Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When humanity began to multiply on the earth and daughters were born to them, Abantu bamaze kugwira kw’isi bakavyara abakobwa,
2 the sons of divine origin saw the daughters of human origin were beautiful, and took as wives any they chose. abana b’Imana babonye ko abo bakobwa b’abantu ari beza, maze barongora abo bihitiyemwo.
3 Then our Father said, "My Spirit will not wrestle with humanity forever, for they are flesh; their days will be 120 years." Uhoraho aravuga ati: “Mpwemu wanje ntazokwama yihanganira abantu, kuko ari imibiri ipfa gusa. Kuva ubu ntibazorenza imyaka ijana na mirongo ibiri.”
4 The Nephilim were on the earth in those days, and afterward too, when the sons of divine origin came to the daughters of human origin, who bore them children. These were the mighty men of old, men of renown. Muri iyo misi, no mu misi yakurikiye, kw’isi haba ibigatanya vy’Abanefilimu. Aho ni igihe abana b’Imana begera abakobwa b’abantu bakavyarana na bo. Abo ni bo bahizi ba kera, abantu ba rurangiranwa.
5 Our Father saw how great human wickedness had become on the earth—every thought and desire of their hearts only evil all the time. Maze Uhoraho abona ingene ibibi abantu bakora vyabaye vyinshi kw’isi, n’ingene ivyo bakora n’ivyo biyumvira imisi yose ari ibibi gusa.
6 He was grieved he had made humanity on the earth, and his heart filled with pain. Ivyo bituma Uhoraho yicuza igituma yararemye abantu akabashira kw’isi, umutima wiwe wuzura umubabaro.
7 So our Father said, "I will wipe out humanity, whom I created, from the face of the earth—people, animals, crawling things, and birds of the sky—for I regret making them." Uhoraho aravuga ati: “Ngiye kurandura aba bantu bose naremye ndabakure kw’isi. Nzobarandurana n’ibikoko bininibinini na bitobito, ivyikwega hasi n’inyoni zo mu kirere, kuko ndicujije icatumye ndabirema.”
8 But Noah found favor in the eyes of our Father. Ariko Nowa we Uhoraho amugirira ubuntu.
9 This is Noah's account. Noah was a righteous man, blameless among the people of his time, and Noah walked faithfully with our Father. Iyi ni yo nkuru ya Nowa n’umuryango wiwe. Nowa yari umugororotsi, ni we muntu wenyene yaba kw’isi muri ico gihe atagira umugayo kandi yagendana n’Imana.
10 And Noah had three sons: Shem, Ham, and Japheth. Nowa yari afise abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti.
11 The earth was corrupt before our Father, and filled with violence. Muri ico gihe, isi yari yarononekaye mu maso y’Imana, yuzuyemwo ubugizi bwa nabi.
12 Our Father saw the earth was corrupt, for all flesh had corrupted their ways on the earth. Nuko Imana yihweza ingene isi yononekaye, kuko abantu bose bo kw’isi bakora ibibi,
13 Then our Father said to Noah, "The end of all flesh has come before me, for the earth is full of violence because of the people. I am going to destroy them with the earth. maze ibwira Nowa iti: “Nafashe ingingo yo kurandura abantu bose, kuko isi yuzuye ibibi ku bwabo. Ngiye kubarandurana n’isi!
14 Build yourself an ark of cypress wood; make rooms in it and coat it inside and out with pitch. Wewe niwibazire ubwato mu giti citwa goferi. Uze ubushiremwo ivyumba hanyuma ubuhomeshe ikaburimbi imbere n’inyuma.
15 Make it like this: the ark about 450 feet long, seventy-five feet wide, forty-five feet high. Uku ni ko uzobukora: uburebure buze bube ingero z’igice c’ukuboko amajana atatu, ubwaguke ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, uburebure bw’igihagararo na bwo ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu.
16 Make a roof for the ark, finishing it eighteen inches from the top. Put a door in its side, and build it with lower, middle, and upper decks. Uze usakare ubwo bwato, ariko usigaze umwanya wuguruye ungana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe musi y’igisakazo. Uze kandi ushire umuryango mu mbavu, hanyuma wubake ibisenge bitatu, ico hasi, ico hagati n’ico hejuru.
17 I myself am bringing floodwaters on the earth to destroy all flesh with the breath of life in it under the heavens; everything on the earth will die. Ngiye guteza umwuzure kw’isi uzorandura ikintu cose kizima musi y’ijuru. Ikintu cose kiri kw’isi kizopfa.
18 But I will establish my covenant with you, and you will enter the ark—you, your sons, your wife, and your sons' wives with you. Ariko nzogirana isezerano nawe. Uze winjire mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe n’abagore babo.
19 Bring two of every living creature into the ark to keep alive with you—a male and a female. Uze winjirane mu bwato bibiribibiri mu bifise ubuzima vyose, ikigabo n’ikigore mu bwoko bwose bw’ibikoko, kugira ngo bikirane nawe.
20 Of the birds by kind, the animals by kind, every crawling thing of the ground by kind, two of each will come to you to be kept alive. Inyoni zibirizibiri mu bwoko bwose bw’inyoni, ibikoko bibiribibiri vyo mu bwoko bwose bw’ibikoko bininibinini, n’ivyikwega hasi; vyose bizoza aho uri kugira ngo bikirane nawe.
21 Take every kind of food that can be eaten and store it up; it will be food for you and for them." Kandi uze wibuke kujana ivyokurya bikwiye umuryango wawe n’ibikoko vyose.”
22 Noah did everything just as our Father commanded him. Nuko Nowa akora vyose nk’uko Imana yabimutegetse.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]