Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 64 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

2Nk’uko umuriro uturira inkwi,na zo zikabiza amazi,ukuza kwawe kwotuma izina ryawe rimenywa n’abansi bawe,amahanga agatetemera imbere yawe!

3Kuko igihe wakora ibitangaza tutari twiteze,waramanutse, imisozi ihindira agashitsi imbere yawe.

4Uhereye kera cane, nta wurumva,nta gutwi kwigeze kwumvacanke ijisho ryigeze ribona Imana imeze nkawe,ikorera ibitangaza abayiteze.

5Waje gutabara abakora ivyiza banezerewe,bakibuka inzira zawe.Ariko igihe twigumira mu vyaha vyacu,waraturakiye.None tuzokizwa n’iki?

6Kuko twese twahindutse abanduye,kandi ivyo twakora nk’ukugororoka vyose vyabaye nk’imishambara yanduye.Twese twakabiranye nk’ibabi,ivyaha vyacu bidukubeba nk’umuyaga.

7Nta wambaza izina ryawe,kandi nta wirukira kukwumirako;kuko waduhishije mu nyonga hawe,uratureka twicwa n’ivyaha vyacu.

8Ariko Uhoraho, ni wewe Data wa twese.Turi ibumba, nawe uri umubumvyi;twese turi igikorwa c’amaboko yawe.

9Ntuturakire birenze urugero, yewe Uhoraho,kandi ntuze wigere usubira kwibuka ivyaha vyacu.Turabishe inyonga zawe, turagusavye,kuko twese turi abantu bawe.

10Ibisagara vyawe vyera vyahindutse ubugaragwa,na Siyoni hasigaye ari agahinga,Yerusalemu na ho habaye umusaka.

11Ingoro yacu y’ubwiza bwinshi, iyo ba sogokuruza baguhimbarizamwo,yaraturiwe,ivyari ivy’agaciro vyose kuri twebwe vyarononekaye.

12None inyuma y’ivyo vyose, uzoguma utwigira kure, ga yewe Uhoraho?Uzoguma winumiye, uduhane ibirenze urugero?

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]