Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word to Jeremiah about all Judah's people, in Jehoiakim son of Josiah's fourth year, king of Judah—Nebuchadnezzar king of Babylon's first year. Ijambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, rigenewe abantu bose b’i Buyuda, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ukaba wari umwaka wa mbere Nebukadineza umwami w’i Babiloni ari ku ngoma.
2 Jeremiah the prophet spoke this to all the people of Judah and all who live in Jerusalem: Nuko Yeremiya uwavugishwa n’Imana abwira abantu bose b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu ati:
3 From Josiah son of Amon king of Judah's thirteenth year to today, these twenty-three years, our Father's word came to me; I spoke repeatedly, but you did not listen. Kumara imyaka mirongo ibiri n’itatu, uhereye umwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni umwami w’i Buyuda ari ku ngoma kugeza n’uwu musi, Uhoraho yampaye ijambo ndababwira kandi navuganye namwe ibihe vyinshi, ariko ntimwumva.
4 And our Father sent you all his servants the prophets repeatedly, but you haven't listened or paid attention. Kandi naho Uhoraho yarungitse abasavyi biwe yavugisha kuri mwebwe kenshi yongera yisubiriza, ntimwumviye canke ngo mubishireko umutima.
5 They said, "Turn now, each from your evil way and evil deeds, and live on the land our Father gave you and your fathers, from ancient times and forever. Barababwiye bati: “Hindukira, umwe wese ave mu nzira ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi, maze muzoshobore kuguma mu gihugu Uhoraho yabahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu ibihe vyose.
6 Don't chase other gods to serve and bow to them, or anger me with your hands' work, and I won't harm you." Mureke gukurikira izindi mana, kuzikorera no kuzisaba, ntimundatse n’ibikorwa vy’intoke zanyu, maze nanje nta co nzobagira.”
7 But you didn't listen to me, declares our Father, so you provoked me to anger with your hands' work, to your own harm. “Ariko ntimwanyumviye,” ni ko Uhoraho avuze, “maze murandatsa mundakishije ibikorwa vy’intoke zanyu, bituma mwikwegera ingorane.”
8 Therefore this is what the Father of heaven's armies says: Because you have not heard my words, Ni co gituma Uhoraho Mushoboravyose avuze ibi: “Ko mutumviye amajambo yanje,
9 I am calling all the northern clans, declares our Father, with Nebuchadnezzar king of Babylon, my servant. I will bring them against this land, its people, and every nation around it, wiping them out, making them a horror, a hissing, ruins forever. nzohamagaza amahanga yose yo mu buraruko n’umusavyi wanje Nebukadineza umwami w’i Babiloni,” ni ko Uhoraho avuze, “maze batere iki gihugu n’abakibamwo n’amahanga yose ahakikuje. Nzobarandura ndabaherengeteze, kandi ndabahindure agaterabwoba n’abo kwankwa habe umusaka ibihe vyose.
10 I will end among them the sound of joy and the sound of gladness, sound of bridegroom and sound of bride, sound of millstones and light of the lamp. Nzokuraho amajwi y’umunezero, n’imisi mikuru, amajwi y’umukwe n’umugeni, ijwi ry’urusyo n’umuco w’itara.
11 This whole land will be a ruin and a waste, and these nations will serve Babylon's king for seventy years." Iki gihugu cose kizohinduka umusaka, kandi aya mahanga azokorera umwami w’i Babiloni kumara imyaka mirongo indwi.
12 When seventy years end, I will punish the king of Babylon, that nation, and the Chaldeans' land for their guilt—declares our Father—making it an everlasting waste. Ariko, iyo myaka mirongo indwi niyashira, nzohana uwo mwami w’i Babiloni n’ihanga ryiwe, igihugu c’Abanyababiloni, kubera ukugabitanya kwabo,” ni ko Uhoraho avuze, “maze ndahahindure umusaka ibihe vyose.
13 I will bring on that land everything I spoke against it, all written in this book, which Jeremiah prophesied against all the nations. Nzoshitsa kuri ico gihugu ibintu vyose navuze ko nzogiteza, vya bindi vyose vyanditswe muri iki gitabu vyavugishijwe na Yeremiya ku mahanga yose.
14 Many nations and great kings will enslave them too; I will repay them for their deeds, the work of their hands. Bo ubwabo bazoba abagurano b’amahanga menshi n’abami bakomeye; nzobasubiriza mu nkoko ibikorwa bakoze n’ivyo bakoresheje intoke zabo.”
15 This is what our Father of Israel said to me: Take this cup of wrathful wine from my hand and make all the nations I send you drink it. Ibi ni vyo Uhoraho, Imana ya Isirayeli, yambwiye, ati: “Akira iki gikombe kiri mu ntoke zanje cuzuye umuvinyu w’uburake bwanje maze ukinyweshe amahanga yose nzogutumako.
16 They will drink, stagger, and go mad because of the sword I am sending among them. Nibakinywako, bazozungurirwa badandabagirane kubera inkota nzoba ndungitse hagati muri bo.”
17 I took the cup from our Father's hand and made all nations he sent me to drink it. Nuko nakira ico gikombe mu kuboko kw’Uhoraho ndakinywesha amahanga yose Uhoraho yantumyeko.
18 Jerusalem, Judah's cities, its kings and officials—made a ruin, a horror, a mockery, a curse, as they are today. Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, abami baho n’abaganwa, ngo bihinduke imisaka n’ahantu hateye ubwoba ho gucokorwa no kuvumwa, nk’uko biri uwu musi;
19 Pharaoh king of Egypt, his servants, his officials, and all his people, Farawo umwami w’i Egiputa, abasavyi biwe, abaganwa biwe n’abantu biwe bose;
20 and all the mixed peoples; every king of Uz; every king of Philistia—Ashkelon, Gaza, Ekron, Ashdod's remnant; n’abanyamahanga bose baba aho; abami bose bo muri Uzi; abami bose bo mu Bafilisitiya (abo muri Ashikeloni, i Gaza, i Ekuroni, n’abantu basigaye i Ashidodi);
21 Edom, Moab, and the people of Ammon; muri Edomu, i Mowabu n’i Amoni;
22 all the kings of Tyre, all the kings of Sidon, and the kings of the coastland across the sea; abami bose b’i Tiro n’i Sidoni; abami bo mu bizinga biri hakurya y’ikiyaga;
23 Dedan, Tema, Buz, and all who clip the hair at their temples; i Dedani, i Tema, i Buzi n’abari kure;
24 all the kings of Arabia and of the mixed peoples living in the desert; abami bose b’i Arabiya n’abami bose bo mu bihugu vy’abanyamahanga baba mu bugaragwa;
25 all the kings of Zimri, all the kings of Elam, and all the kings of Media; abami bose b’i Zimuri, i Elamu n’i Mediya;
26 all the northern kings, near and far, one after another, and all earth's kingdoms on the ground's face—after them the king of Sheshach will drink. n’abami bose bo mu buraruko, abo hafi n’abari kure, uko bakurikirana, ubwami bwose buri kw’isi. Kandi inyuma yabwo bwose, umwami w’i Sheshaki na we nyene azonywako.
27 Say to them: This is what the Father of heaven's armies, the Father of Israel, says: Drink, get drunk, vomit, fall, and rise no more, because of the sword I'm sending among you. Maze uze ubabwire uti: “Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Nimunywe kandi muborerwe maze mudahwe, hanyuma mugwe ubutakivyuka kubera inkota nzorungika muri mwebwe.’
28 If they refuse to take the cup from your hand to drink, tell them, "the Father of heaven's armies says: You must drink! Ariko nibanka kwakira igikombe kiri mu kuboko kwawe ngo bakinywereko, uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Mutegerezwa kukinywako!
29 Look, I am starting to bring disaster on the city bearing my name. Will you go completely unpunished? You will not go unpunished. For I am summoning a sword against everyone on earth, declares the Father of heaven's armies." Raba, ntanguye guteza icago iki gisagara citirirwa izina ryanje, none muzogenda mudahanywe? Ntimuzogenda mudahanywe, kuko mpamagaye inkota ngo ize ku bari mw’isi bose, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.’
30 "Prophesy all these words against them and tell them: "Our Father roars from on high, gives his voice from his holy home; he roars loudly against his flock, shouting like grape-treaders, against all who live on earth." Nuko rero nuvugishwe aya majambo yose kuri bo, ubabwire uti: ‘Uhoraho azokwivuga ari iyo hejuru; azoturagara ari ahera hiwe maze yivuge n’inkomezi atontomera iki gihugu. Azosemerera nk’abadandaza inzabibu, akankamire ababa kw’isi yose.
31 The roar reaches the ends of the earth, for our Father brings a charge against the nations; he enters into judgment with all flesh, and the wicked he gives over to the sword, declares our Father." Urwo rwamo ruzokwumvikana gushika ku mpera z’isi, kuko Uhoraho azokwagiriza amahanga; azocira amateka abantu bose maze yicishe inkota ababi bose,’ ” ni ko Uhoraho avuze.
32 This is what the Father of heaven's armies says: Look, disaster spreads from nation to nation—a great storm rises from the ends of the earth. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Raba, icago kiriko kirakwira hose kiva kw’ihanga kija ku rindi; isegenya ihambaye iraje iva ku mpera y’isi ija ku yindi.”
33 On that day our Father's slain will lie from one end of the earth to the other—unmourned, ungathered, unburied, like manure on the ground. Muri ico gihe abasogoswe n’Uhoraho bazoba ahantu hose, kuva ku mpera y’isi imwe gushika ku yindi. Ntibazogandarirwa canke ngo begeranywe canke ngo bahambwe, ahubwo bazoba nk’amase yandagaye ku musozi.
34 Wail, you shepherds, and cry out; roll in the dust, you lords of the flock! For the days of your slaughter have come; you will fall and be shattered like a precious vessel. Murire muboroge, yemwe bungere; mwitembagaze mu mukungugu, yemwe bakuru b’umukuku. Kuko igihe canyu co kwicishwa inkota gishitse; muzogwa hasi nk’ikibumbano c’igiciro.
35 There will be no refuge for the shepherds, no escape for the lords of the flock. Abungere ntibazoronka aho bahungira, abarongoye umukuku nta buhungiro bazoronka.
36 Listen—the cry of the shepherds, the wailing of the lords of the flock! For our Father is laying waste their pasture, Umve amaborogo y’abungere, ugutakamba kw’abarongoye umukuku, kuko Uhoraho aranduye rwose uburagiro.
37 and the peaceful pastures are silenced because of the burning anger of our Father. Uburagiro butotahaye bubaye uruharabuga kubera uburake buhambaye bw’Uhoraho.
38 Like a lion he has left his den, for their land has become a waste because of the sword of the oppressor and because of our Father's burning anger. Azoheba ikibundo ciwe nk’intambwe, kandi igihugu cabo kizoba umusaka kubera inkota y’uwuhonya no kubera uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]