Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In my heart I said, "Come, I'll test you with pleasure; enjoy what's good." But this too was fleeting. Niyumviriye mu mutima wanje nti: “Hinge ndawugeragereshe ibihimbaro kugira ngo menye ivyiza ivyo ari vyo.” Ariko na vyo nyene nasanze ari ubusa.
2 I said of laughter, "It is madness," and of pleasure, "What does it accomplish?" Naravuze nti: “Ugutwenga ni ubupfu. Kandi ibihimbaro bimara iki?”
3 I explored in my heart how to cheer my body with wine—my heart still guiding me with wisdom—and to grasp foolishness, until I might see what is good for people to do under heaven the few days of their lives. Nagerageje kwinezeresha umuvinyu, ngo nifatanye n’ubupfu ariko ngume ndongorwa n’ubwenge muri jewe. Ivyo nakoze nshaka kumenya ikibereye abantu bokorera musi y’ijuru mu misi mike y’ukubaho kwabo.
4 I undertook great works. I built houses for myself and planted vineyards. Nagize imigambi ihambaye: Niyubakiye amazu ntera imizabibu.
5 I made myself gardens and parks, and planted in them all kinds of fruit trees. Narimye imirima y’ivyamwa minini na mitoya ndayiteramwo ibiti vy’ubwoko bwose bw’ivyamwa.
6 I made myself pools of water to irrigate a forest of growing trees. Nimvye ibinogo vyo kubikamwo amazi yo kuvomera imivyaro y’ibiti.
7 I bought male and female slaves, and had home-born slaves too. I owned larger herds and flocks than anyone before me in Jerusalem. Naguze abagurano n’abaguranokazi nongerako n’abandi bagurano abahungu n’abakobwa babo bavukiye mu nzu iwanje. Kandi nari ntunze amasho n’imikuku kurusha abantu bose b’i Yerusalemu banyitangiye imbere.
8 I gathered for myself silver and gold, the treasure of kings and provinces. I got male and female singers, and men's delights—many concubines. Nironkeye ifeza n’inzahabu, n’ubutunzi bw’abami n’abarongoye intara. Nironkeye abaririmvyi b’abagabo n’abagore, hamwe n’abahabara benshi, ngira ibihimbaro umutima w’umugabo wese wipfuza.
9 So I became great, greater than all before me in Jerusalem; and my wisdom stayed with me. Nabaye agahambaye kuruta abanyitangiye imbere b’i Yerusalemu. Muri ivyo vyose ubwenge bwanje bwagumanye nanje.
10 Whatever my eyes wanted I did not withhold. I refused my heart no joy, for my heart delighted in all my work, and this was my reward for all my work. Ikintu cose amaso yanje yipfuje sinakiyimye; umutima wanje sinawimye igihimbaro na kimwe. Umutima wanje wanezererewe igikorwa canje cose, kandi iyo ni yo ngero y’ubutame bwanje bwose.
11 Then I surveyed all my hands had done and the toil I spent doing it, and it was all fleeting, chasing wind; nothing was gained under the sun. Ariko ndavye ivyo amaboko yanje yakoze n’ivyo nacumukuriye, nasanze vyose ari ubusa, ari ukwiruka inyuma y’umuyaga; nta na kimwe umuntu yunguka musi y’izuba.
12 So I turned to consider wisdom, madness, and foolishness. For what can the king's successor do? Only what has already been done. Maze mpindukiza ivyiyumviro vyanje ngo ndabe ubwenge, n’ubusazi mbere n’ubupfu. None uwuzosubira ku ngoma y’umwami yokora iki kindi atari icamaze gukorwa?
13 I saw that wisdom has more gain than foolishness, as light has more than darkness. Nasanze ubwenge buruta ubupfu, nk’uko umuco uruta umwijima.
14 The wise person has eyes in his head, but the fool walks in darkness. And yet I perceived that the same fate befalls them all. Umunyabwenge afise amaso mu mutwe wiwe, ariko igipfu kigendera mu mwiza; ariko nasanze bompi ikibarindiriye ari kimwe.
15 Then I thought, "The fool's fate is mine too. So why have I been so very wise?" And I decided this too is fleeting. Hanyuma ndiyumvira mu mutima wanje nti: “Iherezo ry’igipfu nanje nyene rirandindiriye. None nunguka iki mu kuba umunyabwenge?” Nibwiye mu mutima wanje nti: “N’ibi na vyo ni ubusa.”
16 The wise, like the fool, will not be remembered for long; in days to come both are forgotten. How the wise die just like fools! Kuko umunyabwenge, mbere n’igipfu, ntazokwibukwa; uko imisi ihera, bompi bazokwibagiranwa. Nk’uko bigenda ku gipfu, umunyabwenge na we nyene azopfa!
17 So I hated life, because the work done under the sun grieved me; it is all fleeting, a chasing after wind. Ni co catumye nanka ubuzima, kuko igikorwa gikorerwa musi y’izuba ari kibi ku bwanje. Vyose ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
18 I hated all my labor under the sun, since I must leave it to the one after me. Nanse ibintu vyose vyo mu butame bwanje musi y’izuba, kuko nzobisigarana uwuzoza mu nyuma zanje.
19 Who knows if he will be wise or a fool? Yet he will control all I worked for with my wisdom under the sun. This too is fleeting. Kandi ni nde azi nimba azoba ari umunyabwenge? Ariko ni we azoganza ivyo nakoresheje inkomezi zanje n’ubwenge bwanje musi y’izuba. N’ivyo ni ubusa.
20 So I gave my heart up to despair over all the toil I labored at under the sun. Nuko umutima wanje watanguye kwihebura ku bw’ibikorwa biruhije nakoreye musi y’izuba.
21 One may work with wisdom, knowledge, and skill, yet must leave it all to be enjoyed by someone who never worked for it. This too is fleeting, a great evil. Kuko umuntu ashobora gukoresha igikorwa ubwenge, ubumenyi n’ubuhinga, maze agasigarana ivyiwe vyose uwutabiruhiye. N’ibi na vyo ni ubusa kandi ni ikibi gikomeye.
22 What does a person gain from all the toil and striving of heart he labors at under the sun? Umuntu yunguka iki mu butame n’umwitwarariko yagize musi y’izuba?
23 All his days bring sorrow, his work grief; even at night his mind gets no rest. This too is fleeting. Imisi yose y’ubutame bwiwe ni umubabaro n’amaganya; no mw’ijoro umutima wiwe nturuhuka. N’ibi na vyo ni ubusa.
24 Nothing is better for a person than to eat, drink, and enjoy his work. This too, I saw, is from God's hand, Nta co umuntu ashobora gukora kiruta kurya n’ukunywa no kunezerererwa igikorwa ciwe. N’iki na co, ndabona ko kiva mu kiganza c’Imana,
25 for apart from him, who can eat or who can find enjoyment? kuko itarimwo, ni nde yorya akanezerwa?
26 God gives wisdom, knowledge, and joy to the person who pleases him, but to the sinner he gives the work of gathering and collecting, only to hand it to one who pleases God. This too is fleeting, chasing wind. Ku wuyihimbaye, Imana itanga ubwenge, ukumenya n’umunezero, ariko iha umunyavyaha igikorwa co kwegeranya no kurundanya ubutunzi kugira ngo aze abihe uwuhimbara Imana. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]