Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The serpent was shrewder than any field animal our Father had made. He asked the woman, "Did God really say, 'You must not eat from any tree in the garden'?" Mu bikoko vyo mw’ishamba Uhoraho Imana yari yararemye, inzoka ni yo yarusha ibindi ubugunge. Umusi umwe ibaza wa mugore iti: “Ni ivy’ukuri ko Imana yababwiye iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vyo ku giti na kimwe co mw’itongo’?”
2 The woman said to the serpent, "We may eat the fruit from the trees in the garden, Wa mugore yishura ya nzoka iti: “Turashobora kurya ku vyamwa vyo ku biti vyo mw’itongo,
3 but God said, 'Don't eat the tree's fruit in the garden's middle, or touch it, or you'll die.'" ariko Imana yavuze iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vy’igiti kiri hagati mw’itongo, ndetse ntimukagikoreko; kuko nimwabikora, muzopfa.’ ”
4 But the serpent said to the woman, "You will certainly not die. Ya nzoka ibwira wa mugore iti: “Ni ukuri ntimuzopfa.
5 God knows that when you eat from it, your eyes will open and you'll be like God, knowing good and evil." Imana irazi ko umusi mwariye ku vyamwa vyaco amaso yanyu azokwuguruka, mukamera nk’Imana ku bijanye no kumenya iciza n’ikibi.”
6 The woman saw the tree was good for food, delightful to the eyes, and desirable for wisdom. She took its fruit, ate, gave some to her husband with her, and he ate. Nuko wa mugore abona ko ivyamwa vya ca giti ari vyiza, ko bibereye kuribwa kandi ko bituma umuntu agira ubwenge. Aca afata bimwe mu vyamwa vyaco arabirya, yongera ahako n’umugabo wiwe, na we ararya.
7 Then the eyes of both of them were opened, and they knew they were naked; they sewed fig leaves together and made themselves coverings. Ubwo nyene amaso yabo bompi aruguruka, batahura ko bari gusa, baca batangura guterateranya amababi y’ibiti vy’imisukoni kugira ngo baronke ivyo bipfuka.
8 They heard the sound of our Father walking in the garden in the cool of the day, and the man and his wife hid from his presence among the garden's trees. Ku mugoroba akayaga kariko karahuhuta, wa mugabo n’umugore wiwe bumva Uhoraho Imana agendagenda mw’itongo, baca barinyegeza mu biti kugira ngo ntababone.
9 But our Father called to the man and said to him, "Where are you?" Uhoraho Imana ahamagara wa mugabo, aramubaza ati: “Uri hehe?”
10 The man said, "I heard you in the garden and was afraid, for I was naked, so I hid." Na we arishura ati: “Numvise uriko uragendagenda mw’itongo ngira ubwoba nca ndinyegeza kuko ndi gusa.”
11 Our Father said, "Who told you you're naked? Did you eat from the tree I forbade you to eat from?" Uhoraho Imana aramubaza ati: “Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku vyamwa vya ca giti kandi narabikubujije?”
12 The man said, "The woman you put with me gave me fruit from the tree, and I ate." Wa mugabo arishura ati: “Ni wa mugore wampa yampaye kuri ivyo vyamwa nca ndarya.”
13 Then our Father asked the woman, "What have you done?" She said, "The serpent deceived me, and I ate." Uhoraho Imana abaza wa mugore ati: “Ni kuki wakoze ivyo?” Wa mugore arishura ati: “Inzoka ni yo yampenze, ni co gituma nanje nariye kuri ico camwa.”
14 So our Father said to the serpent, "Because you have done this, cursed are you above all livestock and above all wild animals; on your belly you will go, and dust you will eat all the days of your life. Nuko Uhoraho Imana abwira ya nzoka ati: “Ko wubahutse gukora ivyo, uravumwe kurusha ibikoko vyose vy’ibitungwa n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba. Uzohora ugenda ukwega inda hasi kandi uzorya umukungugu ubuzima bwawe bwose.
15 And I will put enmity between you and the woman, and between your offspring and her offspring; he will crush your head, and you will strike his heel." Nzoshira urwanko hagati yawe n’uwu umugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe; azokumena umutwe, nawe uzomukomora ku gitsintsiri.”
16 To the woman he said, "I will greatly increase your pain in childbirth; in pain you will give birth to children. Your desire will be for your husband, and he will rule over you." Abwira wa mugore na we ati: “Nzogwiza ububabare bwawe mu gihe cawe co kuvyara; uzovyara abana ubanje kubabara. Uzohora wipfuza umugabo wawe, na we azokuganza.”
17 And to Adam he said, "Because you listened to your wife and ate from the tree that I commanded you, saying, 'You must not eat from it,' cursed is the ground because of you; through painful toil you will eat from it all the days of your life. Abwira Adamu na we ati: “Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vya ca giti kandi nari narakwihanikirije nti: ‘Ntiwemerewe kurya ku vyamwa vyaco,’ Isi iravumwe kubera wewe; uzoronka ivyo urya ubanje kuyirima ukaruha ubuzima bwawe bwose.
18 It will produce thorns and thistles for you, and you will eat the plants of the field. Izokumerera amahwa n’ibitovu, kandi uzorya ibimeze kuri yo.
19 By the sweat of your brow you will eat your bread until you return to the ground, since from it you were taken; for dust you are, and to dust you will return." Kubira icuya mu ruhanga ni kwo kuzotuma uronka ivyokurya kugeza usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wavuyemwo. Kuko uri umukungugu, kandi uzosubira mu mukungugu.”
20 The man named his wife Eve, because she would become the mother of all the living. Nuko Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko ni we yari agiye kuba nyina w’abafise ubuzima bose.
21 Our Father made garments of skin for Adam and his wife, and he clothed them. Maze Uhoraho Imana akorera Adamu na Eva impuzu mu nsato z’ibikoko arabambika.
22 Then our Father said, "Look, the man has become like one of us, knowing good and evil. Now, so he doesn't reach out, take from the tree of life too, eat, and live forever…" Uhoraho Imana aravuga ati: “Umuntu amaze kumera nkatwe mu bijanye no kumenya iciza n’ikibi. Hamwe yokwamura ivyamwa vyo ku giti c’ubugingo akabirya, yoca abaho ibihe bidashira.”
23 So our Father sent him out of the garden of Eden to work the ground he was taken from. Nuko Uhoraho Imana aca yirukana wa muntu muri rya tongo rya Edeni amurungika kurima isi yaremwemwo.
24 He drove out the man and placed cherubim and a whirling, flaming sword east of Eden's garden, guarding the way to the tree of life. Amaze kwirukana wa muntu, aca ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi hamwe n’inkota yaka umuriro iguma igenda igaruka kugira ngo irinde inzira ija ku giti c’ubugingo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]