Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Woe to the shepherds who destroy and scatter the sheep of my pasture!' declares our Father. Haragowe abungere bariko baratikiza bongera basanzaza intama zo mu buragiro bwanje!” Ni ko Uhoraho avuze.
2 So our Father of Israel says about the shepherds tending my people: 'You have scattered my flock and driven them away, and not cared for them. Now I will hold you accountable for the evil you have done, declares our Father. Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, abungere baragira intama zanje: “Kubera mwasanzaje umukuku wanje mukazirukana ntimuzibabare, nzobasukako igihano kubera ibibi mwakoze,” ni ko Uhoraho avuze.
3 Then I will gather the remnant of my flock from all the lands where I drove them, bring them back to their pasture, and they will be fruitful and multiply. “Jewe ubwanje nzokwegeranya amasigarira y’umukuku wanje ndawukure mu bihugu nabirukaniyemwo maze ndabagarukane mu buragiro bwabo, aho bazogwirira kandi bakongerekana.
4 I will raise up shepherds over them who will tend them; they will fear no more nor be dismayed, none will go missing, declares our Father. Nzoshiraho abungere babo bazobaragira, kandi ntibazosubira gutinya canke ngo bagwe igihumura, kandi nta n’umwe azobura muri bo,” ni ko Uhoraho avuze.
5 Look, the days are coming, declares our Father, when I will raise up for David a righteous Branch, and he will reign as king and act wisely, and he will administer justice and righteousness in the land. “Ehe imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho nzohagurukiriza Dawidi uwitwa Shami agororotse, umwami azoganzisha ubwenge kandi agakora ibiroranye n’ibigororotse mu gihugu.
6 In his days Judah will be saved, and Israel will dwell securely. And this is the name by which he will be called: The Lord Our Righteousness.' Mu misi yiwe Yuda azokizwa na Isirayeli azoba mu mutekano. Iri ni ryo zina azokwitwa: Uhoraho ni Ukugororoka Kwacu.”
7 "So the days are coming, declares our Father, when they will no longer say, 'As surely as your Father lives, who brought the people of Israel up out of Egypt,' “Nuko rero, imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho abantu batazosubira kuvuga ngo: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye Abisirayeli muri Egiputa,
8 but instead, 'As surely as your Father lives, who brought up and led back the descendants of the house of Israel from the land of the north and all the lands where he had driven them.' Then they will live on their own soil." ariko bazovuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye uruvyaro rwa Isirayeli mu gihugu co mu buraruko mu bihugu yari yarabangarijemwo. Maze bazokwibera mu gihugu cabo bwite.”
9 About the prophets: My heart is broken; all my bones tremble. I am like a drunk man, like one overcome by wine, because of our Father and his holy words. Ku vyerekeye ba kamenyi: Umutima wanje umenekeye muri jewe; amagufa yanje yose ahinda agashitsi. Meze nk’imborerwa, meze nk’umugabo akomeye mugabo yaneshejwe n’umuvinyu, kubera Uhoraho n’amajambo yiwe yera.
10 For the land is full of adulterers; because of the curse the land mourns, and the pastures of the wilderness are dried up. Their ways are evil, and they abuse their power. Igihugu cuzuye abasambanyi; kubera umuvumo utumye igihugu kigandara kandi uburagiro bwo mu bugaragwa burakabiranye. Abavugishwa bakurikira ikibi kandi bakoresha ububasha bwabo ukutari kwo.
11 "Both prophet and priest are godless; even in my house I have found their evil, declares our Father. “Umuvugishwa n’umuherezi bompi nta vy’Imana bababaye; no mu Ngoro yanje nsangamwo ukugira nabi kwabo,” ni ko Uhoraho avuze.
12 Therefore their way will become to them like slippery paths in the darkness, into which they will be driven and fall; for I will bring disaster upon them in the year of their punishment, declares our Father. “Ni co gituma inzira yabo izoba iy’ubunyerere; bazokwirukanirwa mu mwiza kandi aho ni ho bazogwa. Nzobateza icago mu mwaka bazohanirwamwo,” ni ko Uhoraho avuze.
13 In the prophets of Samaria I saw a repulsive thing: they prophesied by Baal and led my people Israel astray. “Mu bavugishwa b’i Samariya nabonye ikintu gisesema: Bavugishwa mw’izina rya Bayali bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.
14 Yet among Jerusalem's prophets I have seen something appalling: they commit adultery, they live by lies, they back the hands of evildoers, so no one turns from his evil. They have all become to me like Sodom, its people like Gomorrah.' No mu bavugishwa b’i Yerusalemu Nabonye ikintu c’ubuyobe: barasambana kandi bakibera mu binyoma. Bakomeza amaboko y’abanyakibi, kugira ngo ntihagire n’umwe ava mu bibi vyiwe. Kuri jewe bose bameze nka Sodomu; abantu b’i Yerusalemu bameze nka Gomora.”
15 So this is what the Father of heaven's armies says about the prophets: I will feed them bitter food and give them poisoned water, for godlessness has spread through the whole land from Jerusalem's prophets.' Nuko rero, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze ku vyerekeye abo bavugishwa: “Nzobarisha ivyokurya birura kandi nzobanywesha amazi arimwo ishano, kuko mu bavugishwa babo b’i Yerusalemu havuyemwo ukutubaha Imana kwakwiye mu gihugu hose.”
16 This is what the Father of heaven's armies says: Do not listen to the prophets prophesying to you; they fill you with false hope, speaking visions from their own minds, not from my mouth. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Ntiwumvirize ivyo abo bavugishwa babavugako; babuzuza ivyizigiro bitari vyo. Bavuga ivyo beretswe bikuriye mu mitwe yabo, bitavuye mu kanwa k’Uhoraho.
17 They keep saying to those who despise my word, 'You will have peace,' and to everyone who stubbornly follows his own heart they say, 'No disaster will come upon you.'" Bashishikara babwira abankengera bati: ‘Uhoraho avuze ngo: Muzoba amahoro.’ N’abashishikara inzira z’ugukomantara kw’imitima yabo bababwira bati: ‘Nta co muzoba.’
18 For who among them has stood in the council of our Father to see and to hear his word? Who has paid attention to his word and listened? Ariko ni nde wo muri bo yahagaze mu nama y’Uhoraho ngo abone canke yumve ijambo ryiwe? Ni nde yumvirije canke yumvise ijambo ryiwe?
19 Look, the storm of our Father has gone out in wrath, a whirling tempest; it will burst upon the heads of the wicked. Raba, isegenya y’Uhoraho izoza ivuye mu burake bwiwe, igihuhusi kizomanuka kizunguruke ku mitwe y’abanyakibi.
20 The anger of our Father will not relent until he has fully carried out the purposes of his heart. In the days to come you will understand it clearly. Uburake bw’Uhoraho ntibuzosubira inyuma kugeza aho azoba yashikije imigabo yo mu mutima wiwe. Mu misi izoza muzobitahura neza.
21 "I did not send these prophets, yet they ran; I did not speak to them, yet they prophesied. Sinatumye abo ba kamenyi, ariko bagiye bariruka bajanye ubutumwa bwabo; sinavuganye na bo, ariko baravugishijwe.
22 But if they had stood in my council, they would have proclaimed my words to my people and turned them back from their evil way and from the evil of their deeds. Mugabo iyo baba barashishikaye mu nama yanje, bari kumenyesha abantu banje amajambo yanje kandi baba baratumye bahindukira bakava mu nzira zabo mbi no mu bikorwa vyabo bibi.
23 Am I your Father only nearby, declares our Father, and not your Father far away as well? Mbega ndi Imana ya hafi gusa,” ni ko Uhoraho avuze, “mbega sindi n’Imana ya kure na ho?
24 Can anyone hide in secret places where I cannot see him? declares our Father. Do I not fill heaven and earth? declares our Father.' Hari uwokwinyegeza ahantu kugira ngo sindamubone?” ni ko Uhoraho abaza. “Mbega sinuzuye ijuru n’isi?” Ni ko Uhoraho avuze.
25 "I've heard the prophets who prophesy lies in my name, claiming, 'I dreamed! I dreamed!' “Numvise ivyo abavugishwa bavuga bavugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Bavuga bati: ‘Narose! Narose!’
26 How long will lies fill the hearts of prophets who prophesy the deceit of their own hearts? Ivyo bizobandanya gushika ryari mu mitima y’abo ba kamenyi babesha, bavugishwa ibitagira epfo na ruguru vyo mu bugunge bwabo?
27 They plan to make my people forget my name through the dreams they tell each other, as their ancestors forgot my name for Baal. Biyumvira ko inzozi babwirana zizotuma abantu banje bibagira izina ryanje, nk’uko ba sekuruza baryibagiye mu gusenga Bayali?
28 Let the prophet with a dream tell it, but let the one with my word speak my word faithfully. What is straw to wheat? declares our Father. Uwuvugishwa afise ivyo yarose nabivuge, ariko uwufise ijambo ryanje narivuge mu bwizigirwa. Mbega ivyatsi bipfana iki n’imbuto?” Ni ko Uhoraho abaza.
29 Is not my word like fire, declares our Father, and like a hammer that shatters rock?' “Mbega ijambo ryanje si nk’umuriro,” ni ko Uhoraho abaza, “canke si nk’inyundo imenagura urutare?
30 "Therefore, look, I am against the prophets, declares our Father, who steal my words from one another. Nuko rero,” ni ko Uhoraho avuze, “nzogwanya abo bavugishwa b’ibisuma bibana amajambo; maze bakavuga ngo avuye iwanje.
31 Look, I am against the prophets, declares our Father, who wag their tongues yet declare, 'God has spoken.' Ego cane,” ni ko Uhoraho avuze, “nzogwanya abo bavugishwa bavuga amajambo bishakiye bakavuga bati: ‘Uhoraho yavuze.’
32 I am against those who prophesy lying dreams, declares our Father; they tell them and mislead my people with their lies and reckless boasting. I did not send or command them, and they do this people no good at all, declares our Father.' Ni ivy’ukuri, nzogwanya abo berekwa inzozi z’ibinyoma,” ni ko Uhoraho avuze. “Babibwira abantu banje bakabazimirisha ivyo binyoma vyabo, kandi ntabatumye canke ntabatoranije. Nta co bamariye aba bantu na mba,” ni ko Uhoraho avuze.
33 "When this people, a prophet, or a priest asks, 'What is our Father's burden?' say to them, 'You are the burden! I will cast you off, declares our Father.' “Aba bantu canke uwuvugishwa canke umuherezi, nibakubaza bati: ‘Mbega ijambo rivuye k’Uhoraho ni irihe?’ Uze ubabaze uti: ‘Ijambo irihe? Nzobaheba, ni ko Uhoraho avuze.’
34 The prophet, priest, or person who says, 'The burden of our Father,' I will punish that man and his household. Uwuvugishwa canke umuherezi canke umuntu wese niyavuga ati: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ nzomuhana we n’abo mu nzu yiwe.
35 Each of you is to say to his neighbor and brother: 'What has our Father answered?' or 'What has our Father spoken?' Ibi ni vyo umwe wese aguma abwira mugenziwe canke uwo mu muryango w’iwabo ati: ‘Mbega inyishu y’Uhoraho ni iyihe?’ canke ati: ‘Mbega Uhoraho avuze ngw’iki?’
36 But never again say 'the burden of our Father,' for each man's own word becomes his burden; you have twisted the words of the living Father of heaven's armies.' Ariko ntimuze musubire kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo rivuye k’Uhoraho’ kuko ijambo ry’umuntu wese ku giti ciwe rizoba ari irivuzwe na we. Rero mugoreka amajambo y’Imana nzima, Uhoraho Mushoboravyose, Imana yacu.
37 Say this to the prophet: 'What has our Father answered you?' or 'What has our Father spoken?' Mushishikara mubaza kamenyi ngo: ‘Mbega Imana yakwishuye iki?’ canke ngo: ‘Mbega Uhoraho yavuze iki?’
38 But if you say, 'The burden of our Father,' then our Father says: Because you spoke these words, 'The burden of our Father,' though I sent word telling you, 'Do not say, The burden of our Father, Naho mwemeza ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ uku ni ko Uhoraho avuze: Mwakoresheje amajambo avuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ naho nari nababujije kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho.’
39 so look, I will surely lift you up like a burden and throw you away from my presence—you and the city I gave you and your ancestors. Ni co gituma, vy’ukuri nzobibagira maze ndabaterere kure y’aho ndi mwe n’igisagara nabahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu.
40 And I will bring on you everlasting disgrace and lasting shame that will never be forgotten.'" Nzoshitsa kuri mwebwe agakengerwe n’ibimaramare bidashira kandi bitazokwigera vyibagirwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]