvuze nti: “Sinzovuga ijambo ryiwe canke ngo nsubire kuvuga mw’izina ryiwe,” ijambo ryiwe rica rimera nk’umuriro mu mutima wanje, umuriro ukaka mu magufa yanje. Ndarushe no kuvyihanganira; ni ukuri, sindabishoboye.
10 For I hear the whispering of many: "Terror on every side! Denounce him! Let us denounce him!" All my trusted friends watch for my fall: "Perhaps he will be deceived, and then we will prevail over him and take our revenge on him." Numva benshi bongorerana bati: “Ibiteye ubwoba impande zose! Murege! Reka tumurege!” Abagenzi banje bose biteze ko ntirimuka, bakavuga bati: “Kumbure bomusuka; natwe tugaca tumunesha, tukamwihora.”
11 But our Father is with me like a fearsome warrior; therefore my persecutors will stumble and not prevail. They will be utterly put to shame, for they have not succeeded; their everlasting dishonor will never be forgotten. Ariko Uhoraho ari kumwe nanje nk’umuhizi w’inkomezi; ni co gituma abangwanya bazotsitara, ntibazonesha. Bazotemba rwose maze bamaramare; kandi ibiteterwe vyabo ntibizokwigera vyibagiranwa.
12 O Father of heaven's armies, you who test the righteous and see the heart and the mind, let me see your justice against them, for I have committed my cause to you. Yewe Uhoraho Mushoboravyose, wewe usuzuma abagororotsi, ugatandukanya umutima n’umushaha, uze umpe kubona uguhora kwawe kuri bo, kuko urubanza rwanje naruguhaye.
13 Sing to our Father! Praise our Father! For he has rescued the life of the needy from the clutches of evildoers. Ririmbira Uhoraho! Himbaza Uhoraho! Akiza ubugingo bw’umukene abukuye mu maboko y’abanyakibi.
14 May the day I was born be cursed! May the day my mother gave birth to me never be blessed. Umusi navukiyeko urakavumwa! Umusi mama yamvyariyeko ntugahezagirwe!
15 May that man who brought my father the news, "A son is born to you!" be cursed—making him very glad. Uwazaniye inkuru data arakavumwa, uwatumye anezerwa, akavuga ati: “Uronse umwana, umuhungu!”
16 Let that man be like the cities our Father overthrew without relenting. Let him hear an outcry in the morning and a battle alarm at noon, Uwo muntu arakaba nk’ibisagara Uhoraho yasambuye ata kagongwe. Arakumva akaruru mu gatondo, akaruru k’intambara mu mashoka.
17 because he did not kill me in the womb, so that my mother would have been my grave, her womb my resting place forever. Kubera ko atanyishe nkiri mu nda, ngo mama ampindukire imva, ku buryo nigumira muri we ibihe vyose.
18 Why did I ever come out of the womb to see trouble and sorrow, and to end my days in shame? Ni kuki navutse nkava mu nda ngo mbone umubabaro n’amarushwa kandi ngo ndangirize imisi yanje mu biteterwe?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]