Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father showed me two baskets of figs placed before our Father's temple—after Nebuchadnezzar king of Babylon exiled Jeconiah son of Jehoiakim, king of Judah, with Judah's officials, craftsmen, and metalworkers, from Jerusalem to Babylon. Igihe Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda n’abatware bose, abakora utugenegene n’abanyamyuga b’i Buyuda bari bamaze kujanwa i Babiloni na Nebukadineza umwami w’i Babiloni abakuye i Yerusalemu, Uhoraho yanyeretse ibiseke bibiri vy’insukoni biri imbere y’Ingoro y’Uhoraho.
2 One basket had very good figs, ripe early; the other had figs too bad to eat. Igiseke kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni zeze imbere y’izindi, igiseke kindi carimwo insukoni mbi cane, ku buryo zitashobora kuribwa.
3 Then our Father asked me, "What do you see, Jeremiah?" "Figs," I said, "the good very good, the bad too bad to eat." Maze Uhoraho arambaza ati: “Mbega ubona iki ga Yeremiya?” Ndishura nti: “Mbona insukoni. Muri zo harimwo nziza cane, ariko harimwo na mbi cane ku buryo zitoribwa.”
4 Then the word of our Father came to me: Maze Uhoraho ambwira ijambo ati:
5 "This is what our Father of Israel says: Like these good figs, so I will regard as good the exiles of Judah I sent from here to the land of the Babylonians. “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nk’uko izo nsukoni nziza zimeze, ni ko mbona abatwawe nk’inyagano b’i Buyuda, abo narungitse ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abanyababiloni.
6 "I'll fix my eyes on them for good, bring them back to this land; build them, not tear down, plant them, not uproot. Inyonga zanje zizoba kuri bo kugira ngo ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu. Nzobubaka sinzobasambura, nzobateragira sinzobarandura.
7 I will give them a heart to know me as Father; they will be my children, I their Father, for they will return to me wholeheartedly.' Nzobaha umutima wo kumenya ko jewe ndi Uhoraho. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, bazongarukako n’umutima wabo wose.’
8 "But like bad figs, too rotten to eat—our Father says—so I will make Zedekiah king of Judah, his officials, and Jerusalem's remnant, left here or in Egypt. Ariko nk’uko zirya nsukoni zindi ari mbi, gushika n’aho zitoribwa, ni ko Uhoraho avuze, uko ni ko nzogirira Zedekiya umwami w’i Buyuda, abatware biwe n’amasigarira y’ab’i Yerusalemu, baba abagumye mu gihugu canke abahungiye muri Egiputa.
9 "I will make them a horror, disaster, disgrace, object of ridicule, mockery, and curse to all kingdoms on earth, wherever I drive them. Nzobahindura agaterabwoba kandi bazoba nk’icago ku bwami bwose bwo mw’isi, bazoba agatukisha n’agatwengo, agacamugani n’umuvumo ahantu hose nzoba nabasanzarije.
10 I will send sword, famine, plague against them until they vanish from the land I gave them and their ancestors." Nzotuma inkota, ikigoyi n’ikiza kuri bo gushika aho bazoherengeterera mu gihugu nabahaye bo na ba sekuruza babo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]