Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses: Uhoraho yongera abarira Mose ati:
2 "Look, I have called by name Bezalel son of Uri, son of Hur, of Judah's tribe, “Ehe raba natoranije Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda,
3 and I have filled him with my Spirit, with wisdom, with understanding, with knowledge, and with all craftsmanship, kandi namwujuje Mpwemu w’Imana, ubwenge, ugutahura, ubumenyi n’ubuhinga bw’ubwoko bwose,
4 to devise artistic designs, to work in gold, in silver, and in bronze, kugira ngo ashobore gukora ibikorwa vy’ubuhinga mu nzahabu, mw’ifeza no mu mwakaka.
5 in cutting stones for setting and in carving wood, to work in every kind of craft. Afise ubuhinga bwo gukorogoshora amabuye n’ibiti, n’ubwo gukora ibintu bitandukanye.
6 I myself have appointed Oholiab son of Ahisamach, of the tribe of Dan, to work alongside him. I have put wisdom in every skilled craftsman's heart, so they can make all I have commanded you. Kandi natoranije Oholiyabu mwene Ahisamaki wo mu muryango wa Dani ngo abe uwo kumufasha. Nahaye n’ubuhinga abakora ibikorwa vy’ubuhinga bose kugira ngo bazokore ivyo nakubariye vyose:
7 The tent of meeting, the ark of the testimony, the atonement cover over it, and all the tent's furnishings, Ihema ry’Ibonaniro, Isandugu y’Isezerano, umupfundikizo wayo wo gutangirako impongano, hamwe n’ibindi bikoresho vyose bikenewe mw’ihema:
8 the table and its utensils, the pure lampstand with all its utensils, and the altar of incense; imeza n’ibikoresho vyayo, igiterekwako amatara n’ibikigize bicuzwe mu nzahabu iramuye, igicaniro co guturirirako ibimota neza,
9 the altar of burnt offering with all its utensils, and the basin with its stand; igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco, ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako;
10 the woven garments, the holy garments for Aaron the priest, and his sons' garments for priestly service, hamwe n’ivyambarwa bijishe, vyaba ivyambarwa vyejejwe vy’umuherezi Aroni canke ivyambarwa vy’abahungu biwe, ivyo bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi,
11 and the anointing oil, and fragrant incense for the holy place—they must make them exactly as I commanded you." amavuta yo kurobanura hamwe n’ibimota neza bitamirana vy’Ahera. Bazobikore nk’uko nabigutegetse nyene.”
12 Then our Father said to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
13 "You yourself speak to the Israelites: Above all, keep my Sabbaths—a sign between me and you, generation after generation, so you know that I, your Father, make you holy. “Barira Abisirayeli baze bubahirize Isabato yanje, kuko ari ikimenyetso c’isezerano nagiranye na bo uko urunganwe ruzogenda rukurikirana, kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho abeza.
14 Keep the Sabbath—it is holy to you. Whoever desecrates it must surely be put to death; whoever does work on it will be cut off from among his people. Muzokwubahirize Isabato kuko ari umusi wera kuri mwebwe. Uwuzoyihumanya aze yicwe. Nayo uwuzogira ico akora kw’Isabato azocibwe mu bantu biwe.
15 Six days work may be done, but the seventh day is a Sabbath of complete rest, holy to me. Anyone who works on the Sabbath day must surely be put to death. Muzokore ibikorwa vyanyu vya misi yose mu misi itandatu, ariko umusi w’indwi uzobe Isabato y’akaruhuko, yera y’Uhoraho. Uwuzogira igikorwa na kimwe akora kw’Isabato aze yicwe.
16 The Israelites must keep the Sabbath, observing the Sabbath in every generation as a lasting covenant. Abisirayeli bazokwubahirize Isabato, bayihimbaze uko urunganwe ruzogenda rukurikirana nk’icagezwe c’intahava.
17 It's a sign between me and the Israelites forever: in six days I made heaven and earth; on the seventh day I rested and was refreshed." Kizokwama ari ikimenyetso kizoba hagati yanje n’Abisirayeli ibihe vyose, kuko mu misi itandatu, Uhoraho yaremye isi n’ijuru, ku musi ugira indwi akaruhuka, ntiyakora ikindi kintu na kimwe.”
18 When he finished speaking with Moses on Mount Sinai, he gave him the two testimony tablets, stone tablets, written by the finger of our Father. Uhoraho ahejeje kuvuganira na Mose ku musozi Sinayi, amuhereza ibisate vy’amabuye biriko amabwirizwa, ibisate vy’amabuye Imana yiyandikiyeko n’urutoke rwayo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]