Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is the written record of Adam's descendants. When our Father created humankind, he made them in the likeness of God. Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Adamu. Igihe Imana yarema abantu, yabaremye mw’ishusho yayo.
2 He created them male and female, blessed them, and named them Humankind when they were created. Yabaremye ari umugabo n’umugore kandi irabahezagira, maze ibita “abantu” igihe baremwa.
3 At 130, Adam fathered a son in his likeness, after his image, and named him Seth. Adamu amaze imyaka ijana na mirongo itatu, yavyaye umuhungu yasa na we cane, ishusho yiwe bwite; maze amwita Seti.
4 After he fathered Seth, Adam lived 800 years and had other sons and daughters. Seti amaze kuvuka, Adamu yabayeho iyindi myaka amajana umunani ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
5 Altogether, Adam lived 930 years, and then he died. Adamu yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itatu, hanyuma arapfa.
6 When Seth had lived 105 years, he fathered Enosh. Seti amaze imyaka ijana n’itanu yavyaye Enoshi.
7 After he fathered Enosh, Seth lived 807 years and had other sons and daughters. Amaze kuvyara Enoshi, Seti yabayeho iyindi myaka amajana umunani n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
8 Altogether, Seth lived 912 years, and then he died. Seti yamaze imyaka amajana icenda na cumi n’ibiri, hanyuma arapfa.
9 When Enosh had lived ninety years, he fathered Kenan. Enoshi amaze imyaka mirongo icenda, yavyaye Kenani.
10 After he fathered Kenan, Enosh lived 815 years and had other sons and daughters. Kenani amaze kuvuka, Enoshi yabayeho iyindi myaka amajana umunani na cumi n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
11 Altogether, Enosh lived 905 years, and then he died. Enoshi yabayeho imyaka amajana icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
12 When Kenan had lived seventy years, he fathered Mahalalel. Kenani amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Mahalaleli.
13 After he fathered Mahalalel, Kenan lived 840 years and had other sons and daughters. Mahalaleli amaze kuvuka, Kenani yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo ine, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
14 Altogether, Kenan lived 910 years, and then he died. Kenani yamaze imyaka amajana icenda na cumi, hanyuma arapfa.
15 When Mahalalel had lived sixty-five years, he fathered Jared. Mahalaleli amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Yaredi.
16 After he fathered Jared, Mahalalel lived 830 years and had other sons and daughters. Yaredi amaze kuvuka, Mahalaleli yabayeho iyindi myaka amajana umunani na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
17 Altogether, Mahalalel lived 895 years, and then he died. Mahalaleli yamaze imyaka amajana umunani na mirongo icenda n’itanu, hanyuma arapfa.
18 When Jared had lived 162 years, he fathered Enoch. Yaredi amaze imyaka ijana na mirongo itandatu n’ibiri, yavyaye Enoki.
19 After he fathered Enoch, Jared lived 800 years and had other sons and daughters. Enoki amaze kuvuka, Yaredi yabayeho iyindi myaka amajana umunani, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
20 Altogether, Jared lived 962 years, and then he died. Yaredi yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’ibiri, hanyuma arapfa.
21 When Enoch had lived sixty-five years, he fathered Methuselah. Enoki amaze imyaka mirongo itandatu n’itanu, yavyaye Metusela.
22 After fathering Methuselah, Enoch walked with our Father 300 years, and had other sons and daughters. Metusela amaze kuvuka, Enoki yabayeho iyindi myaka amajana atatu, agendana n’Imana, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
23 Altogether, Enoch lived 365 years. Enoki yamaze imyaka amajana atatu na mirongo itandatu n’itanu,
24 Enoch walked faithfully with our Father; then he was gone, because our Father took him. agendana n’Imana. Hanyuma umusi umwe arazimangana abantu baramubura, kuko Imana yamujanye.
25 When Methuselah had lived 187 years, he fathered Lamech. Metusela amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’indwi, yavyaye Lameki.
26 After he fathered Lamech, Methuselah lived 782 years and had other sons and daughters. Lameki amaze kuvuka, Metusela yabayeho iyindi myaka amajana indwi na mirongo umunani n’ibiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
27 Altogether, Methuselah lived 969 years, and then he died. Metusela yamaze imyaka amajana icenda na mirongo itandatu n’icenda, hanyuma arapfa.
28 When Lamech had lived 182 years, he fathered a son. Lameki amaze imyaka ijana na mirongo umunani n’ibiri, yavyaye umwana w’umuhungu.
29 He named him Noah, saying, "He will comfort us in our work and painful toil of our hands, from the ground our Father cursed." Nuko uwo muhungu amwita Nowa, avuga ati: “Uzotuzanira ihumure mu bikorwa vy’umuruho tugira mu kurima iyi si Uhoraho yavumye.”
30 After he fathered Noah, Lamech lived 595 years and had other sons and daughters. Nowa amaze kuvuka, Lameki yabayeho iyindi myaka amajana atanu na mirongo icenda n’itanu ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
31 Altogether, Lamech lived 777 years, and then he died. Lameki yamaze imyaka amajana indwi na mirongo indwi n’indwi, hanyuma arapfa.
32 When Noah was 500 years old, he fathered Shem, Ham, and Japheth. Nowa amaze imyaka amajana atanu, yavyaye abahungu batatu, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]