Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Observe the month of Abib and keep Passover to your Father, for in the month of Abib your Father brought you out of Egypt by night. Mu kwezi kwa Abibu, muzohore muhimbaza Pasika y’Uhoraho Imana yanyu, kuko muri ukwo kwezi kwa Abibu ari ho Uhoraho yabakuye muri Egiputa, hakiri mw’ijoro.
2 Sacrifice the Passover to your Father from flock and herd, at the place your Father chooses to settle his name there. Muzoshikanire ibimazi vya Pasika Uhoraho Imana yanyu mukuye mu bitungwa no mu mikuku vyanyu, mubimushikanire muri ca kibanza Uhoraho azoba yaratoranije ngo habe Izina ryiwe.
3 Eat no leavened bread with it. For seven days eat unleavened bread with it—the bread of affliction—because you left the land of Egypt in haste, so you remember the day you left the land of Egypt as long as you live. Ntimuzorye imikate irimwo umwambiro, ariko muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, ni yo mikate y’imibabaro, kuko mwavuye muri Egiputa mwihuta, kugira ngo mu buzima bwanyu muzokwame mwibuka igihe mwaviriye muri Egiputa.
4 Let no yeast be found in all your territory for seven days; none of the meat you sacrifice on the evening of the first day may remain until morning. Ntihaze hagire umwambiro uba mu vyo mutunze mu gihugu canyu muri iyo misi ndwi. Ntihaze hagire inyama z’ibimazi vyanyu zirara ngo zishike mu gitondo.
5 You may not sacrifice the Passover within any of your towns that your Father is giving you, Ntimuze mupfe igisagara mushikaniyemwo ibimazi vya Pasika mu bisagara Uhoraho Imana yanyu yabahaye,
6 but at the place your Father will choose to make his name dwell, sacrifice the Passover there—in the evening, at sunset, the time you left Egypt. kiretse muri ca kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaritoranirije ngo habe izina ryiwe. Aho ni ho muzoshikanira ibimazi vya Pasika ku mugoroba, izuba rirenze, mwibuka umusi mwaviriyeko muri Egiputa.
7 Cook it and eat it where your Father chooses, then turn in the morning and go to your tents. Muze muteke inyama z’ico gitungwa muzirire muri ico kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije, bukeye muheze musubire mu mahema yanyu.
8 Eat bread without yeast six more days; on the seventh day, gather in solemn assembly to your Father—do no work. Muzomare imisi itandatu murya imikate itarimwo umwambiro, ku musi ugira indwi na ho muzogire ikoraniro imbere y’Uhoraho Imana yanyu, kandi ntimuze mugire igikorwa muwukorako.
9 Count seven weeks for yourself; begin counting seven weeks from when the sickle first enters the standing grain. Muzoharure amayinga indwi uhereye ku musi mwatanguriyeko kugenya ingano mukoresheje urukero mu gihe co kwimbura,
10 Keep the Feast of Weeks to your Father: a voluntary offering from your hand, proportioned to your Father's blessing. muheze muhimbaze umusi mukuru w’amayinga mu guha icubahiro Uhoraho Imana yanyu, mumushikanire amashikanwa avuye ku mitima ikunze kubera imigisha azoba yarabahaye.
11 You are to rejoice before your Father—you, your son, your daughter, your male and female servants, the Levite in your towns, the foreigner, the fatherless, and the widow among you—at the place your Father chooses to settle his name there. Muzoheze munezerererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu muri muri ca kibanza azoba yaratoranije kugira habe Izina ryiwe, mwe n’abana banyu, abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa, Abalewi bazoba baba muri mwebwe, abanyamahanga, n’impfuvyi n’abapfakazi bazoba bari muri mwebwe.
12 Remember you were a slave in Egypt, and carefully keep these statutes. Muzokwame mwibuka ko mwabaye abagurano muri Egiputa, maze muheze mukurikize neza aya mategeko yose.
13 Celebrate the Feast of Booths seven days, when you gather in from your threshing floor and your winepress. Muze mwame muhimbaza imisi mikuru y’insago, mumare imisi indwi muyihimbaza, mumaze kwegeranya ivyimburwa ku bivuye ku mbuga zo gukubitirako ingano no ku mivinyu yanyu.
14 Rejoice at your feast—you, your son, your daughter, your male servant, your female servant, the Levite, the foreigner, the fatherless, and the widow in your towns. Muzonezerererwe iyo misi mikuru, mwe n’abana banyu, abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa, Abalewi, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi bazoba baba mu bisagara vyanyu.
15 Keep the feast to your Father seven days, at the place he chooses, because he will bless you in all your produce and all your hands' work—so that you will be altogether joyful. Muze mumare imisi indwi muhimbaza iyo misi mikuru mwibuka Uhoraho Imana yanyu, mumuhimbariza mu kibanza Uhoraho azoba yitoranirije. Kuko Uhoraho Imana yanyu azoba yabahezagiriye indimiro zanyu, agahezagira n’ibikorwa vyose vy’amaboko yanyu.
16 Three times a year all your men are to appear before your Father at the place he chooses: the Feast of Unleavened Bread, the Feast of Weeks, and the Feast of Booths. And they are not to appear before him empty-handed. Abagabo bose bo muri mwebwe bazoze imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu ku mwaka, mu kibanza Uhoraho azoba yaratoranije. Aho na ho hazoba ari ku musi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, mu misi mikuru y’amayinga, no mu misi mikuru y’insago. Ntihaze hagire umuntu azoja imbere y’Uhoraho ata co atwaye.
17 Each man gives according to his hand's gift, according to the blessing your Father gave you. Umwe wese azogende atwaye ishikanwa rihwanye n’uko Uhoraho Imana yanyu azoba yaramuhezagiye.
18 Appoint judges and officers in every town your Father gives you, tribe by tribe, to judge the people with just judgment. Muze mutore abacamanza n’abatware mu miryango yose no mu bisagara vyose Uhoraho Imana yanyu abahaye, baze bacire abantu imanza zibereye.
19 Do not twist justice, do not show favoritism, do not take a bribe—for a bribe blinds the eyes of the wise and twists the words of the righteous. Ntimuze muce izigoramye canke ngo mugire nkunzi. Ntimuzorye ibiturire, kuko bihuma amaso abanyabwenge, bikagoramika amajambo y’intungane.
20 Pursue justice, only justice, so you may live and possess the land your Father gives you. Muze mukurikire kugira ubutungane, kandi ubutungane bw’ukuri, kugira ngo mubone kubaho no kwegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
21 Do not plant for yourself any tree as an Asherah beside the altar of your Father that you build. Ntihaze hagire inkingi n’imwe ya Ashera muzoshinga i ruhande y’aho muzoba mwubatse igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu.
22 And you shall not set up for yourself a sacred pillar, which your Father hates. Ntimuze mushinge n’amabuye, kuko ivyo ari igisesema k’Uhoraho Imana yanyu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]