Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 53 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Who has believed our message? And to whom has the arm of our Father been revealed? Ni nde yizeye ubutumwa bwacu, kandi ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?
2 For he grew up before him like a tender shoot, and like a root out of dry ground; he had no stately form or majesty to make us look at him, no beauty to attract us to him. Yakuriye imbere y’Uhoraho ameze nk’igiterwa kigoyagoya, ameze nk’agati kamera kava mw’isi yumye. Ntiyari afise ubwiza canke ishusho ikayangana ngo bitume abantu bamwirukira, nta co twamubonako cotumye tumwipfuza.
3 He was despised and rejected by men, a man of sorrows and acquainted with grief; and like one from whom people hide their faces, he was despised, and we thought nothing of him. Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu, yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co. Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba, yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.
4 Surely he has borne our griefs and carried our sorrows; yet we considered him stricken, struck down by our Father, and afflicted. Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko, imibabaro yacu ni yo yikoreye. Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana, ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.
5 But he was pierced for our rebellion; he was crushed for our sins; the punishment that brought us peace was upon him, and by his wounds we are healed. Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe, yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu; igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we, kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.
6 We all, like sheep, have gone astray; we have turned, each one, to his own way; and our Father has laid on him the sin of us all. Twese twari tumeze nk’intama zizimiye, umwe wese akajana inzira yiwe; maze Uhoraho amushirako ibigabitanyo vyacu twese.
7 He was oppressed, and he was afflicted, yet he did not open his mouth; like a lamb led to the slaughter, and like a sheep silent before its shearers, so he did not open his mouth. Yarahahajwe, arababazwa, ariko ntiyakuyeko umunwa; amera kurya kw’umwagazi w’intama ujanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigera akurako umunwa.
8 By oppression and judgment he was taken away; and who among his generation gave any thought to this—that he was cut off from the land of the living, struck down for the rebellion of my people? Agacinyizo n’urubanza rw’akarenganyo ni vyo vyatumye akurwaho. Mbega, hoba hari n’umwe wo mu runganwe rwiwe yabihakanye? Kuko yaciwe mw’isi y’abazima, yicirwa ivyaha vy’abantu banje.
9 They assigned him a grave with the wicked, and with a rich man in his death, though he had done no violence, and no deceit was in his mouth. Yahambwe hamwe n’inkozi z’ibibi, asangira imva n’umutunzi, n’aho ata kibi yakoze, kandi ata bugunge bwari mu kanwa kiwe.
10 Yet it was our Father's will to crush him and to make him suffer; when he makes his life an offering for guilt, he will see his offspring, he will live long, and the will of our Father will prosper through him. Ariko Uhoraho ni we yashimye kumujanjagura, amuteza imibabaro, kandi naho Uhoraho yatumye ubuzima bwiwe buba ikimazi c’indishi, azobona uruvyaro rwiwe, kandi azoramba, imigambi y’Uhoraho yose izoshitswa n’ukuboko kwiwe.
11 After the anguish of his soul he will see the light and be satisfied; by his knowledge my righteous servant will make many righteous, and he will bear their sins. Amaze kubabazwa, azobona umuco w’ubugingo, azobona ivyamwa vy’imibabaro yiwe, kandi azohimbarwa. Kubera ubwenge bwiwe, umusavyi wanje agororoka azoshikana benshi ku kugororoka, kandi azokwishirako ukugabitanya kwabo.
12 Therefore I will give him a portion among the many, and he will divide the spoil with the strong, because he poured out his life to death and was numbered with the transgressors; yet he bore the sin of many, and he intercedes for the transgressors. Ni co gituma nzomuha gutorana hamwe n’abahambaye, agabure iminyago n’abanyenkomezi, kuko yatanze ubuzima bwiwe gushika n’aho yemera gupfa, agaharurwa nk’umwe mu bagarariji. Yikoreye ivyaha vya benshi, yongera asabira abanyabicumuro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]