Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezekiel 2 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ihamagarwa rya Ezekiyeli ngo abe uwuvugishwa

1Arambarira ati: “Mwana w’umuntu, haguruka mvugane nawe.” 2Akivuga, Mpwemu aca anzamwo, arampagurutsa ndahagarara, maze nca ndumva uwariko aramvugisha.

3Ambwira ati: “Mwana w’umuntu, ndagutumye ku Bisirayeli, kw’ihanga ry’abagarariji, ryangararije; bo hamwe na ba sekuruza babo bamye bangarariza gushika n’uwu musi. 4Abo bantu ndakurungitseko ni abantu bashira isoni, kandi bakomantaye imitima. Genda ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ 5Bemeye kukwumviriza canke banse, kuko ari abagarariji, ivyo ari vyo vyose bazomenya ko uwuvugishwa n’Imana yabagendeye. 6Ariko wewe mwana w’umuntu, ntuzobatinye, canke ngo utinye amajambo yabo. Ntuzotinye naho uzoba uri hagati mu gisuru canke mu mahwa, ukaba muri za sikoropiyo. Ntuzotinye ivyo bavuga, canke ngo bagutere ubwoba, naho ari inzu y’abagarariji. 7Uzobabwire ijambo ryanje, bemeye kuryumviriza canke batemeye kuryumvirize, kuko ari abagarariji. 8Ariko wewe, mwana w’umuntu, wumvirize ivyo ndakubwiye. Ntuzogararize nka bo. Asama, urye ico ndaguhaye.”

9Ngize gutya mbona ukuboko kuramvuye kuza aho ndi. Kwari gufise igitabu, 10kukizingururira imbere yanje. Mu mpapuro zaco hari handitsemwo amajambo yo gucura intimba, amaganya n’amarira.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]