Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At the end of every seven years you are to grant a release of debts. Uko imyaka indwi irangiye, uze uhebere imyenda abayigufitiye.
2 This is the release: every creditor cancels the loan to his neighbor. He must not collect from his neighbor or brother, because your Father has proclaimed a release. Uku ni ko bikwiye kugenda: Uwaguranye mugenziwe w’Umwisirayeli azomuhebere umwenda wiwe. Ntihazogire uwishuza umubanyi wiwe canke incuti yiwe y’Umwisirayeli, kuko igihe c’Uhoraho co guheberanira imyenda kizoba cageze.
3 You may require payment from a foreigner, but release your brother from what he owes you. Uzokwishuze abanyamahanga, ariko benewanyu b’Abisirayeli uzobahebere imyenda bagufitiye.
4 Yet there need be no poor among you, for your Father will surely bless you in the land your Father gives you to possess as an inheritance. Kandi, ntihaze hagire umukene aba muri mwebwe, kuko Uhoraho Imana yanyu azobahezagiza ubutunzi mu gihugu abahaye ngo kibe iragi ryanyu,
5 Only if you truly listen to your Father's voice, carefully keeping this whole command I give you today. nimwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu rwose, mugakurikiza amabwirizwa yose ndabahaye uno musi.
6 For your Father will bless you as he promised you. You will lend to many nations, borrow from none; rule over many nations, none will rule you. Uhoraho Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabisezeranye, muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzoyisaba. Muzoganza amahanga menshi ariko mwebwe nta hangana na rimwe rizobaganza.
7 If one of your brothers is poor in any town in the land your Father is giving you, do not harden your heart or shut your hand against your poor brother. Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abajanyemwo, hanyuma hakagira umukene aba muri mwebwe, ntimuzokomantaze imitima ngo mureke kumusangiza ku vyo muzoba mufise.
8 Rather, open your hand wide to him and freely lend him enough for whatever he needs. Ariko muzopfumbaturure ibiganza, mumugurane ivyo akeneye vyose n’umutima ubikunze kandi mutagoberewe.
9 Be careful not to let a wicked thought fill your heart—'The seventh year, the release year, is near'—turning your eye evil against your poor brother, giving him nothing. He'll cry out to your Father against you, and you'll bear the sin. Ntihaze hagire ivyiyumviro bibi biba mu mitima yanyu, mwibwira muti: “Umwaka w’indwi, ari wo mwaka wo guheberanira imyenda urageze,” hanyuma ngo mureke kugurana benewanyu bari mu bukene, mukareka kubafasha. Azoririra Uhoraho, na we azobona ko mwakoze icaha.
10 Give to him generously, and do not let your heart be grieved when you give to him, because of this your Father will bless you in all your work, everything your hand attempts. Muzobagurane n’umutima ubikunze, ni ho Uhoraho Imana yanyu azohezagira ibikorwa vy’amaboko yanyu.
11 Since the poor will never leave the land, I command you: open your hand wide to your brother, poor and needy, in your land. Hazokwama hariho abakene mu gihugu. Ni co gituma ndababwiye ngo muze mupfumbatururire ibiganza vyanyu benewanyu n’abakene bazoba bari muri mwebwe.
12 If your brother, a Hebrew man or woman, is sold to you and serves you six years, in the seventh year send him away free from you. Nihagira Umuheburayo canke Umuheburayokazi yigurisha kuri mwebwe nk’umugurano akabakorera imyaka itandatu, ku mwaka ugira indwi muzomurekure yidegemvye.
13 And when you set him free, you shall not send him away empty-handed. Kandi nimwamurekura, ntimuzomurungike iminwe misa.
14 Supply him freely from your flock, threshing floor, and winepress, as your Father has blessed you. Muzomutekerere bimwe mu bitungwa vyanyu, ku vyimburwa bivuye ku mbuga zo gukubitirako ingano no ku mivinyu yanyu. Muzomutekerere bivanye n’uko Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahezagiye.
15 Remember you were a slave in the land of Egypt; your Father redeemed you—that's why I command you this today. Muze mwibuke ko namwe mwabaye abagurano muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akabacungura. Ni co gutuma nanje ndabahaye iri bwirizwa uwu musi.
16 But if he says to you, 'I won't leave you,' because he loves you and your household, thriving with you, Ariko umugurano wawe niyakubwira ati: “Singomba kuvana nawe,” kuko agukunda wewe n’umuryango wawe, kandi akaba amererewe neza iwawe,
17 then take an awl and pierce it through his ear into the door; he becomes your servant forever. Do the same for your female servant. uzofate icuma umutobore ugutwi ahagaze mu muryango w’inzu, hanyuma abe umugurano wawe ubuzima bwiwe bwose. Uzobikore gutyo no ku mugurano w’umukobwa.
18 Don't think it hard to free him—his six years were worth double a hired hand's wages. Your Father will bless you in all you do. Kurekura umugurano wanyu ntuze ubifate nk’amananiza, kuko ibikorwa azoba yagukoreye muri iyo myaka itandatu bizoba bisumba kabiri ivyo umukozi uhemba yogukorera, kandi Uhoraho Imana yawe azohezagira ibikorwa vy’amaboko yawe.
19 Dedicate every firstborn male of your herd and flock to your Father. Don't work the herd's firstborn or shear the flock's firstborn. Muzokwegurire Uhoraho Imana yanyu amashuri y’uburiza azovuka ku bitungwa n’imikuku vyanyu. Ntimuze mwigere murimisha ishuri nk’iyo kandi ntimuze mumwe impfizi z’intama zanyu.
20 Each year you and your household will eat it before your Father where your Father chooses. Uko umwaka utashe umuntu wese hamwe n’umuryango wiwe muzoje murayarira imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yaratoranije.
21 But if it has a defect, lame or blind, any serious flaw, don't sacrifice it to your Father. Hamwe igitungwa coba gifise agasembwa, gihumye canke gicumbagira, ntimuzogitangeko ikimazi c’Uhoraho Imana yanyu.
22 Eat it in your towns, unclean and clean together, like gazelle or deer. Ahubwo muzokirire mu bisagara vyanyu, abahumanye n’abadahumanye barashobora kukirya, nk’aho yoba ari ingeregere canke impongo.
23 Only you must not eat its blood; pour it out on the ground like water. Ariko ntimuze murye amaraso yaco. Amaraso yaco muzoyasese nk’amazi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]