Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what our Father says: Go down to the house of Judah's king and speak this word there, Uku ni ko Uhoraho yambwiye: “Manuka uje ku kirimba c’umwami w’i Buyuda, maze uvuge ubu butumwa uti:
2 and say: Hear our Father's word, king of Judah, seated on the throne of David—you, your servants, your people entering these gates. ‘Niwumve ijambo ry’Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, wicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, namwe baganwa hamwe n’abantu banyu muca muri aya marembo.
3 This is what our Father says: Do justice and right; rescue the robbed from the oppressor's hand. Wrong no foreigner, orphan, or widow, and do them no violence, and shed no innocent blood here. Uku ni ko Uhoraho avuze: Nimukore ibigororotse n’ibibereye, mukize uwanyazwe mumukure mu maboko y’uwumucinyiza. Ntimugirire nabi canke ngo murenganye umunyamahanga, impfuvyi canke umupfakazi, kandi ntimuvishirize aha hantu amaraso y’uwutagira icaha.
4 If you truly do this, kings on the throne of David will enter these gates, riding chariots and horses—the king, his servants, and his people. Kuko nimwagira umwete wo kwitondera aya mabwirizwa, abami bo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi bazokwama baca muri aya marembo y’iki kirimba, bari mu mikogote kandi bagendera ku mafarasi, baherekejwe n’abaganwa babo n’abantu babo.
5 But if you won't listen to these words, I swear by myself, declares our Father: this house becomes a ruin. Ariko nimutitondera aya mabwirizwa, ni ko Uhoraho avuze, indahiro ni jewe nyene; aha hantu hazohinduka umusaka.’ ”
6 This is what our Father says about Judah's royal house: You are Gilead to me, Lebanon's peak—yet I will make you a desert, cities where no one lives. Kuko uku ari ko Uhoraho avuze ku vyerekeye iki kirimba c’umwami w’i Buyuda, ati: “Naho mumeze nka Gileyadi kuri jewe, mukamera nk’agatwe k’umusozi w’i Libani, ni ukuri nzoguhindura nk’ubugaragwa, nk’ibisagara ata muntu abibamwo.
7 I will set apart destroyers against you, each with his weapons; they will cut down your choicest cedars and throw them into the fire. Nzorungika abo kugusambura, umuntu wese afise ikigwanisho ciwe, maze bazoca ibiti vyizavyiza vy’amasederi yawe babiterere mu muriro.
8 Many nations will pass this city and ask each other, "Why has the LORD done this to this great city?" Abantu bo mu bihugu vyinshi bazoca i ruhande y’iki gisagara maze babazanye bati: ‘Ni kuki Uhoraho yakoreye ibi bintu iki gisagara gihambaye?’
9 They'll answer, "Because they abandoned their Father's covenant, worshiped other gods, and served them." Maze bazokwishura bati: ‘Ni kubera bahemutse kw’isezerano ry’Uhoraho Imana yabo, bagasenga bakongera bagakorera izindi mana.’ ”
10 Do not weep for the dead or mourn for him; weep bitterly instead for the one who is going away, for he will never return to see the land of his birth. Ntimuze muririre umwami apfuye canke ngo mumugandararire; ahubwo, muze muborogere uwujanywe nk’inyagano, kuko atazogaruka canke ngo asubire kubona igihugu c’amavukiro.
11 This is what our Father says about Shallum son of Josiah, king of Judah, who succeeded his father as king and has left this place: He will never return. Kuko ibi ari vyo Uhoraho avuze ku vyerekeye Shalumu mwene Yosiya, yasubiye ku ngoma ya se umwami w’i Buyuda ariko akaba yarajanywe nk’inyagano: “Ntazogaruka.
12 He will die where they took him captive and never see this land again. Azopfira mu gihugu bamujanyemwo nk’inyagano; ntazosubira kubona iki gihugu.
13 Woe to him who builds his house by unrighteousness and his upper rooms by injustice, who makes his neighbor work for nothing and does not give him his wages, Aragowe uwubakisha ikirimba ciwe ibigabitanyo, akubakisha ivyumba vyo hejuru akarenganyo, agakoresha abantu biwe atabahemba, ntabahembe ku bw’ubutame bwabo.
14 who says, "I will build myself a vast house with spacious upper rooms," and cuts out wide windows for it, panels it with cedar, and paints it bright red. Avuga ati: ‘Nzokwiyubakira ikirimba kinini gifise ivyumba vyo hejuru vyagutse.’ Maze agaca amadirisha manini kuri co, akayashariza akoresheje amasederi hamwe n’irangi ritukura.
15 Do you reign because you outdo others with cedar? Your father ate and drank, yet he did justice and righteousness, and then it went well with him. Mbega kugwiza amasederi menshi ni kwo kukugira umwami? Mbega so ntiyari afise ivyokurya n’ivyokunywa? Yakoze ibigororotse n’ibikwiye, kandi vyose vyagenze neza kuri we.
16 He defended the cause of the poor and needy, and so it went well. Is this not what it means to know me? declares our Father. Yaraburanira abakene n’impahazwa, maze vyose bikagenda neza. Mbega ivyo si co bisigura kumenya jewe Uhoraho?” ni ko Uhoraho avuze.
17 But your eyes and your heart are set only on your dishonest gain, on shedding innocent blood, and on practicing oppression and violence. “Ariko amaso yawe n’umutima wawe vyose wabishize ku nyungu mbi, ku kuvisha amaraso y’uwutagira icaha gucinyiza no kunyaga.”
18 So our Father says about Jehoiakim son of Josiah, king of Judah: No one will mourn him: "Oh, my brother!" or "Oh, my sister!" No one will mourn him: "Oh, lord!" or "Oh, his majesty!" None rero uku ni ko Uhoraho avuze kuri Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda: “Ntibazomugandarira, ngo bagire bati: ‘Yo! Musazanje! Yo! Mushikanje!’ Ntibazomugandarira bati: ‘Yo! Databuja! Yo! Nyakwubahwa!’
19 He will be buried with a donkey's burial—dragged off and thrown out beyond the gates of Jerusalem. Azohambwa nk’indogoba, azokwegwa hasi maze atererwe hanze y’amarembo y’i Yerusalemu.
20 Go up to Lebanon and cry out; raise your voice in Bashan; cry out from Abarim, for all your lovers are crushed. Duga i Libani maze usemerere, ijwi ryawe ryumvikane i Bashani, semerera uri i Abarimu, kuko abo wikundiye bamenaguwe.
21 I spoke to you in your times of ease, but you said, "I will not listen." This has been your way since your youth—you have not obeyed my voice. Narakuburiye igihe wari ukiri mu mutekano, ariko uravuga uti: ‘Sinzokwumviriza!’ Uko ni ko wagenda kuva mu buto bwawe; ntiwanyumviye.
22 "The wind will shepherd away all your shepherds, and your lovers will go into captivity; then you will be ashamed and humiliated because of all your wickedness. Umuyaga uzotwara abungere bawe ahandi, n’abo wikundiye bazojanwa ari inyagano. Maze na we uzomaramara uteterwe ku bw’ibibi vyawe.
23 You who dwell in Lebanon, nested among the cedars, how you will groan when labor pains come upon you, anguish like a woman giving birth!" Wewe uba i Libani, wubatse icari cawe mu masederi, ese ukuntu uzoboroga mu gihe uburibwe buzogufata, nk’umugore afashwe n’ibise!”
24 As I live, declares our Father, even if Coniah son of Jehoiakim, king of Judah, were a signet ring on my right hand, I would tear you off. “Ndahiye uguhoraho kwanje,” ni ko Uhoraho avuze, “naho wewe, Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, wari impeta yo ku kuboko kwanje kw’i buryo, nzogukura ku rutoke rwanje.
25 "I will hand you to those seeking your life, those you dread—Nebuchadnezzar king of Babylon and the Babylonians. Nzogutanga mu maboko y’abashaka kukwica, abo utinya, ari bo Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’Abanyababiloni.
26 I will hurl you and your mother who bore you into another land, where neither was born—there you will die. Wewe na nyoko yakuvyaye nzobirukana muje mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi aho ni ho mwempi muzopfira.
27 As for the land they long to return to, they will never return there." Ntuzogaruka muri iki gihugu ico wipfuza kugarukamwo.”
28 Is this man Coniah a despised, shattered pot, a vessel no one wants? Why are he and his children hurled out and cast into a land they do not know? Mbega uwu muntu Yehoyakini, si umuntu yankwa, si inkono imenetse, ikintu ata n’umwe agishaka? Ni kuki we n’abana biwe birukanywe mu gihugu, bakaja mu gihugu batigeze bamenya?
29 Land, land, land, hear the word of our Father! Yewe wa gihugu, wa gihugu, wa gihugu, niwumve ijambo ry’Uhoraho!
30 This is what our Father says: Record this man as childless, a man who will not prosper in his lifetime; for none of his offspring will prosper, none will sit on the throne of David or rule again in Judah. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nimwandike uwu muntu nk’aho ari umuntu atagira abana, umuntu atazokwigera atera imbere mu buzima bwiwe, kuko ata wo mu ruvyaro rwiwe azotera imbere, nta n’umwe azokwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi ngo aganze i Buyuda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]