Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Darius appointed 120 satraps over the kingdom, stationed throughout the whole kingdom, Umwami Dariyusi, atoranya abatware ijana na mirongo ibiri, umwe wese amuha intara atwara,
2 and three officials over them, one of them Daniel, so the satraps would answer to them and the king lose nothing. abo na bo abaha abakuru batatu bo kubarongora, umwe muri abo batatu akaba yari Daniyeli. Abo batware bategerezwa kwereka abo bakuru batatu ingene bakoze akazi kabo, kugira ngo barabe ntihagire ikintu na kimwe umwami ahomba.
3 Daniel outshone the administrators and satraps, because an extraordinary spirit was in him, and the king planned to set him over the whole kingdom. Daniyeli akora ibikorwa vyiwe neza kurusha abandi bakuru, n’abatware bose, bituma umwami agira imigabo yo kumwegurira gutwara ubwami bwose.
4 Administrators and satraps sought grounds to charge Daniel over the kingdom, but found none—no corruption—since he was faithful; no negligence or corruption was found in him. Kubera ivyo, abakuru hamwe n’abatware b’intara bagerageza kurondera ikosa bokwagiriza Daniyeli bakuye mu bikorwa akora, ariko bararibura, kuko yari umwizigirwa, akirinda ingurire no kwanjanjwa ku bikorwa.
5 Then these men said, "We'll find no charge against Daniel unless we find one in his God's law." Ni ho abo bagabo bavuga bati: “Nta kirego na kimwe tuzoronka co kwagiriza Daniyeli, kiretse tukirondeye mu bijanye n’ivyagezwe vy’Imana yiwe.”
6 So the administrators and satraps went together to the king and said, "King Darius, live forever! Abo bakuru hamwe n’abatware, baragenda, babwira umwami bati: “Nyaguhoraho, mwami Dariyusi!
7 All the kingdom's administrators, prefects, satraps, counselors, and governors agreed the king should issue a royal statute and firm decree: whoever petitions any god or man but you, king, for thirty days, will be thrown into the lions' den. Twebwe twese abakuru, abatware, abahanuzi, n’abakuru b’intara bose, twahuje inama yo kugusaba ngo ushireho itegeko ribuza umuntu wese gusubira gusenga iyindi mana n’imwe canke uwundi muntu n’umwe atari wewe, kumara imisi mirongo itatu. Uwuzobikora wese, azoce atererwa mu rwobo rurimwo intare.
8 Now, king, issue the decree and sign it in writing, unalterable, under the law of the Medes and Persians, which cannot be revoked. None rero Nyeningoma, bategure iryo tegeko, hanyuma urishireko umukono kugira ngo ntirize rihinduke, kurya nyene amategeko y’Abamedi n’Abaperesi adahinduka.”
9 So King Darius signed the document and the ordinance." Nuko umwami Dariyusi yemeza iryo tegeko yongera arishirako umukono wiwe.
10 Learning the decree was signed, Daniel went home to his upstairs room, windows open toward Jerusalem, knelt three times daily, and prayed, giving thanks before his Father as always. Ariko, Daniyeli yumvise ko iryo tegeko ryashinzwe, aca aja i muhira iwe, yurira mu cumba ciwe co hejuru, yugurura amadirisha atumbereye i Yerusalemu. Arapfukama arasenga, gatatu ku musi nk’uko yamenyereye, ashimira Imana yiwe.
11 Then these men came together and found Daniel praying and pleading for mercy before his Father. Maze ba batware bagenda ari umugwi baja kwa Daniyeli, basanga ariko arasenga asaba Imana ngo imutabare.
12 They approached the king about the decree: "Did you not sign a decree that for thirty days, anyone petitioning any god or man except you, king, would be thrown into the lions' den?" The king answered, "The matter stands, by the law of the Medes and Persians, unchangeable." Baca bagenda ubwo nyene ku kirimba kuraba umwami, bamwibutsa itegeko yashinze, bati: “Nyeningoma, burya ntiwashinze itegeko rivuga ko mu misi mirongo itatu ata muntu yemerewe gusenga iyindi mana canke uwundi muntu, atari wewe, kandi ko uwuzorirenga azoca atererwa mu rwobo rurimwo intare?” Umwami arabishura ati: “Egome, ni ko biri, kandi ni itegeko ry’Abamedi n’Abaperesi ridashobora guhinduka.”
13 They told the king, "Daniel, one of Judah's exiles, ignores you, king, and your signed decree—praying three times daily." Baca babwira umwami bati: “Daniyeli, umwe mu baje ari inyagano bavuye i Buyuda, ntakwubaha kandi ntiyubahiriza n’iryo tegeko ryawe. Akomeza gusenga Imana yiwe gatatu ku musi.”
14 Hearing this, the king was deeply troubled, determined to save Daniel, and worked until sunset to rescue him. Umwami amaze kwumva ivyo, aca arababara cane, aca agira ishaka ryo gutabara Daniyeli, agerageza uko ashobora kwose kuraba ingene yomukiza kugeza izuba rirenze.
15 Then these men gathered before the king and said, "Know, king: by law of the Medes and Persians, no decree or edict the king issues can be changed." Ku mugoroba, ba bagabo bagenda ari umugwi baja kuraba umwami, baramubwira bati: “Nyeningoma, ibuka ko nk’uko amategeko y’Abamedi n’Abaperesi ameze, ata tegeko umwami yashizeko umukono wiwe rishobora guhindurwa.”
16 Then the king gave the command, and they brought Daniel and threw him into the lions' den. The king said to Daniel, "May your God, whom you serve continually, rescue you." Amaherezo umwami avuga ko bazana Daniyeli bakamuta mu rwobo rw’intare. Umwami aramubwira ati: “Ese, Imana yawe ukorera mu bwizigirwa yokurokora.”
17 A stone was brought, placed over the den's mouth, and sealed by the king with his signet ring and his nobles' rings, so nothing about Daniel could change. Hanyuma, bazana ikibuye kinini co kwugaza umuryango w’urwo rwobo, umwami arushirako ikidodo ciwe n’ic’abanyacubahiro biwe, kugira ngo yemeze ko ata muntu n’umwe yemerewe guhindura ingingo yafashwe ku vya Daniyeli.
18 Then the king went to his palace and fasted that night; no entertainment was brought before him, and sleep fled from him. Kuva ubwo, umwami aca aja ku kirimba iwe, akesha ijoro ryose adafunguye kandi ata kintu na kimwe co kumunezereza yemeye ko bamuzanira, kandi biranka ko asinzira.
19 Then, at the first light of dawn, the king rose and hurried to the den of lions. Hakiri mu mutwenzi, butaraca neza, umwami arazinduka yihutira kuja kuri rwa rwobo rw’intare.
20 Nearing the den, he cried out to Daniel anxiously. The king said to Daniel, "Daniel, servant of the living God, has your God, whom you serve continually, been able to rescue you from the lions?" Ashitse hafi y’urwo rwobo, ahamagara Daniyeli n’ijwi ririmwo umubabaro ati: “Daniyeli, musavyi w’Imana nzima, mbega Imana ukorera mu bwizigirwa, yoba yashoboye kukuzigama intare ntizigire ico zikugira?”
21 Then Daniel said to the king, "King, may you live forever! Daniyeli aramwishura ati: “Nyeningoma mwami, urakaramba!
22 My Father sent his angel and shut the lions' mouths. They haven't harmed me, because I was found innocent before him, and before you, king, I've done no wrong." Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’intare. Nta kintu zangize kuko nabonetse ko ata kibi nakoze imbere yayo, kandi ata n’ico nakoze imbere yawe, Nyeningoma.”
23 The king was overjoyed and ordered Daniel lifted from the den. Daniel was lifted out with no injury at all, for he had trusted in his Father. Umwami aca aranezerwa cane, atanga itegeko ngo bamukure muri urwo rwobo rw’intare. Kandi bamaze gukura Daniyeli muri ico kinogo, nta n’agakwabu kari ku mubiri wiwe, kuko yizigiye Imana yiwe.
24 The king ordered the men who had falsely accused Daniel brought and thrown into the lions' den—with their children and wives. Before they reached the bottom, the lions overpowered them and crushed all their bones. Hanyuma, umwami aca atanga itegeko ko bafata ba bagabo bagira uwo mugambi wo gutega umutego Daniyeli; barabazana babaterera muri rwa rwobo rw’intare bari kumwe n’abagore babo n’abana babo. Intare zibasamira mu kirere, zibatabagura bataranashika hasi muri rwo, zivunagura amagufa yabo.
25 Then King Darius wrote to all peoples, nations, and languages living on earth: "May your peace overflow! Ivyo biheze, umwami Dariyusi aca arungikira ubutumwa abantu bo mu moko yose n’ihanga ryose n’imvugo yose, baba kw’isi yose ati: “Amahoro no kuroranirwa bibane namwe mwese!”
26 I decree: in all my kingdom, people must tremble and fear before Daniel's God—the living God, enduring forever. His kingdom will never be destroyed; his rule never ends. “Ntanze itegeko ko mu bwami bwanje iyo buva bukagera abantu bose batinya kandi bagaha icubahiro Imana ya Daniyeli. Kuko ni Imana nzima kandi ibaho ibihe bidashira. Ingoma yayo ntizokwigera ikurwaho, kandi inganji yayo ntizokwigera irangira.
27 He rescues and delivers; he works signs and wonders in the heavens and on the earth; he is the one who rescued Daniel from the power of the lions." Iratabara, igakiza abantu bayo; ikora ibimenyetso n’utwumiza mw’ijuru no mw’isi. Yakijije Daniyeli ubushobozi bw’intare.”
28 So this Daniel thrived in the reign of Darius and of Cyrus the Persian. Hanyuma Daniyeli akomeza gutera imbere igihe cose Dariyusi yamaze ku ngoma no ku ngoma ya Kuro umuperesi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]