Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to those who enact unjust decrees, to the writers who issue oppressive laws, Muragowe mwebwe mushinga amategeko y’akarenganyo, mugashinga amategeko acinyiza abantu.
2 to deprive the poor of justice and rob the needy among my people of their rights, making widows their plunder and orphans their prey. Munyaga abakene utwabo, mukareka gucira imanza zibereye abacinyijwe bo mu bwoko bwanje, abapfakazi mubagira iminyago yanyu, impfuvyi mukazisahura utwazo.
3 What will you do on the day of reckoning, when devastation comes from afar? To whom will you flee for help? Where will you leave your wealth? Mbega ku musi w’imanza muzogira gute, igihe amakuba azobashikako avuye kure? Muzohungira kwa nde ngo abatabare? Mbega ubutunzi bwanyu muzobunyegeza he?
4 Nothing remains but to crouch among the captives or fall among the slain. Yet for all this his anger has not turned away; his hand is still stretched out. Nta kindi muzoba musigaje atari ukuburanirwa muri mu banyagano, canke imivyimba yanyu ikagwa mu basogoswe. Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe, ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
5 "Woe to Assyria, the rod of my anger, in whose hand is the club of my fury! “Uragowe, yewe Ashuri, wewe nkoni y’ishavu ryanje, inkoni witwaje ni yo burake bwanje.
6 I send him against a godless nation; against the people of my wrath I command him, to seize spoil and carry off plunder, to trample them down like mud in the streets." Nzogutuma gutera ihanga ritubaha Imana, nzokurungika mu bwoko buntera ishavu, ubasahure wongere ubatware nk’iminyago, ubahonyangishe ibirenge nk’uwuhonyanga ivyondo mu nzira.
7 But this is not what he intends; this is not what his heart plans. His purpose is to destroy, to cut off nation after nation. Ariko umwami wa Ashuri ntazoba atahura ko ari igikoresho canje, ivyo si vyo azoba afise mu mutwe; intumbero yiwe ni uguhonya, ashire iherezo ku mahanga menshi.
8 For he says, "Are not all my commanders kings? Kuko avuga ati: umwe wese mu baganwa banje azoba umwami vuba.
9 Is Calno not like Carchemish? Is Hamath not like Arpad? Is Samaria not like Damascus? Tuzosangangura Kalino nk’uko twabikoreye Karikemishi, Hamati hazogwa mu maboko yacu nk’uko vyagendeye Arupadi. Kandi tuzosangangura Samariya nk’uko twabikoze i Damasiko.
10 As my hand seized the kingdoms of the idols, whose carved images surpassed those of Jerusalem and Samaria, Ko ukuboko kwanje kwashoboye gufata ubwami bufise ibigirwamana, ubwami bwasumvya ibigirwamana Yerusalemu na Samariya,
11 will I not deal with Jerusalem and her images as I dealt with Samaria and her idols?" mbega sinzomara amanyama Yerusalemu n’ibigirwamana vyaho, nk’uko namaze amanyama Samariya n’ibigirwamana vyaho?”
12 When the Sovereign Father has finished all his work against Mount Zion and Jerusalem, I will punish the fruit of the king of Assyria's arrogant heart and the haughty pride of his eyes. Uhoraho niyamara gushitsa ivyago yateguriye umusozi Siyoni na Yerusalemu, azovuga ati: “Ngiye guhana umwami wa Ashuri, kuko yuzuye ubwibone n’ukwishira hejuru.
13 For he says: "By the strength of my hand I have done this, and by my wisdom, for I have understanding. I removed the boundaries of peoples and plundered their treasures; I brought down those enthroned like a mighty one. Kuko azovuga ati: ‘Narabikoze jewe ubwanje, ndabikoresheje inkomezi z’ukuboko kwanje n’ubwenge bwanje, kuko ndi umunyabwenge. Nakuyeho imbibe hagati y’amahanga, nanyaze ubutunzi bwaho; mu butwari bwinshi, nakuye ku ngoma abami benshi.
14 My hand reached into the wealth of the peoples as into a nest; as one gathers abandoned eggs, I gathered all the earth. Not one flapped a wing or opened its beak to chirp. Nk’uko umuntu yaruza icari, ni ko ukuboko kwanje kwatwaye ubutunzi bw’amahanga. Nk’uko umuntu yegeranya amagi, ni ko negeranije ibihugu vyo kw’isi vyose. Nta n’umwe yakubise n’ibaba, nta n’uwaryogoye.’ ”
15 Does the axe exalt itself over the one who swings it? Does the saw boast against the one who wields it? As if a rod could brandish the one who lifts it, as if a staff could lift what is not wood!" Mbega incabiti yokwirata ku wuyikoresha? Canke umusumeno wokwishima ku wuwukoresha? Mbega inkoni yokubita ata wuyikubitishije, canke inkoni yokwigendagendesha ata wuyishimikije?
16 Therefore the Sovereign Father, the Father of heaven's armies, will send a wasting disease among his sturdy warriors, and beneath his glory a fire will blaze like a burning flame. Ni co gituma Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, azoteza ingwara abasoda bawe bakomeye, amagara abashiremwo, kandi musi y’ubwiza bwiwe, hazocanwa umuriro umuriro utongora.
17 The Light of Israel will become a fire, our Holy One a flame; in a single day it will burn and consume his thorns and briers. Uhoraho, Umuco wa Isirayeli, azohinduka umuriro; kandi Uwera azohinduka nk’urubeya. Ku musi umwe, azotongora ayo mahwa n’imikere.
18 The glory of his forest and his fertile field our Father will destroy, both soul and body; it will be as when a sick man wastes away. Ubwiza bw’amashamba yiwe n’amatongo yiwe amera, bizotikizwa bihere, bimere nk’umugwayi acikanye.
19 The remaining trees of his forest will be so few that a child could count them. Ibiti bizosigara muri ayo mashamba yaho bizoba ari bike, ku buryo n’umwana yobiharura.
20 In that day the remnant of Israel and the survivors of the house of Jacob will no longer lean on the one who struck them, but will truly lean on our Father, the Holy One of Israel. Kuri uwo musi amasigarira ya Isirayeli, abazoba barokotse ba Yakobo, ntibazoba bakimwisunga ntibazisunga uwabakubise, ahubwo bazokwizigira Uhoraho, Uwera wa Isirayeli.
21 A remnant will return—a remnant of Jacob—to the Mighty God. Amasigarira azogaruka, amasigarira ya Yakobo azogaruka ku Mana Ikomeye.
22 Though your people Israel be like the sand of the sea, only a remnant will return. Destruction is decreed, overflowing with righteousness. Isirayeli we, naho abantu bawe ari nk’umusenyi wo ku kiyaga, inkehwa gusa ni zo zizogaruka. Agatikizo karamaze gutegurwa, Uhoraho yahisemwo kubatikiza kuko ari co babereye.
23 For the Sovereign Father, the Father of heaven's armies, will carry out the decreed destruction throughout the land. Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, azoshitsa ako gatikizo ku gihugu cose, nk’uko yabiteguye.
24 Therefore the Sovereign Father, the Father of heaven's armies, says: "My people who live in Zion, do not be afraid of Assyria, who strikes you with the rod and lifts the staff against you as Egypt did. None rero uku ni ko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, avuze: “Yemwe bwoko bwanje buba i Siyoni, ntimutinye Abashuri, babakubita inkoni, bakababangurira ibibando, nk’uko Abanyegiputa babigira.
25 For in a very little while my fury will end, and my anger will turn to their destruction." Hasigaye igihe gito, uburake nari mfitiye mwebwe bugahera, uburake bwanje buzoba agatikizo k’Abashuri.”
26 The Father of heaven's armies will brandish a whip against them, as when he struck Midian at the rock of Oreb; he will raise his staff over the sea as he did in Egypt. Uhoraho Mushoboravyose azobakubitisha ikimoko, nk’uko yakubitiye Abamidiyani ku gitandara c’i Horebu, kandi azoramvurira inkoni yiwe hejuru y’amazi, nk’uko yabigize muri Egiputa.
27 In that day their burden will be lifted from your shoulder, their yoke from your neck; the yoke will be broken. Kuri uwo musi imitwaro yabo izokurwa ku bitugu vyanyu, ingogo zabo zikurwe ku mazosi yanyu; ingogo izovunika kuko muzoba mwaravyibushe cane.
28 He comes against Aiath, passes through Migron, stores his supplies at Michmash. Ehe raba Abashuri bageze muri Ayiyati; baciye i Miguroni, i Mikimashi bahagize ububiko bw’ibikoresho vyabo.
29 They cross the pass: "We will camp at Geba." Ramah trembles; Gibeah of Saul flees. Bariko barajabuka, bavuga bati: “Tuza gucumbika ijoro ryose i Geba.” Ab’i Rama barajugumiye, ab’i Gibeya kwa Sawuli barahunze.
30 Cry out, daughter of Gallim! Listen, Laishah! Poor Anathoth! Semerera yewe Mukobwa w’i Galimu! Umviriza yewe Layisha, nawe Anatoti wigorewe!
31 Madmenah is fleeing; the people of Gebim are taking cover. Ab’i Medimena bariko barahunga, ab’i Gebimu barinyegeje.
32 This very day he stops at Nob, shaking his fist at the mount of the daughter of Zion, the hill of Jerusalem. Ariko uwo musi bazogira ikambi i Nobu, baforere ingumu umukobwa w’i Siyoni, ku musozi wa Yerusalemu.
33 Look, the Sovereign Father, the Father of heaven's armies, will lop off the branches with terrifying force; the tallest trees will be felled, the lofty ones brought low. Ehe raba, Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, azotemaguza amashami inkomezi ziwe zihambaye. Ibiti birusha ibindi uburebure bizotemwa, birebire na vyo bicishwe bugufi.
34 He will cut down the forest thickets with an axe, and Lebanon will fall before the Majestic One. Azotemesha incabiti amashamba akomeye, Libani hazokubitwa hasi n’Umunyenkomezi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]