Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 34 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Urupfu rwa Mose

1Nuko Mose aduga ku musozi Nebo avuye mu kiyaya c’i Mowabu, aja kw’isonga rya Pisiga, aharabana na Yeriko. Ahagaze aho, Uhoraho amwereka ca gihugu cose, kuva i Gileyadi gushika i Dani, 2intara yose ya Nafutali, iya Efurayimu n’iya Manase, intara yose ya Yuda ishika ku Kiyaga Mediterane, 3abona Negebu n’intara yose iva mu kiyaya ca Yeriko igaca mu gisagara c’ibigazi igashika i Zowari. 4Uhoraho abarira Mose ati: “Ico ni co gihugu nasezeranishije indahiro Aburahamu na Isaka na Yakobo, igihe navuga nti: ‘Nzogiha uruvyaro rwanyu.’ Nakuretse ngo ukiboneshe amaso yawe, ariko ntuzojabuka ngo ucinjiremwo.”

5Maze Mose umusavyi w’Uhoraho aca apfira aho i Mowabu, nk’uko Uhoraho yari yarabivuze. 6Amuhamba i Mowabu, mu kiyaya kirabana n’i Beti-Peyori, ariko gushika n’ubu nta wuzi aho imva yiwe iherereye. 7Mose yapfuye amaze imyaka ijana na mirongo ibiri, ariko amaso yiwe yari akibona neza, kandi yari agifise inkomezi yamanye. 8Maze Abisirayeli bagandarira Mose imisi mirongo itatu mu kiyaya ca Mowabu, gushika ikiringo co kugandara giheze.

9Ico gihe Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubwenge, kuko Mose yari yamurambitseko ibiganza. Maze Abisirayeli baramwumvira, bagakora ivyo Uhoraho yari yarategetse Mose vyose.

10Kuva ico gihe, nta muvugishwa yasubiriye kubaho muri Isirayeli yangana na Mose, uwibonanira n’Uhoraho amaso mu yandi, 11uwakoze ibimenyetso n’ibitangaza nk’ivyo Uhoraho yatumye Mose gukora muri Egiputa, kuri Farawo no ku batware biwe, no ku gihugu cose. 12Nta n’umwe yigeze akora ibikorwa bikomeye kandi biteye ubwoba nk’ivyo Mose yakoreye mu maso y’Abisirayeli bose.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]