Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But there will be no gloom for her that was in anguish. Earlier he humbled the land of Zebulun and Naphtali, but later he honored the way of the sea, beyond the Jordan, Galilee of the nations. Naho biri uko, umwijima ntuzokwamaho ibihe vyose ku bari mu mubabaro. Muri kahise yacishije bugufi intara ya Zebuloni n’iya Nafutali. Ariko muri kazoza azotera iteka inzira ija ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’Abanyamahanga.
2 The people walking in darkness have seen a great light; on those who lived in a land of deep darkness, a light has shone. Abantu bahora bagendera mu mwijima babonye umuco mwinshi. Ababa mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya bakiwe n’umuco mwinshi.
3 You have multiplied the nation; you have increased its joy. They rejoice before you as with joy at the harvest, as men are glad when they divide the plunder. Waragwije ihanga, wongereza umunezero w’abantu baho; banezererewe imbere yawe, nk’uko abantu banezerwa mw’iyimbura, nk’uko abagwanyi banezerwa iyo bariko baragabura iminyago.
4 For the yoke of his burden, and the bar across his shoulder, the rod of his oppressor, you have shattered as on the day of Midian. Kuko umutwaro wahora ubaremereye, ikimoko bakubitwa ku mugongo n’inkoni bakubitwa n’uwabacinyiza, wabivunaguye, nk’uko wabigiriye Abamidiyani.
5 For every boot of the trampling warrior in the din of battle, and every garment soaked in blood, will be burned as fuel for the fire. Ibirato vyose vyambawe mu ntambara, n’impuzu yavumbagajwe mu maraso, bizoturirwa, bitongorwe n’umuriro.
6 For to us a child is born, to us a son is given; and the government will be upon his shoulder. And his name will be called Wonderful Counselor, Mighty God, Everlasting Father, Prince of Peace. Kuko umwana avutse ku neza yacu, duhawe umwana w’umuhungu, ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe. Azokwitwa Umujenama w’igitangaza, Imana ikomeye, Data ahoraho, Umwami w’amahoro.
7 There will be no end to the increase of his government and peace, on the throne of David and over his kingdom, to establish it and to uphold it with justice and with righteousness from now on and forevermore. The zeal of the Father of heaven's armies will accomplish this. Ubutware bwiwe n’amahoro yiwe ntibizogira iherezo. Azoganzira ku ntebe ya Dawidi, no mu bwami bwiwe, aganzanye ubutungane n’ukugororoka, uhereye ico gihe, gushitsa ibihe vyose. Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyose ni ryo rizobishitsa.
8 The Sovereign Father has sent a word against Jacob, and it has fallen on Israel. Uhoraho arungikiye ubutumwa Yakobo, bushika kuri Isirayeli.
9 And all the people will know it—Ephraim and the inhabitants of Samaria—who say with proud and arrogant hearts: Abantu bose bazobimenya; baba Abefurayimu canke ababa i Samariya, ari bo bavugana ubwibone, bagakomantaza imitima, bavuga bati:
10 "The bricks have fallen, but we will rebuild with cut stones; the sycamores have been cut down, but we will put cedars in their place." “Amatafari yarakoraguritse, ariko tuzosubira tugisanuze amabuye abaje. Ibiti vy’imisukomora vyariciwe, ariko tuzobisubiriza amasederi.”
11 So our Father raises against them the adversaries of Rezin, and stirs up their enemies. Ariko Uhoraho azobaneshesha umwansi wabo Rezini, kandi azokwongerereza ububasha abansi babo.
12 Aram from the east and the Philistines from the west have devoured Israel with open mouth. For all this his anger has not turned away, and his hand is still outstretched. Abasiriya bo mu buseruko n’Abafilisitiya bo mu burengero, bazokwasama babatabagure. Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe, ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
13 Yet the people did not turn to the one who struck them, nor did they seek the Father of heaven's armies. Ariko abo bantu ntibagarutse ku wabahanye, ntibarondeye Uhoraho Mushoboravyose.
14 So our Father cut off from Israel both head and tail, palm branch and reed, in a single day, None rero, ku musi umwe wonyene, Uhoraho azoca Isirayeli umutwe n’umurizo, ikigazi n’irenga abicire amababi umusi umwe.
15 the elder and the honored man are the head, and the prophet who teaches lies is the tail. Abatware n’abahambaye muri Isirayeli ni bo mutwe, abavugishwa b’ibinyoma na bo ni bo murizo.
16 For those who guide this people lead them astray, and those who are guided by them are swallowed up. Abarongora abo bantu barabayobeza, abayobowe na bo barazimijwe.
17 Therefore the Sovereign Father does not rejoice over their young men, and has no compassion on their orphans and their widows; for everyone is godless and an evildoer, and every mouth speaks foolishness. For all this his anger has not turned away, and his hand is still outstretched. Uhoraho ntazonezererwa abasore, kandi ntazogirira impuhwe impfuvyi n’abapfakazi. Kuko bose bahevye Imana, bagakora ibibi; akanwa kabo kavuga ububeshi gusa. Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe, ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
18 For wickedness burns like a fire; it consumes briers and thorns; it kindles the thickets of the forest, and they roll upward in a column of smoke. Erega ubugarariji buturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ugatuma ishamba rinini rirurumba, umwotsi ugapfunduka umeze nk’igicu mu kirere.
19 Through the wrath of the Father of heaven's armies, the land is scorched, and the people have become like fuel for the fire; no one spares his brother. Uburake bw’Uhoraho Mushoboravyose butumye igihugu gitongorwa, abantu biwe bamera nk’inkwi zo gucana. Abantu bazoryana ata kubabarirana.
20 They carve on the right, but are still hungry; they devour on the left, but are not satisfied; each devours the flesh of his own arm. Bazoshikura i buryo ariko bagume bashonje. Bazorya i bubamfu, na ho nyene ntibahage. Mu mperuka, abantu bazorya n’inyama z’abana babo.
21 Manasseh devours Ephraim, and Ephraim Manasseh, and together they are against Judah. For all this his anger has not turned away, and his hand is still outstretched. Manase azorya Efurayimu, Efurayimu na we arye Manase. Bompi bazohindukira batere Yuda. Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe, ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]