Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 33 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Moses, "Leave here, you and the people you brought up out of Egypt, for the land I swore to Abraham, Isaac, and Jacob: I will give it to your offspring. Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Nimuve ngaha mugende mwe n’abantu wakuye muri Egiputa, muje mu gihugu nasezeraniye Aburahamu, Isaka na Yakobo, ico nabasezeraniye ndababwira nti: ‘Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwanyu.’
2 I will send an angel before you and drive out the Canaanites, Amorites, Hittites, Perizzites, Hivites, and Jebusites. Ndabaha umumarayika abaje imbere, kandi nzokwirukana Abanyakanani, Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi.
3 Go up to a land flowing with milk and honey, but I won't go up among you, for you're a stubborn people, and I might destroy you on the way." Haguruka mugende muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki. Ariko jewe sinzojana namwe, kuko muri ubwoko bw’intagondwa kandi bw’abagarariji, nohava ndabamarira mu nzira.”
4 When the people heard this distressing news, they mourned, and no one put on their jewelry. Abantu bumvise ayo majambo ateye ubwoba baca batangura kuboroga, bambura ivyo bari bambaye vyose vyo kwishariza.
5 For our Father told Moses, "Say to Israel's people: You are a stubborn people. If I went among you for one moment, I would destroy you. Now remove your ornaments, so I can decide what to do with you." Uhoraho yari yabwiye Mose ati: “Bwira Abisirayeli uti: ‘Muri ubwoko bw’intagondwa kandi bw’abagarariji. Hamwe nojana namwe n’akanya na gatoya nobahonya. Nimwiyambure ivyo bisharizo vyanyu vyose vy’amahereni n’impuzu, mu gihe nciyumvira ico ndi bubagire.’ ”
6 So the people of Israel stripped off their jewelry from Mount Horeb onward. Nuko Abisirayeli biyambura ibisharizo vyabo vyose kuva bakiva ku musozi Horebu, ntibasubira kuvyambara.
7 Moses would take the tent and pitch it outside the camp, far from the camp, calling it the tent of meeting. Everyone seeking our Father would go out to the tent of meeting, outside the camp. Mose yama afata rya hema akarishinga hirya gatoya y’aho bacumbitse, akaryita Ihema ry’Ibonaniro. Uwufise ico asaba Uhoraho wese yaca aja kw’Ihema ry’Ibonaniro inyuma y’aho bacumbitse.
8 Whenever Moses went out to the tent, all the people rose and stood, each at his tent's entrance, watching Moses until he entered. Igihe cose Mose yava aho bacumbitse agiye mw’Ihema ry’Ibonaniro, abantu bose baca bahaguruka bakaja guhagarara ku rwinjiriro rw’amahema yabo, bakihweza Mose gushika yinjiye muri rya Hema.
9 Whenever Moses entered the tent, the pillar of cloud descended, stood at the entrance, and our Father spoke with Moses. Mose yinjiye muri iryo Hema, inkingi y’igicu yaca yururuka igahagarara mu rwinjiriro rwaryo mu gihe Uhoraho yaba ariko aravugana na Mose.
10 When all the people saw the pillar of cloud standing at the tent entrance, they would rise and worship, each at his own tent entrance. Igihe cose abantu babona ico gicu cururutse kigahagarara ku rwinjiriro rw’Ihema, baca bahaguruka bagasenga, umwe wese agahagarara mu muryango w’ihema ryiwe.
11 So our Father would speak to Moses face to face, as one speaks with a friend. Moses would return to camp, but his young servant Joshua son of Nun would not leave the tent. Uhoraho yavugana na Mose amaso mu yandi, nk’uko umuntu avugana na mugenziwe. Mose yaraheza akagaruka aho baba bacumbitse, ariko umusore Yosuwa mwene Nuni yari asanzwe amufasha, we yaguma mw’Ihema.
12 Moses said to our Father, "Look, you tell me, 'Bring up this people,' but you haven't told me whom you'll send with me. Yet you said, 'I know you by name, and you have also found favor in my sight.' Umusi umwe Mose abarira Uhoraho ati: “Uhoraho we, wambwiye uti: ‘Twara abo bantu bawe,’ ariko ntiwigeze umbarira uwo uturungikanye. Wambwiye uti: ‘Ndakuzi mw’izina kandi wagiriwe ubuntu mu nyonga zanje.’
13 Now, if I have found favor in your eyes, please show me your ways, so I may know you and keep finding favor in your eyes. Remember too—this nation is your people." None nimba nagiriwe ubuntu mu nyonga zawe, nyigisha inzira zawe kugira ngo ndakumenye, nze name ngirirwa ubuntu mu nyonga zawe. Kandi wibuke ko ubu bwoko ari abantu bawe.”
14 And he said, "My presence will go with you, and I will give you rest." Uhoraho aramwishura ati: “Nzojana namwe kandi nzoguha akaruhuko.”
15 Moses said to him, "If your presence doesn't go with us, don't bring us up from here. Maze Mose aramubwira ati: “Nutajana natwe, ntuturungike ngo tuve ngaha.
16 How else will it be known that I have found favor with you, I and your people? Isn't it by your going with us, so we are set apart, I and your people, from every other people on the face of the earth?" Mbega abantu bazomenya gute ko tuguhimbaye, jewe n’abantu bawe utajanye natwe? Canke ni igiki kizotandukanya twebwe abantu bawe n’ayandi mahanga yo kw’isi?”
17 And our Father said to Moses, "This very thing you have asked I will do, for you have found favor in my sight, and I know you by name." Uhoraho yishura Mose ati: “Nzokora ivyo unsavye vyose kuko wagiriwe ubuntu nkakumenya mw’izina.”
18 Then Moses said, "Please show me your glory." Mose na we avuga ati: “None rero nyereka ubwiza bwawe.”
19 He said, "I will make all my goodness pass before you and proclaim my name before you. I will be gracious to whom I will be gracious, and show compassion on whom I will show compassion." Uhoraho aramwishura ati: “Nzocisha ubwiza bwanje bwose imbere yawe, nongere mvugire izina ryanje, Uhoraho, imbere yawe. Kuko nzogirira imbabazi uwo nzohitamwo kuzigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nzohitamwo kuzigirira.
20 But he said, "You cannot see my face, for no one may see me and live." Ariko ntuzombona mu maso kuko ata muntu yabonye mu maso hanje ngo abandanye abaho.”
21 And our Father said, "There is a place beside me; you will stand on the rock, Uhoraho aramubwira ati: “Hagarara ku gitandara aha hafi yanje.
22 while my glory passes by, I will put you in a rock crevice and cover you with my hand until I have passed by. Ubwiza bwanje nibwarengana, nzokunyegeza mu kanogo ko kuri ico gitandara, nongere ndagupfukishe ikiganza canje gushika ndenganye.
23 Then I will remove my hand, and you will see my back; my face will not be seen." Nzoheza nkureho ikiganza maze umbone ubw’inyuma, kuko mu maso hanje ata wushobora kuhabona.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]