Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The words of the Teacher, son of David, king in Jerusalem. Amajambo y’umusiguzi, mwene Dawidi, umwami w’i Yerusalemu:
2 "Utterly fleeting," says the Teacher, "utterly fleeting! Everything is fleeting." “Ni ubusa! Ni ubusa!” Ni ko umusiguzi avuga. “Ni ubusa gusa! Vyose ni ubusa.”
3 What does a person gain from all the labor at which they toil under the sun? Umuntu yunguka iki mu butame bwiwe bwose, mu bikorwa vyose akorera musi y’izuba?
4 A generation goes, and a generation comes, but the earth remains forever. Urunganwe ruraza urundi rukagenda, ariko isi igumaho ibihe vyose.
5 The sun rises and the sun sets, and hurries back to the place where it rises. Izuba riraseruka bwije rikarenga, hanyuma rikihutira gusubira iyo riserukira.
6 The wind blows to the south and turns to the north; round and round it goes, ever returning on its circuits. Umuyaga uhuha uja mu bumanuko, hanyuma ugahindukirira mu buraruko, ukagenda uzunguruka, ukama usubiramwo inzira yawo.
7 All the streams run to the sea, yet the sea is never full; the streams return to their source and flow again. Inzuzi zose zitemba zija mu kiyaga, ariko ikiyaga nticigera cuzura. Aho za nzuzi zatanguriye, ni ho amazi asubira.
8 All things are wearisome, more than anyone can express; the eye is not satisfied with seeing, nor the ear filled with hearing. Ibintu vyose biraruhisha, kurusha uko umuntu yobivuga. Ijisho ntirihaga kuraba, n’ugutwi ntiguhaga kwumva.
9 What has been is what will be, and what has been done is what will be done; there is nothing new under the sun. Icabayeho kizosubira kubaho, icakozwe kizokwongera gukorwa; nta gishasha musi y’izuba.
10 Is there anything anyone can point to and say, "Look, this is new"? It was already here, in the ages before us. Hoba hariho na kimwe umuntu yovuga ati: “Raba, iki ni gishasha”? Carabayeho, kera muri kahise; cariho imbere yacu.
11 There is no remembrance of those who came before, and even those yet to come will not be remembered by those who follow them. Nta kwibuka ivyabaye kera, kandi n’ibizoba muri kazoza ntibizokwibukwa n’abazoza inyuma yavyo.
12 I, the Teacher, was king over Israel in Jerusalem. Jewe, umusiguzi, nari umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu.
13 I gave my heart to seek and explore by wisdom all that is done under heaven—a miserable task God has given mankind to struggle with. Nafashe ingingo yo kwiyegurira kwiga no kurondera kumenya nkoresheje ubwenge mu bintu vyose biri musi y’izuba. Ni umutwaro uremereye Imana yaremetse abantu!
14 I saw all the deeds done under the sun, and look—it is all fleeting, a chasing after wind. Nabonye ibintu vyose bikorerwa musi y’izuba ari ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
15 What is crooked cannot be made straight, and what is lacking cannot be counted. Icagoramitswe ntigishobora kugororwa; ikibuze ntigishobora guharurwa.
16 I told myself, "Look, I have grown great and gained more wisdom than all who ruled Jerusalem before me; my heart has seen much wisdom and knowledge." Nariyumviriye muri jewe nti: “Raba, nararonse kandi naragwije ubwenge kurusha abatwaye i Yerusalemu imbere yanje; kandi nagize ubwenge bwinshi no gutahura kwinshi.”
17 I set my mind to know wisdom, and madness and foolishness; I learned this too is a chasing after the wind. Maze nca mfata ingingo yo kwiga ngo menye ivy’ubwenge, ivy’ubusazi n’ivy’ubupfu, ariko natahuye ko n’ivyo na vyo nyene ari ukwiruka inyuma y’umuyaga.
18 For with much wisdom comes much grief, and the more knowledge, the more sorrow. Kuko kugira ubwenge bwinshi bizanana n’umubabaro mwinshi; kandi uko umuntu yongereza ubumenyi ni ko yongereza imibabaro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]