Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 50 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what our Father says: "Where is your mother's certificate of divorce, with which I sent her away? Or to which of my creditors did I sell you? Look, you were sold for your sins, and your mother was sent away for your offenses. Uku ni ko Uhoraho abaza: ati: “Mbega ikete ryo kwahukana na nyoko, riri hehe iryo namuhaye ndamwirukanye? Canke uwo mfitiye umwenda ni nde nkaba naramubagurishijeko? Kubera ivyaha vyanyu mwaragurishijwe, kandi ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyatumye nyoko yirukanwa!
2 Why, when I came, was there no one? When I called, was there no one to answer? Is my hand too short to redeem? Or have I no power to deliver? Look, by my rebuke I dry up the sea, I turn the rivers into a desert; their fish stink for lack of water and die of thirst. Igihe naza, ni kubera iki ata n’umwe nahasanze? Kandi igihe nahamagara ni kubera iki ata n’umwe yanyitavye? Mbega ukuboko kwanje kwabaye kugufi, kunanirwa kubatabara? Mbega singira inkomezi zo kubacungura? Nkankamiye ikiyaga kiragaduka, ahatemba inzuzi ndahahindura ubugaragwa; amafi yaho akabora, kubera kubura amazi; akicwa n’inyota.
3 I clothe the heavens with blackness and cover them with black cloth." Ijuru ndaryambika umwijima, nkaripfuka amagunira.”
4 My Sovereign Father has given me a disciple's tongue, that I may know how to speak a sustaining word to the weary. Morning by morning he awakens, he awakens my ear to hear as a disciple. Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge, kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe. Yama anzindura imisi yose mu gitondo, amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.
5 My Sovereign Father has opened my ear, and I was not rebellious; I did not turn away. Uhoraho Nyeninganji yanyuguruye amatwi, kandi sinamugararije, canke ngo nsubire inyuma.
6 I gave my back to those who strike, and my cheeks to those who pull out the beard; I did not hide my face from disgrace and spitting. Nategeye umugongo abankubita, abanshikura ubwanwa sinabima imisaya. Abamvuma n’abancokora sinabanyegeje mu maso hanje.
7 But my Sovereign Father helps me; therefore I have not been disgraced; therefore I have set my face like flint, and I know that I will not be put to shame. Kubera yuko Uhoraho Nyeninganji amfasha, sinzoteterwa. Ni co gituma mu maso hanje hakomera hakamera nk’ibuye ry’isare, kandi ndazi ko ntazomaramara.
8 My vindicator is near. Who will contend with me? Let us stand together. Who is my adversary? Let him come near to me. Uwuncira urubanza rw’ukuri ari hafi. None ni nde azonyagiriza icaha? Naze duhangane! Ni nde afise ico anyagiriza? Nashike imbere yanje duhangane.
9 See, my Sovereign Father helps me; who will declare me guilty? Look, all of them will wear out like a garment; the moth will eat them up. Uhoraho Nyeninganji ni we amfasha. Ni nde azoncira urubanza akavuga ko ntsinzwe? Bose bazosaza nk’impuzu; inyo zizobarya zibamare.
10 Who among you fears our Father and obeys the voice of his servant? Let the one who walks in darkness and has no light trust in his name and lean on his Father. Ni nde muri mwebwe yubaha Uhoraho, akumvira ijambo ry’umukozi wiwe? Uwugendera mu mwijima, atagira umuco, niyizigire izina ry’Uhoraho, kandi yishimikize Imana yiwe.
11 Look, all you who kindle a fire, who arm yourselves with torches: walk in the light of your fire and among the torches you have lit! This is what you will receive from my hand: you will lie down in torment. Yemwe abacana ibimuri mwese, mukironderera umuco wo kubamurikira, nimugendere mu muco w’umuriro wanyu, no mu bimuri mwadometse. Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje ni ibi: muzoryamana umubabaro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]