Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 49 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Listen to me, coastlands; pay attention, you peoples from afar. Our Father called me from the womb; from within my mother he named me. Nimunyumvirize yemwe ababa mu mazinga, mwumve ibi yemwe ababa mu mahanga ya kure. Ntarabaho, Uhoraho yari yarampamagaye; yampaye izina nkiri mu nda ya mama.
2 He made my mouth like a sharp sword; in the shadow of his hand he hid me. He made me a polished arrow; in his quiver he concealed me. Akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitutu c’ukuboko kwiwe. Yangize nk’umwampi usongoye, anzigamira mu mutana wiwe.
3 And he said to me, "You are my servant, Israel, in whom I will display my splendor." Yarambwiye ati: “Uri umusavyi wanje, Isirayeli, ni ho nzokwerekanira ubwiza bwanje butangaje.”
4 But I said, "I have labored in vain; I have spent my strength for nothing and in futility. Yet surely my justice is with my Father, and my reward with my Father." Ariko ndavuga nti: “Nakoreye ubusa, inkomezi zanje zapfuye ubusa. Ariko ico ntegerezwa kuronka, kiri mu kuboko kw’Uhoraho, kandi impera yanje ifiswe n’Imana yanje.”
5 And now our Father says—he who formed me from the womb to be his servant, to bring Jacob back to him, that Israel might be gathered to him, for I am honored in his eyes, and my Father has become my strength, None rero Uhoraho aravuze, uwambumbiye mu nda ya mama, kugira ngo nzomubere umukozi, ngo nzomugarukanire Yakobo, nongere ndamwegeranirizeko Abisirayeli; natewe iteka mu nyonga z’Uhoraho, kandi Imana yanje yambereye inkomezi;
6 he says: "It is too small a thing for you to be my servant to raise up the tribes of Jacob and to bring back those preserved in Israel; I will also make you a light for the nations, that my salvation may reach to the ends of the earth." avuga ati: “Ni ikintu gitoya cane kuba uri umukozi wanje, ukanagura imiryango ya Yakobo, ukagarukana Abisirayeli, umuco ku Banyamahanga, kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.”
7 This is what our Father says, the Redeemer of Israel, his Holy One, to the one deeply despised, abhorred by the nation, to the servant of rulers: Kings will see and rise; princes will bow down, because of your Father who is faithful, the Holy One of Israel, who has chosen you. Uku ni ko Uhoraho avuze, Umucunguzi, akaba n’Uwera wa Isirayeli, abwira uwo abantu basuzugura, akankwa n’amahanga, akaba umuja w’abatware, ati: “Abami bazokubona bahaguruke, abaganwa na bo bakubone bakwunamire, kuko Uhoraho, Uwera wa Isirayeli ari umwizigirwa, akaba ari we yagutoranije.”
8 This is what our Father says: In a time of favor I answered you, and in a day of salvation I helped you; I will keep you and give you as a covenant for the people, to restore the land, to apportion the desolate inheritances, Uku ni ko Uhoraho avuze: “Igihe canje co kugira neza, nzokwishura, kandi no ku musi wo gukirizwako, nzogutabara. Nzokuzigama ndakugire uko ngomba, ube isezerano hagati yanje n’abantu, usubize igihugu uko cahora, ugisubize beneco,
9 saying to the prisoners, 'Come out,' and to those in darkness, 'Show yourselves.' Along the roads they will feed, and on all the bare heights will be their pasture. ubwire abari mu mabohero uti: ‘Sohoka,’ n’abari mu mwijima uti: ‘Nimuje ahabona!’ Bazoba intama zanje zirisha ahatotahaye, zironka ubwatsi ku misozi itahora imera.
10 They will not hunger or thirst, nor will scorching wind or sun strike them, for the one whose heart is moved with compassion for them will lead them, and by springs of water he will guide them. Ntibazokwongera gusonza canke ngo banyoterwe, kandi ntibazokwicwa n’ubushuhe canke izuba ryo mu bugaragwa. Kuko uwubagiriye impuhwe azobaja imbere, abajane ku masoko y’amazi.
11 And I will turn all my mountains into a road, and my highways will be raised up. Imitumba yanje yose nzoyihindura amabarabara, kandi amabarabara yose azokwagurwa.
12 Look—these will come from far away; and look, these from the north and the west, and these from the land of Sinim. Ehe raba bazoza bavuye kure, bamwe bazova mu buraruko, abandi bave mu burengero, abandi bazanana mu bumanuko, ari ho muri Egiputa.”
13 Sing for joy, heavens, and rejoice, earth; break out in singing, mountains! For our Father has comforted his people, and his heart is moved with compassion for his afflicted ones. Nimuririmbe mwa majuru mwe, unezerwe nawe wa si we; muturagare muririmbe yemwe mitumba! Kuko Uhoraho aremesheje abantu biwe, akagirira impuhwe abari mu mibabaro.
14 But Zion said, "Our Father has forsaken me; the Sovereign Father has forgotten me." Ariko Siyoni aravuga ati: “Uhoraho yarantaye, Uhoraho yaranyibagiye.”
15 "Can a woman forget her nursing child, that her heart would not be moved with compassion for the son of her womb? Even these may forget, yet I will not forget you. Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa, akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye? Naho we yomwibagira, jewe sinzokwibagira.
16 Look—I have engraved you on the palms of my hands; your walls are ever before me. Ehe raba nakwanditse mu biganza vyanje, kandi inzitiro zawe ndazihozako amaso.
17 Your children hurry back; those who tore you down and laid you waste go away from you. Abana bawe bazogaruka vuba, maze abagusambuye bazokuvako bagende.
18 Look all around you and see: they all gather and come to you. As surely as I live, declares our Father, you will wear them all like an ornament; you will bind them on like a bride. Unamura amaso yawe urabe: abana bawe barakoranye, baje aho uri. Uhoraho aravuze ati: “Ndarahiye ukubaho kwanje, uzobambara bose nk’ibisharizo, kurya kw’ibisharizo vy’umugeni.
19 Surely your ruins and your desolate places and your devastated land—surely now you will be too cramped for your inhabitants, and those who swallowed you up will be far away. N’aho wageshejwe, ugasigara uri akahebwe mbere igihugu cawe kigasigara ari amatongo yahebwe, abawe bazokwagirwa vyanke ko bagukwirwamwo, abagutabagura na bo baje kure yawe.
20 The children born in your bereavement will yet say in your hearing, "This place is too narrow for me; make room for me to live." Abana bavukiye mu kinyago bazogaruka, bavuge wumva, bati: ‘Iki gihugu ntikidukwiye, ntitugira aho twubaka.’
21 Then you will say in your heart, "Who bore these for me? I was bereaved and barren, exiled and cast aside—who has raised these? I was left all alone; where did these come from?" Nawe uzokwibaza mu mutima uti: ‘Aba ni nde yabamvyariye? Ko nari naranyazwe abanje, ata vyizigiro vyo kuronka abandi, ndi inyagano, ndi igicibwa? None abo ni nde yabareze? Ko nari jenyene, abo bo bari he?’ ”
22 This is what the Sovereign Father says: Look—I will lift up my hand to the nations and raise my signal to the peoples; and they will bring your sons in their arms, and your daughters will be carried on their shoulders. Uhoraho Nyeninganji avuze ati: “Ehe nzokwakura abanyamahanga, nshingire ibendera amoko; bazozana abahungu bawe babateruye mu maboko yabo, abakobwa bawe babazane ku bitugu vyabo.
23 Kings will be your foster fathers, and their queens your nursing mothers. With faces to the ground they will bow down to you and lick the dust of your feet. Then you will know that I am your Father; those who wait for me will not be ashamed." Abami bazokubera abarezi, abamikazi na bo bakwonkereze. Bazokwikubita imbere bubamye hasi, baguhanagure umukungugu wo ku birenge. Nawe uzomenya ko ndi Uhoraho, kandi ko abanyiteze batazomaramara.”
24 Can the plunder be taken from the mighty, or the captives of a tyrant be rescued? Mbega hari uwaka umugwanyi ivyo yanyaze, canke abo yafashe nk’inyagano hari uwobatabara?
25 But this is what our Father says: Even the captives of the mighty will be taken, and the plunder of the tyrant rescued; for I myself will contend with those who contend with you, and I will save your children. Ariko Uhoraho avuze ati: “Ni vyo, inyagano zizokurwa mu maboko y’abahizi mu ntambara, kandi abateye ubwoba bazonyagwa ivyabo. Nzogwanya abakugwanya, kandi abana bawe nzobarokora.
26 I will make your oppressors eat their own flesh, and they will be drunk on their own blood as with sweet wine. Then all flesh will know that I am your Savior—your Father—and your Redeemer, the Mighty One of Jacob. Abagutwaza umukazo nzobarisha inyama zabo ubwabo, ndabanyweshe amaraso yabo ubwabo nk’uwunywa umuvinyu. Maze abantu bose bazomenya ko jewe ndi Uhoraho kandi ko ndi Umukiza wanyu, Umucunguzi wanyu, Inyenkomezi ya Yakobo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]