Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Adam slept with his wife Eve; she conceived and bore Cain, saying, "With our Father's help I have gained a man." Nuko Adamu aryamana na Eva umugore wiwe, na we asama inda, avyara umwana bamwita Kayini. Aravuga ati: “Navyaye umuntu ndabifashijwemwo n’Uhoraho!”
2 Later she gave birth to his brother Abel. Abel kept flocks, and Cain worked the ground. Mu nyuma avyara uwundi mwana w’umuhungu, bamwita Abeli. Bamaze gukura, Abeli aba umwungere w’intama, Kayini na we aba umurimyi.
3 After some time, Cain brought our Father an offering of the ground's fruit. Igihe kimwe, Kayini azana bimwe mu vyimburwa vyiwe abitanga nk’ishikanwa imbere y’Uhoraho.
4 Abel, too, brought the firstborn of his flock and their fat portions. Our Father favored Abel and his offering, Abeli na we azana intama zavutse ubwa mbere, arazibaga, atanga inyama zazo zinuze nk’ishikanwa. Nuko Uhoraho ashima ishikanwa rya Abeli,
5 but not on Cain and his offering, so Cain burned with anger and his face fell. ariko ntiyashima Kayini n’ishikanwa ryiwe. Maze ivyo bituma Kayini ashavura cane, ariraburanirwa.
6 Then our Father said to Cain, "Why are you angry? Why has your face fallen? Uhoraho abaza Kayini ati: “Ni kuki ushavuye utyo? Ni kuki wiraburaniwe?
7 If you do right, won't you be accepted? If you don't, sin crouches at your door, longing for you—but you must rule over it." Niwakora ibitunganye, uzoshimwa. Ariko niwakora ibidatunganye, icaha kibunze ku muryango kandi gishaka kukuganza, ariko ukwiye kukinesha.”
8 Cain said to his brother Abel, "Let's go to the field." There, Cain rose against his brother Abel and killed him. Umusi umwe Kayini abwira murumunawe Abeli ati: “Ingo tujane mu mirima.” Bashitseyo, Kayini ahindukirira murumunawe Abeli, aramwica.
9 Then our Father asked Cain, "Where's your brother Abel?" "I don't know," he said. "Am I my brother's keeper?" Hanyuma Uhoraho abaza Kayini ati: “Murumunawe Abeli ari hehe?” Na we arishura ati: “Sindabizi. None ni jewe njejwe kuragira murumunanje?”
10 Our Father said, "What have you done? The voice of your brother's blood cries out to me from the ground. Uhoraho aravuga ati: “Ivyo wakoze ni ibiki? Amaraso ya murumunawe ariko arasemerera ampamagara avugira mw’ivu!
11 Now a curse drives you from the ground, which opened its mouth to take your brother's blood from your hand. Ubu rero uravumwe kandi urirukanywe kuri iyi si yasamye ikamira amaraso ya murumunawe.
12 When you work the ground, it will no longer give you its strength; you will be a wandering fugitive on the earth." Niwarima, nta co uzokwimbura. Uzoba inyererezi igendagenda kw’isi.”
13 Cain said to our Father, "My punishment is more than I can bear. Kayini yishura Uhoraho ati: “Igihano ndonse kiraremereye kandi kirandengeye.
14 Today you drive me from this ground; I'll be hidden from your presence, a restless fugitive on earth, and whoever finds me will kill me." Unyirukanye muri kino gihugu kandi unyirukanye imbere yawe. Ungize inyererezi itagira aho iba kw’isi kandi umuntu wese azombona ashobora kunyica.”
15 But our Father told him, "No—whoever kills Cain will be avenged seven times over." Then our Father marked Cain, so no one who found him would kill him. Uhoraho aramwishura ati: “Oya, si ko bizogenda. Umuntu azokwica Kayini azobihanirwa incuro indwi.” Nuko Uhoraho ashira kuri Kayini ikimenyetso co kugabisha kugira ngo uwuzomubona ntazomwice.
16 Cain left the presence of our Father and settled in the land of Nod, east of Eden. Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aja kuba mu gihugu c’i Nodi, mu buseruko bwa Edeni.
17 Cain slept with his wife; she conceived and bore Enoch. He was building a city and named it after his son Enoch. Maze Kayini aryamana n’umugore wiwe, na we asama inda avyara umwana bamwita Enoki. Kayini yubaka igisagara, acita Enoki, acitiriye umuhungu wiwe.
18 Irad was born to Enoch. Irad fathered Mehujael, Mehujael fathered Methushael, Methushael fathered Lamech. Enoki avyara umwana amwita Iradi; Iradi na we avyara Mehuyayeli; Mehuyayeli na we avyara Metushayeli; Metushayeli na we avyara Lameki.
19 Lamech married two women, one named Adah and the other Zillah. Lameki arongora abagore babiri, umwe yitwa Ada uwundi Zila.
20 Adah bore Jabal, father of tent dwellers and livestock herders. Ada avyara Jabali, maze Jabali aba sekuruza w’ababa mu mahema kandi b’aborozi.
21 His brother's name was Jubal; he was the father of all who play the harp and flute. Murumunawe yitwa Jubali. Uwo na we yabaye sekuruza w’abavuza inanga n’imyironge.
22 Zillah also bore Tubal-Cain, forger of all bronze and iron tools; Tubal-Cain's sister was Naamah. Zila na we avyara umwana amwita Tubali-Kayini. Na we yabaye umuhinga mu gucura ibikoresho mu mwakaka no mu vyuma. Tubali-Kayini yari afise mushikiwe yitwa Nama.
23 Lamech told his wives: "Adah and Zillah, hear me; wives of Lamech, listen to what I say. I killed a man who wounded me, a young man who bruised me. Umusi umwe Lameki abwira abagore biwe ati: “Ada na Zila, nimunyumvirize, bapfasoni banje, nimwumve amajambo yanje. Narishe umuntu kuko yankomerekeje, nica n’umusore kuko yankubise.
24 If Cain is avenged seven times, then Lamech seventy-seven times." Nimba uwishe Kayini abihanirwa incuro indwi, uwishe Lameki we azobihanirwa incuro mirongo indwi n’indwi.”
25 Adam slept with his wife again; she bore a son and named him Seth: "Our Father has given me another child instead of Abel, since Cain killed him." Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe, na we avyara umuhungu amwita Seti, kuko yavuga ati: “Imana impaye uwundi mwana mu kibanza ca Abeli, uwo Kayini yishe.”
26 Seth too had a son and named him Enosh. Then people began calling on our Father's name. Seti na we avyara umuhungu, amwita Enoshi. Muri ico gihe abantu ni ho batangura kwambaza izina ry’Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]