Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 30 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Make an altar for burning incense; make it of acacia wood. Uzokoreshe igicaniro co guturirirako ibimota neza, bagikore mu giti c’ikasiya.
2 Square: about eighteen inches long, eighteen inches wide, and about three feet high, its horns of one piece with it. Kizobe kingana impande zose; ingero y’igice c’ukuboko imwe y’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe y’ubwaguke hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’igihagararo, gifise n’amahembe mu mfuruka zose kandi vyose bikozwe mu giti kimwe n’ikigize igicaniro.
3 Cover it in pure gold—its top, sides all around, and horns—then add a gold rim around it. Bacomekeko inzahabu itavanze hejuru, imbere muri co, ku mpande no ku mahembe, bongere bagikikuze n’urubiga rw’inzahabu.
4 Make two gold rings below its molding, on two opposite sides, to hold the carrying poles. Bazocure ibigombo bibiri mu nzahabu babitere kuri ico gicaniro musi ya rwa rubiga, ku mpande zibiri zirabana, kugira ngo babicishemwo imyamba yo kukirerura.
5 Make the poles of acacia wood and overlay them with gold. Bazobaze iyo myamba mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu.
6 Set it before the curtain that is by the ark of the testimony, before the cover over the testimony, where I will meet you. Ico gicaniro kizoterekwe imbere ya ca gitambara kiri imbere y’Isandugu y’Isezerano, imbere ya wa mupfundikizo upfutse isandugu irimwo vya bisate vy’ivyagezwe. Aho ni ho tuzobonanira.
7 Every morning when he tends the lamps, Aaron is to burn fragrant incense on it. Aroni azogituririreko ibimota neza imisi yose mu gatondo igihe azoba ariko arashira amavuta mu matara.
8 When Aaron sets up the lamps at dusk, he is to burn it—a continual incense before me, through your generations. Aze yongere aturire ibimota neza igihe azoba adometse amatara ku mugoroba, kugira ngo ibimota neza bizokwame vyakira imbere y’Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana.
9 Do not offer unauthorized incense, burnt offering, or grain offering on it; do not pour a drink offering on it. Ntihaze hagire ibindi bimota neza bagituririrako canke ibindi bimazi vyo guturirwa, canke amashikanwa y’ifu canke ibinyobwa.
10 Once a year Aaron is to atone on its horns; once a year, with the blood of the sin offering of atonement, he is to atone for it throughout your generations. It is most holy to me." Rimwe mu mwaka, Aroni azohore atangira ikimazi c’impongano ku mahembe y’ico gicaniro. Amaraso y’ikimazi c’impongano y’ivyaha azoyasige ku mahembe y’ico gicaniro akibere impongano. Ivyo bizokwame biba gutyo ku mwaka ku mwaka, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi. Ico gicaniro ni icejejwe c’Uhoraho.”
11 Our Father said to Moses, Uhoraho yongera abarira Mose ati:
12 "When you take a census of the Israelites to count them, each must give me a ransom for his life at that counting, so no plague comes on them as they are counted. “Niwamara guharura Abisirayeli, umugabo wese azoba yaharuwe azonzanire incungu y’ubuzima bwiwe, ni ho ata cago kizobashikira igihe uzoba uriko urabaharura.
13 Everyone counted must give about a fifth of an ounce of silver, by the sanctuary standard, as an offering to me. Umuntu wese azoja ku ruhande rw’abamaze guharurwa azotanga igice ca shekeli, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, na yo ikaba ingana n’ingero gera mirongo ibiri. Ico gice ca shekeli abe ari co bazoshikanira Uhoraho.
14 Everyone who is counted, twenty years old and upward, is to give this offering to me. Abazoguca imbere bose bashikana imyaka mirongo ibiri n’iyirenga, bazoshikanire ishikanwa Uhoraho.
15 The rich must not give more, nor the poor less, than this fifth of an ounce, when you offer it to me to atone for your lives. Abifise bazotange ibirengeye igice ca shekeli. Abakene na bo ntibazotange ibiri musi y’igice ca shekeli nimwashikanira Uhoraho amashikanwa y’impongano ku bw’ubuzima bwanyu.
16 Take the atonement money from the Israelites; give it for the tent of meeting's service. It will be a memorial for the Israelites before me, to atone for your lives." Uze wakirire Abisirayeli ayo mahera y’impongano uzoyakoreshe mu bikorwa vyo mw’Ihema ry’Ibonaniro. Kizoba ari icibutso c’Abisirayeli imbere yanje c’uko mwatanze impongano y’ubuzima bwanyu.”
17 Our Father said to Moses, Uhoraho arasubira abarira Mose ati:
18 "Make a bronze basin with its bronze stand, for washing. Set it between the tent of meeting and the altar; put water in it, “Ucurishe ibesani mu butare bw’umwakaka, n’ivyo kuyihagarikako bicuzwe mu mwakaka nyene, ize ibe iyo gukarabiramwo. Uzoyitereke hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, uyisukemwo amazi.
19 so that Aaron and his sons can use it to wash their hands and feet. Aroni n’abahungu biwe abe ari yo bazokoresha mu gukaraba iminwe no kwoza ibirenge.
20 Entering the tent of meeting, they must wash with water so they won't die; or approaching the altar to serve, to burn a food offering to me. Igihe cose bazoba bagomba kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro, bazobanze kwisukura kugira ngo ntibapfe. Kandi igihe bazoba begereye igicaniro ngo bampereze ibimazi vyanshikaniwe bituriwe n’umuriro,
21 They must wash their hands and feet, or they will die. It is a lasting rule for Aaron and his descendants, generation after generation." bazokarabe iminwe, boze n’ibirenge vyabo kugira ngo ntibapfe. Iki kizobe icagezwe c’intahava kuri Aroni n’uruvyaro rwiwe uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.”
22 Our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
23 "Take the finest spices: 12½ pounds of liquid myrrh, half as much—6¼ pounds—of fragrant cinnamon, and 6¼ pounds of fragrant cane, “Fata ibimota neza kurusha ibindi ari vyo vy’ibi: shekeli amajana atanu z’ibimota neza, shekeli amajana abiri na mirongo itanu za mudarasini, shekeli amajana abiri na mirongo itanu za kanehe,
24 and twelve and a half pounds of cassia, measured by the sanctuary standard, and a gallon of olive oil. ushireko na shekeli amajana atanu za kesiya, vyose ubigere ukoresheje ingero shekeli y’Ahera, wongereko n’ingero hini imwe y’amavuta ya elayo.
25 Make it a holy anointing oil, a blended perfume, the work of a perfumer—a holy anointing oil. Maze azovangwe kugira ngo abe amavuta yejejwe yo kurobanura, amota neza. Azovangwe n’abahinga babimenyereye. Azoba ari amavuta yejejwe yo kurobanura.
26 With it anoint the tent of meeting, the ark of the testimony, Uzokoresha ayo mavuta mu kurobanura ihema ry’ibonaniro, Isandugu y’Isezerano,
27 the table and all its utensils, the lampstand and its utensils, the altar of incense, ameza n’ibikoresho vyo kuri yo vyose, igiterekwako amatara n’ibijana na co, igicaniro co guturirirako ibimota neza,
28 the altar of burnt offering with all its utensils, and the basin with its stand. igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibindi bikoresho bijana na co vyose, na ya besani n’ivyo iterekwako.
29 Dedicate them so they are most holy; whatever touches them becomes holy. Ubirobanure kugira ngo bibe ivyejejwe, kandi ikizobikorako cose kizoca kiba icejejwe.
30 Anoint Aaron and his sons; dedicate them to serve me as priests. Urobanure Aroni n’abahungu biwe wongere ubeze kugira ngo bambere abaherezi.
31 Say to the Israelites, 'This are to be my holy anointing oil throughout your generations. Ubarire Abisirayeli uti: ‘Aya ni amavuta yera y’ukurobanura azokwama akoreshwa no ku runganwe ruzoza.
32 Don't pour it on anyone's body, and don't make anything like it by its formula. It is holy—it is to be holy to you. Ntimuzoyisige ku mubiri canke ngo muvange ayandi mavuta muri ubwo buryo. Ni ayera, kandi namwe muyafate nk’ayera nyene.
33 Whoever blends anything like it, or puts it on an outsider, will be cut off from his people.'" Nihagira uwukora amavuta nk’uko canke akayasiga uwundi muntu atari umuherezi, uwo muntu azocibwe mu bandi.’ ”
34 Our Father said to Moses, "Take fragrant spices—stacte, onycha, and galbanum—these fragrant spices with pure frankincense, in equal parts, Uhoraho yongera abarira Mose ati: “Fata ibimota neza vyitwa natalu, sheheleti, helebena ku ngero zingana,
35 and make them into fragrant incense, the work of a perfumer, seasoned with salt, pure and holy. maze ubivange bibe ibimota neza. Bizokorwe n’abahinga bazi kuvanga amavuta. Azobemwo umunyu, atarobetswe n’ikindi kintu na kimwe, yejejwe.
36 Grind some of it very fine and put some before the testimony in the tent of meeting, where I will meet you. It remains most holy to you. Ufate bikeya muri vyo, ubisye, ubishire imbere ya ya Sandugu y’Isezerano iri mw’ihema ry’ibonaniro, aho tuzobonanira. Ivyo bize bibabere ivyera cane.
37 Don't make incense to this formula for yourselves; it is holy to you, for it belongs to me. Ntihaze hagire umuntu n’umwe azokwikorera imibavu itunganijwe muri ubwo buryo: mufate ko ari iyera y’Uhoraho.
38 Whoever makes any like it to enjoy its fragrance is to be cut off from his people." Uwuzokwikorera imibavu itunganije muri ubwo buryo kugira ngo aryoherwe n’ugutamirana kwayo azocibwe mu bandi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]