Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When the people saw Moses delayed coming down the mountain, they gathered around Aaron and said to him, "Get up, make us gods to go before us. This Moses, the man who brought us up from the land of Egypt—we don't know what's happened to him." Abantu babonye Mose atevye kuri uwo musozi, bakoranira aho Aroni ari, baramubwira bati: “N’uturonderere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye.”
2 Aaron told them, "Take off the gold earrings on the ears of your wives, sons, and daughters, and bring them to me." Aroni arababwira ati: “Ambura ayo mahereni y’inzahabu, ayo abagore, abakobwa n’abahungu banyu bambaye ku matwi muyanzanire.”
3 All the people removed the gold rings from their ears and brought them to Aaron. Nuko abantu bose bambura amahereni yabo bayazanira Aroni.
4 He took the gold from their hands, shaped it with an engraving tool, and cast it into a calf. Then they said, "These are your gods, Israel, who brought you up from the land of Egypt!" Maze Aroni arayakira yose ayacuramwo ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri akoresheje imikasi. Baca babwira abantu bati: “Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa.”
5 Seeing this, Aaron built an altar before it and announced, "Tomorrow is a festival to our Father." Aroni abibonye, aca yubakira igicaniro iyo shuri, aca atangariza abantu ati: “Ejo tuzogira umusi mukuru w’Uhoraho.”
6 They rose early next day, offered burnt offerings, and brought peace offerings. The people sat to eat and drink, then got up to revel. Maze bukeye abantu bose bavyuka kare, bashikana ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ibimazi vy’amashimwe. Inyuma y’ivyo baca baricara bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka batangura kuvyina.
7 Then our Father said to Moses, "Go down, because your people, whom you brought up from the land of Egypt, have corrupted themselves. Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Manuka ugende kuko ba bantu bawe wakura muri Egiputa bononekaye.
8 They have quickly turned from the way I commanded them, made themselves a cast calf, bowed to it, sacrificed to it, and said, 'Israel, these are your gods who brought you up from the land of Egypt.'" Bamaze kuva mu vyo nabageze, bicuriye ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri. Bacikubise imbere kandi banagishikaniye ibimazi, bongera bavuga bati ‘Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa.’ ”
9 Our Father said to Moses, "I have seen this people, and they are a stubborn people. Hanyuma Uhoraho abarira Mose ati: “Aba bantu nabihweje, ndabona ko ari ubwoko bw’intagondwa.
10 Now leave me alone, that my anger may burn against them and I may consume them, and I will make you a great nation." None rero ndeka ico nikorera, uburake bwanje bubaziriringire, ndabarandure. Hanyuma wewe nzoheza ndakugire ihanga rikomeye cane.”
11 Moses pleaded with our Father: "Why, our Father, does your anger burn against your people, whom you brought out of the land of Egypt with great power and a mighty hand? Ariko Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe avuga ati: “Uhoraho we, ni iki gitumye uburake bwawe buziriringira abantu bawe, abo wakuje muri Egiputa ukuboko kwawe kw’inkomezi?
12 Why should the Egyptians say, 'He brought them out with evil intent, to kill them in the mountains and wipe them off the face of the earth'? Turn from your burning anger; relent from this disaster against your people. Ugomba Abanyegiputa bazovuge ngo: ‘Imana yabo yabakijije ifise intumbero mbi yo kubahonereza mu misozi no kubazimanganya kw’isi?’ Hwamika uburake bwawe, wigarure ntuteze ivyago abantu bawe.
13 Remember Abraham, Isaac, and Israel, your servants, to whom you swore by yourself and told them: 'I will multiply your offspring like the stars of heaven, and I will give your offspring all this land I have promised, and they will inherit it forever.'" Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Isaka na Isirayeli abo wabwiye wewe nyene wirahiye uti: ‘Nzogwiza uruvyaro rwanyu rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzoruha iki gihugu nabasezeraniye, ngo kibe inyegu yabo ibihe vyose.’ ”
14 So our Father relented from the disaster he had spoken of bringing on his people. Maze Uhoraho arigarura, ntiyateza ivyago abantu biwe nk’uko yari yabivuze.
15 Moses turned and went down from the mountain, the two tablets of the testimony in his hand, tablets written on both sides, front and back. Maze Mose ava kuri wa musozi aramanuka afise mu minwe vya bisate vy’amabuye bibiri biriko amabwirizwa. Vyari vyanditseko ku mpande zompi, imbere n’inyuma.
16 The tablets were the work of our Father; the writing was the writing of our Father, engraved on the tablets. Ivyo bisate ni Imana yari yabitunganije, kandi amajambo yariko yari inyandiko y’Imana, ikorogoshowe kuri vya bisate.
17 When Joshua heard the sound of the people shouting, he told Moses, "That's the sound of war in the camp." Yosuwa yumvise urwamo rwinshi rw’abantu, abarira Mose ati: “Hari urwamo rw’intambara mu makambi yacu.”
18 Moses replied, "Not the sound of victory's shout, nor the sound of defeat's cry—I hear the sound of singing." Mose aramwishura ati: “Ahubwo si urwamo rw’intsinzi, si n’urw’abaneshejwe, jewe numva amajwi y’indirimbo.”
19 As Moses neared the camp and saw the calf and the dancing, his anger flared; he threw the tablets from his hands, shattering them at the base of the mountain. Mose ageze hafi y’ikambi babamwo aca abona ya shuri, abona n’ingene batamba, uburake bwiwe buraziriringa, aca ata vya bisate vy’amabuye hasi musi y’umusozi, biramenagurika bicika ubunywenywe.
20 He took the calf they made, burned it in fire, ground it to powder, scattered it on the water, and made the Israelites drink it. Aca afata ya shuri bari bacuze, arayiturira, arayisya icika ifu, aca ayimijagira mu mazi, ayanywesha Abisirayeli.
21 Moses said to Aaron, "What did this people do to you, that you brought such great sin on them?" Maze abwira Aroni ati: “Mbega aba bantu bakugize iki catumye ubakwegera mu caha kingana gutya?”
22 Aaron said, "Don't be angry, my lord; you know the people are inclined to evil. Aroni yishura ati: “Uburake bwawe ntibunziriringire mwami wanje. Urazi ingene aba bantu babaye nabi.
23 They said to me, 'Make us gods to go ahead of us. This Moses, the man who brought us out of the land of Egypt—we can't say what became of him.' Bambariye bati: ‘Dukorere imana zizotugendera imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye.’
24 I told them, 'Whoever has gold, strip it off.' They gave it to me; I threw it into the fire, and out came this calf." Ni ko kubabwira nti: ‘Abafise amahereni y’inzahabu nibayambure.’ Nuko bampa izo nzahabu nanje ndazivugutira mu muriro, ndabakorera iyo shuri!”
25 Moses saw that the people ran wild, for Aaron had let them run wild, to their enemies' mockery. Maze Mose abona ko abantu ata co birinda na kimwe, kandi ko Aroni yabaretse ngo bakore ivyo bishakiye; gutyo baba bahindutse agatwengo mu maso y’abansi babo.
26 Moses stood at the camp gate and said, "Whoever is for our Father, come to me!" All the Levites gathered around him. Ni ko guhagarara mu rwinjiriro rw’aho bari bacumbitse, avuga ati: “Uwuri ku ruhande rw’Uhoraho aze aho ndi.” Maze Abalewi bose bakoranira aho ari.
27 He said to them, "This is what our Father says: Strap your sword to your side, each of you. Go back and forth through the camp, gate to gate, and kill your brother, your friend, your neighbor." Aca avuga ati: “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Umugabo wese muri mwebwe afate inkota. Musubire mu nsago kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi. Mwice uwo musangayo wese, yaba mwenewanyu, umugenzi canke umubanyi wanyu.’ ”
28 The Levites did as Moses commanded, and that day about 3,000 of the people fell. Abalewi babigenza nk’uko Mose yabibabwiye, uwo musi hapfa abantu nk’ibihumbi bitatu.
29 Moses said, "Today you set yourselves apart for our Father, each at the cost of his son and brother, so he might bless you today." Maze Mose avuga ati: “Uwu musi muritoranije mwebwe nyene kugira ngo mukorere Uhoraho, kuko mwumviye, mukica n’abana banyu na benewanyu. Uwu musi Uhoraho abahaye umugisha.”
30 The next day Moses told the people, "You have sinned greatly. Now I will go up to our Father—perhaps I can atone for your sin." Bukeye Mose abarira abantu ati: “Mwakoze icaha gihambaye. Ariko ngira nduge aho Uhoraho ari, hari aho yonyemerera nkabatangira impongano.”
31 Moses returned to our Father and said, "Oh, this people has sinned greatly, making themselves gods of gold. Maze Mose asubira aho Uhoraho ari, aramubwira ati: “Uhoraho we, aba bantu bakoze icaha gikomeye. Bicuriye imana mu nzahabu.
32 Now, if you'll forgive their sin—if not, blot me, please, out of the book you wrote." Ariko noneho ndakwinginze ubaharire icaha cabo, atari uko na ho uhanagure izina ryanje mu gitabu wanditse.”
33 But our Father told Moses, "I will blot out of my book whoever has sinned against me. Uhoraho yishura Mose ati: “Oya, uwancumuyeko ni we nzohanagura izina ryiwe mu gitabu canje.
34 Go, lead the people where I told you; my angel will go before you. But on the day I settle accounts, I will charge them with their sin." None rero manuka, ujane abantu hamwe nababwira, umumarayika wanje azobaja imbere. Ariko igihe co kubahana nicagera, nzobahanira icaha cabo.”
35 Then our Father struck the people with plague because of what they did with the calf that Aaron made. Uhoraho ateza icago abo bantu, kuko basenze iyo shuri Aroni yabacuriye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]